IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Urukino rwa Basketball ruriko rurasubira ku rugero rukomeye

Urukino rwa Basketball ruriko rurasubira ku rugero rukomeye

lundi 18 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ghyslain MUNEZERO, kizigenza wa Ghymkana, umurwi werekanye ko uriko urakomera naho umaze igihe gito mu cicaro gikuru, amenyesha ko urukino rwa Basketball ruriko rurasubira ku rugero rukomeye.

Ghyslain avuga ati : « Urukino rwa Basket ruriko ruratera intambwe. Uko ihiganwa ryatanguye sikwo ryarangiye. Imirwi iriko iriyubaka kandi n’abakinyi bakiri bato bariko barerekana ko bafise ubushozi bwo gukina Basket yo ku rwego rwo hejuru. Abarorerezi basubiriye kuba benshi ku bibuga, ivyo bigatuma n’abakinyi bagira n’ishaka, kuko badakinda birorera. »

Elvis Hakizimana, batazira Gafyisi, kizigenza w’umurwi w’Urunani, ashimishwa n’ingene imigwi iriko irakomera, agasaba abajejwe gutunganya inkino gukora cane kugira urukino rwa Basketball rusubire kuja ku rugero rwo hejuru.

Gafyisi avuga ati « Muri iri higanwa rirangiye, vyaragaragaye ko ata mirwi yiharije gutsinda yonyene. Mu myaka yahera imirwi y’Urunani na New Star yasa n’iyiharije abikombe, ariko ubu sikwo biri. Hari urwaruka rukiri ruto rukina neza Basket, ruriko rurazana amaraso mashasha mw’ihiganwa. Abajejwe gutunganya amahiganwa twobasaba ko boza barategura amahigwanwa menshi kugira abakinyi bakomere gutyo tuzoje ku rugero rwo guhangana n’abandi mu makungu ».

Imirwi yaronse ubushimwe ikaba ari Urunani yabaye iya mbere mw’ihaganwa ku ruhande rw’abagabo, Berco Stars ikaba yatahukanye igikombe ku ruhande rw’abakenyezi, nayo Ghymkana itahukana igikombe co mw’ihiganwa rya Play Off.

Akimana Landry akinira Gymkana niwe yabaye umukinyi yasumbije abandi ku ruhande rw’abagabo, Izata nawe akinira Les Gazelles akaba ariwe yatowe mu bigeme.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.