Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuvugizi w’umugambwe UPRONA asaba umurwi ukurikirana uko ubumwe bw’abarundi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umuvugizi w’umugambwe UPRONA asaba umurwi ukurikirana uko ubumwe bw’abarundi (...)

Umuvugizi w’umugambwe UPRONA asaba umurwi ukurikirana uko ubumwe bw’abarundi bwifashe

lundi 6 Ruhuhuma 2017

Umuvugizi w’umugambwe UPRONA Pontien NDAYISHIMIYE amenyesha ko Ubumwe bw’abarundi buhari, ariko agasaba abarongye igihugu gushiraho umurwi ujejwe gukurikirana ingene ubumwe bw’abarundi mu Burundi bwifashe.

Pontien NDAYISHIMIYE avugira umugambwe UPRONA amanyesha ko abarundi babanye mu mahoro kuko basangira akabisi n’agahiye, kandi bafashanya muri vyose,ariko ko inyigisho z’abanyapolitike arizo zishobora kubajuragiza.

Umuvugi w’umugambwe UPRONA avuga ko igishobora gutosekaza ubumwe bw’abarundi ari ingene abanyapolitike bashaka gushika ku butegetsi babicishije mu nguvu canke abandi babicishije mu nyigisho z’amacakubiri y’amoko canke na politike.

Kubwa Pontien NDAYISHIMIYE avugira umugambwe UPRONA, gukumirana mu bijanye n’ubuzima bw’igihugu na cane cane mu bijanye n’ubutunzi bw’igihugu,naco kiri mu bituma ubumwe bw’abarundi butosekara.

Umuvugizi w’umugambwe UPRONA ahamagarira abarundi kubandanya batsimbataza ubumwe bwabo kuko ata yindi nzira y’urukiza rw’abo,bamenyere ko Uburundi ari ubw’abarundi ,kandi bamenye gusabikanya amatungo y’igihugu atawurenganijwe.


IGIHE

Messages

  • Nyakwubahwa muvugizi wa UPRONA murakoze kandi muvyukuri kunzira yubumwe twiyemeje ntituzohagarika bazotumara abasi bubumwe twebwe twifataniye munda.

  • Ubumwe Bwabarundi Buriho. Ikibazo Kiduhanze Twege Abarundi N,ubukene, Nt,amahera Ahari Ntavyo Kurya, Icombona Cokwihutigwa Basubiremwo Politique Y,ivyinjira Nibisohoka,,mugihugu

  • Sha ubamukuzimu wewe ntuba mu burundi kabisa! ,ngubumwe muburundi ngo buriho? nukuri haniwacu ibijuju vyaragwiriye kabisa!,inganda zirirwa ziratikira ibinogo rusangi vyuzuyemwo imivyimba biruzuye, ngo mu burundi harubumwe!. Niko ntawogushavurira, hamwe utovuguko, unomusi Nkurunziza Petero ntiyoguha utwuza kurarira, turabizi abavuguko, kobatumwa ninzara, uwashonje umweretse ivyirabura avugakovyera. Bazogufashe baguhereze pasiporo yogusohoka, uzoshike mubihugu bimwe bimwe vyamaze kubamwo ubumwe, bazokwigishe ubumwe ukobuba bumeze, kuko ndabona mupfa kubuvuga ntimuzi ubumwe icarico, aharubumwe ntabatizabo ngo bahunge igihugu cabibarutse, aharubumwe ntabicwa bahowe ivyiyumviro vyabo, aharubumwe ntabicwa bahorwa ubusore bwabo, aharubumwe ntabicwa bahorwa amakaratiye bavamwo canke amazone, aharumwe umuntu arishira akizana. Ndamaze kubibona yuko haniwacu imvuzi zukuri hasigaye imparurwa aaaaaaaaaaa nukuri.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.