IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya bwiyamirijwe "Ururirimbo rw’Imbonerakure"

Ubumwe bwa Buraya bwiyamirijwe "Ururirimbo rw’Imbonerakure"

lundi 10 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu buserukizi bw’ubumwe bwa Buraya mu Burundi bashikiriza ko bakiranye amakenga menshi ivyabaye mu ntara ya Kirundo, aho urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD rwatunganije urugendo, bagenda bararirimba bati " "TERA INDA ABAKEBA BAVYARE IMBONERAKURE".

Muri urwo rugendo rwabereye muri komine ya Ntega, abari mu Mbonerakure za CNDD FDD baguma basubiramwo ayo majambo.

Mw’itangazo ryasohowe kuri uwu wa mbere n’ubuserukizi bw’ubumwe bwa Buraya mu Burundi, bamenyesheje ko biyamirije ugufata ku nguvu abakenyezi n’abigeme, kuko ari ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu, hamwe n’ukubangamira agateka n’ubuntu bw’abakenyezi n’abigeme.

Ubumwe bwa Buraya bwibukije Reta y’Uburundi ko ariyo ifise igikorwa c’ugukingira abantu bose, cane cane abakenyezi n’abana. Ubumwe bwa Buraya bwasavye ko hokorwa amatohoza ku bariko baririmba urwo ruririmbo, ivyavuye muri ayo matohoza bishirwe ahabona, abazovyagirizwa nabo bashengezwe mu butungane.

Inyuma y’aho urwo ruririmbo "TERA INDA ABATEKA BAVYARE IMBONERAKURE" rucishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi, umugambwe CNDD FDD waciye usohora urwandiko, aho wamenyesheje ko wiyamirije ayo majambo atandukanye n’akarangamutima k’uwo mugambwe. Muri CNDD FDD bamenyesheje ko urwego rujejwe indero muri uwo mugambwe rwamaze gutangura amatohoza.


IGIHE

Messages

  • Hamwevyoba Vyarabaye Nibabihanize Ntibarosubire Kuko Urworurimbo Ruraca Umutima Abakenyezi Nabigeme

  • Ubwobumwe bwa Bulaya nabwo busigaye buteye akagongwe!
    Umvanamwe abobana b’Imbonerakure baririmvye bavugango babonako vyobavyiza bubakanye nabakorwa bomumigambwe itavgarumwe numugambwewabo ayomajambo bavuze aranyigangije ubumwe bwaburaya gayemwe!?
    Ubwomuvyukuri umusirikare wu Rwanda wumu General yavuzeko agiye kuronderera urwaruka akazi biciye muntambara ubwo ubumwe bwa Bulaya ntibwaribukwiye gushavuzwa nayomajambo yuwomusoda gusumba ayoyavuzwe nabobana b’Imbinerakure!?
    Ubumwe bwaburaya burambabaje nukuri!

  • Mbega kurworwaruka runaze imyaka 15 irenga rurimu Burundi mwotubarira abobamaze kubaka/gufata kunguvu mu Burundi ukwobangana?

  • Ngo akari ku mutima gasesekara ku munwa, ibi nivyo bita guhimba! Ndabagiriye inama mwokubitiza akajisho ku vyabaye mu baturanyi bacu mu Rwanda. Naho hariho abaririmba nkivyo vyanyu ndetse bo banabishize mu bikorwa, ariko uno munsi bararira ayo kwarika, baricuza, abandi barangaye, mushatse rero mwige mumenye mureke gukora amabi kuko abo mubikorera ni abantu nkamwe, ejo ntimuzi aho muzoba muri! VA IBUZIMU MUJE IBUNTU, MUFISE IGIHUGU NI MUCUBAKE MUREKE KUGISAMBURA, naho iciswe amacakubiri kizobakwegera akarambaraye ndabarahiye, muhinduke!!!!!!!!!!!

  • Non kwitw imbonerakur gisigay aricaha?mw ikarashish icumuntavuz acagishira mungiro?ahoho abasoda tur ibishegu ko tubivuga tuba tubigiz!yemw tah iwanyu!

  • Nibafate imbonerakure Gihahe, harayandi matohoza akenewe! Izo nterahamwe zizobahindukirira umusi Buruguri y’abashinwa yaheze

  • Saho Muri Ntega Gusa Nuburundi Bwose Woraba Akari Mukayanza Iwacu Nakamunaaa!!!!

  • gruuya gruu ewa ewa morale irunguruza abobava buraya baziko indirimbo zose kwari SLOW

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.