IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji NTUNZWENIMANA yahagaritse itegeko rya OTRACO

Umushikiranganji NTUNZWENIMANA yahagaritse itegeko rya OTRACO

vendredi 25 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ikete umushikiranganji Jean Bosco NTUNZWENIMANA ajejwe gutwara abantu n’ibintu yarungikiye umuyobozi w’ishirahamwe OTRACO, yamumenyesheje ko yihweje ivyasambwe mu nama nkuru y’uburongozi hamwe n’ibiciro bishasha vyo gusuzumisha imiduga hisunzwe uko bikorwa no mu bindi bihugu vyo mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko, ubuyobozi bwa OTRACO ko bwoba burabangiye ku ngingo buheruka gufata yo kuduza ivyo biciro.

Jean Bosco NTUNZWENIMANA asaba kandi umuyobozi mukuru wa OTRACO gutegura ibiciro vyo gusuzumisha imiduga yisunze ibikoresho basanzwe bafise muri iryo shirahamwe hamwe n’uko batunganya ivyo bikorwa kugira bizoce birungikirwa inama nshikiranganji nayo ivyihweze imbere y’uko bishirwa mu ngiro.

JPEG - 43 ko
Jean Bosco NTUNZWENIMANA, Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu

Tubibutse ko ishirahamwe rijejwe gutwara abantu n’ibintu (OTRACO) ryaheruka kumenyesha ko amafaranga yahora atangwa mu gusuzumisha ubuhinga bw’imiduga (Control technique) yadugijwe.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe na OTRACO, ayo mafaranga yari yadugijwe uku gukurikira. Imodoka (voiture, Jeep hamwe na camionnette) zotangishijwe amafaranga ibihumbi 50.

Imodoka yo mu bwoko bwa "Bus" igatangishwa amafaranga ibihumbi 35, ikamyo ipima hagati y’itoni 3 na 15 ikariha ibihumbi 70, mu gihe iyirenza itoni 15 yotangishijwe ibihumbi 100. Ipikipiki nayo yorishe ibihumbi 10.

Mw’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO barashima iyo ngingo y’umushikiranganji w’ugutwara abantu n’ibintu, kuko iyo ishirwa mu ngiro yari kugira ingaruka mbi ku bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu c’Uburundi.

Noel NKURUNZIZA, umukuru w’ishirahamwe ABUCO avuga ko umuyobozi mukuru wa OTRACO atari akwiye kuvuga ko ibiciro vy’ugusuzumisha imiduga bidugijwe ku rugero rw’ibindi bihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, kuko n’ubuhinga butangana muri ivyo bihugu. Uwo arongoye ABUCO akavuga kandi ko bidatahuritse ingene ibiciro vyonganishwa mu gihe n’imishahara itangana ku bakozi bo mu bihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC).


Vianney BIKORIMANA na Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.