IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi wiga ibibazo vy’amatati y’amatongo yo muri Buterere ya mbere ugiye (...)

Umurwi wiga ibibazo vy’amatati y’amatongo yo muri Buterere ya mbere ugiye kujaho

vendredi 18 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yasavye ko hajaho umurwi wiga ikibazo c’ibibanza birimwo impari muri zone ya Buterere ya mbere, aho abanyagihugu baba muri ivyo bibanza bavuga ko ari ivyabo, mu gisata kijejwe gutunganya ibisagara bakavuga ko ari ibibanza vya Reta. Muri ivyo bibanza hakaba harimwo kimwe kibamwo abanyagihugu kandi cari categuriwe gushirwamwo ihinguriro.

Mu rugendo yagize kuri uwu wa gatanu muri ivyo bibanza biteye impari, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu , Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko bikwiye ko hojaho umurwi wiga ico kibazo, imbere y’uko uwu mwaka w’2016 uhera, uwo murwi ugategerezwa kuzoba washikirije icegeranyo.

JPEG - 671.1 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Abanyagihugu bavuga ko ivyo bibanza ari ivyabo basabwe kuzana ivyemeza, uwo bazosanga abifise ariko ikibanza arimwo kikaba categuriwe gukorerwamwo umugambi wa Reta, akazoronka umuzibukiro.

Umurwi washizweho ukaba wasabwe ko wotanga ivyiyumviro vy’icokorwa ku bazoba baba muri ivyo bibanza batabifitiye uburenganzira.

Gaston SINDIMWO akaba yasavye ko hatogira amazu y’abantu asubira kwubakwa hafi y’ibibanza vyagenewe gushirwamwo amahinguriro.


IGIHE

Messages

  • KWIYAMBIKA AMARORI GUSA, GUHISHAMASO, NAGIRA NAMWE NTIMURARAMARA

  • abarundi tuzokwa mubibazo gushikaryari mana

  • jewe nifizakuronga akazike kazofasha jewanamugwango ndiwaje kandiakazikeza cane

  • None abanyagihugu bazokwama batunyaga amatongo? Raba namwe, mu Gatunguru Leta yimuye imiryango amajana atandatu ata gashumbusho baronse, nubu birirwa basembereza mu gisagara . None ubu hiyongereye ho abo ku Buterere...tuzoruhuka ryari? Ikintu ciza leta yokora ni ukwubakira abantu hafi yaho itwaye kugira imiryango ireke kuburagizwa.Jewe nosaba ko iyo Leta yogira prioritaire abantu baba aho hantu kuronka ibibanza, kandi itegeko rigenga kunyaga no gushumbusha rigasubirwamwo baravye ibihe turimwo. raba namwe capitale igiye kuja i gitega kandi bahejeje kwomora abantu ngo bubake palais

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.