IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urunani UPO rwashimye ivyavuye mu nama y’abakuru b’ibihugu vya (...)

Urunani UPO rwashimye ivyavuye mu nama y’abakuru b’ibihugu vya EAC

mardi 23 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko biri mw’itangazo ry’iyo migambwe, barashima ivyashikirijwe n’abakuru b’ibihugu vya Uganda na Tanzaniya, kuko vyerekana ubumwe abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bafitaniye.

Abo bakuru b’ibihugu babiri bari bitavye iyo nama basavye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ko ryokura ibihano vyafatiwe Uburundi, kugira imigenderanire hagati y’iryo shirahamwe n’Uburundi isubire kunaguka.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono na Jacques BIGIRIMANA, umukuru w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi kandi idaserukiwe mu nama nshingamateka, abo bakuru b’ibihugu berekanye ko ibibazo vyari vyatumye ubumwe bwa Buraya bufatira ibihano Uburundi bitagihari. Umukuru w’igihugu wa Uganda Yoweli Kaguta Museveni, hamwe na John Pombe Magufuri wa Tanzaniya bakaba bashimirwa n’iyo migambwe ku ruhara bagize kugira abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bumve kumwe ikibazo c’Uburundi.

JPEG - 58.9 ko
Jacques BIGIRIMANA, umukuru w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi idaserukiwe mu nama nshingamateka y’Uburundi

Muri iyo migambwe basaba ibihugu vyo mu bumwe bwa Buraya ko vyokwitaba ako kamo vyatewe n’abo bakuru b’ibihugu, ibihano vyafatiwe Uburundi bihagarare.

Muri iyo migambwe bariyamiriza ibikorwa vy’uguhungabanya umutekano w’igihugu vyabaye iyo nama yimirije, muri zone ya Musaga, ahapfiriye abantu batatu bahitanwe na gerenade yatewe n’abantu bataramenyekana. Iyo migambwe ikamenyesha ko itangazwa y’agacerere kuri ubwo bwicanyi kerekanwe n’ibihugu vyo hanze hamwe n’amashirahamwe avuga ko aharanira agateka ka zina muntu.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.