IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwanda rwasiguye icatumye abayoboke ba Zebiya barungikwa mu (...)

Urwanda rwasiguye icatumye abayoboke ba Zebiya barungikwa mu Burundi

lundi 2 avril 2018

Nk’uko tubisoma mu rwandiko inomero 161/09.01/CAB.MIN/18 uwo mushikiranganji yandikiye mugenzi we w’Uburundi kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2018, Louise MUSHIKIWABO amenyesha ko abo barundi banse guharurwa hakoreshejewe uburyo bwa none bongera banka ko abana babo bari munsi y’imyaka 5 bahabwa urucanco.

Uwo mushikiranganji w’Urwanda avuga ko izo mpunzi z’abarundi zashikirije ko ukwemera kwabo kutabibarekurira.

Mu biganiro abo barundi bagiraniye n’ubwo bushikiranganji bari kumwe na HCR, Louise MUSHIKIWABO avuga ko banse kwemera ivyo basabwa ariko bahitamwo gutahuka mu gihugu c’amavukiro.

Urwo rwandiko rurangiza ruvuga ko igihugu c’Urwanda cemeye ivyasabwe n’abo barundi gica gifata ingingo yo kuzifasha kugira zitahuke, kandi ko ico gihugu kizobadanya giha ubuhungiro uwo wese azoba yemeye kwubahiriza amategeko y’igihugu hamwe n’amasezerano mpuzamakungu agenga impunzi.

Mu giporisi c’Uburundi babicishije ku rubuga rwabo rwa twitter, bavuga ko izo mpunzi z’abarundi zirukanywe kuko zanse kwinjizwa n’abasirikare b’Urwanda mu mirwi itera Uburundi.

Impunzi z’abarundi zishika 2523 zakiriwe na Reta y’Urwanda kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante 2018 zivuye mw’ikambi y’impunzi y’i Kamanyola mu gihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo, inyuma yaho banse kwakira imfungurwa z’ishirahamwe HCR aho bamenyesheje ko ukwemera kwabo kutabarekurira kuzifungura.

Izo mpunzi zari zashizwe mu makambi y’impunzi atatu mfatakibanza yo mu gihugu c’Urwanda, ariyo Nyarushishi, Bugesera hamwe n’ikambi ya Nyanza.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Imbonerakure iyo bari barazitumye hose mu bihugu vy’ibiyaga binini bariko barazitahukana ku nguvu ngo zije kwemeza/gutora ego. Bamwe bariko bapfira mu mabarabara, ngira mwarumvise ivyabaye i Ngara muri Tanzaniya. Hagati y’ayo ma twitter y’igipolisi c’i Burundi n’ivyashikirijwe na Louise Mushikiwabo, utari igihwiji ukuri kuragaragara.

  • Ariko igipolisi cy’uburundi gikomeje kwerekana ko kitari professionel kweri ??!! ngo impunzi bazirukanye kuko zanze kwinjira igisirikare kirwanya uburundi ??!!! ubu ni ubujiji burenze ukwemera ?!! ba nyiri ubwite barisobanurira impamvu bahisemo gutaha mwe mukajya gujimba ibyanyu ??! u Rwanda na abanyarwanda dufite ibindi biduteza imbere duhugiyemo nta mwanya dufite wo gutekereza ku burundibrwose kuko tutari ku rwego rumwe namwe turi busy mu bikorwa biteza igihugu cyacu imbere intambara ntabwo twe tukiyishyira mubyo duteganya uburundi

  • Ariko igipolisi cy’uburundi gikomeje kwerekana ko kitari professionel kweri ??!! ngo impunzi bazirukanye kuko zanze kwinjira igisirikare kirwanya uburundi ??!!! ubu ni ubujiji burenze ukwemera ?!! ba nyiri ubwite barisobanurira impamvu bahisemo gutaha mwe mukajya gujimba ibyanyu ??! u Rwanda na abanyarwanda dufite ibindi biduteza imbere duhugiyemo nta mwanya dufite wo gutekereza ku burundibrwose kuko tutari ku rwego rumwe namwe turi busy mu bikorwa biteza igihugu cyacu imbere intambara ntabwo twe tukiyishyira mubyo duteganya uburundi

  • None nkivyo igiporisi giciye kuvuga nibiki ???mbe aba ba police bacu boba baraciye mwishuri ??? Oya nukuri nibisubireko ntibazi nakazi bajejwe ariko nabo sibo barundi uwabahaye izo mpuzu niwe yagize amakosa

  • Hhaahh Igipolice cacu giti banse kuja mu gisoda cabagwanya Leta ya Peter ! genda Burundi utwawe nabi kweli, mbe mubona abo bakecuru boja mugisoda ! bravo le Rwanda, nakare murongoye AU, Imana ihezagire u Rwanda

  • Hhaahh Igipolice cacu giti banse kuja mu gisoda cabagwanya Leta ya Peter ! genda Burundi utwawe nabi kweli, mbe mubona abo bakecuru boja mugisoda ! bravo le Rwanda, nakare murongoye AU, Imana ihezagire u Rwanda

  • Andika hanomurakoze cane kuri iyi nkuru.ariko rero hari ico ntatahuye.kuvuga ko urwanda rwirukanye izo mpunzi kubera zase kwinjizwa mu gisirikare kirwanya uburundi barabifitiye ivyemezo biboneka ?mbega hoho ko twumva hari ivyo zitemera gukora kubera ukwemera kwabo,hamwe vyobandanya ukwo reta yiteguriye kuborohereza no kubakingira gute ?murakoze.

  • Police y’u Burundi niyisubireko imenye ko natwe Abanyagihugu dukurikiranira hafi ivyacu n’Abanyarwanda,ngaho barabeshe cane gose kandi Peter Nkurunziza arabe abasevya igipolice cacu,bavuga ayamuhe kuri Twitter,abo kwa Zebiya ntawutabazi ukungene ari abagarariji,Murakoze

  • @Caratuvunye
    Urinda kuba uri muri ico gisoda cama gisomborotsa uburundi

  • @nkotanyi
    Abayoboke ba Zebiya babaseseye agatabi. Aho mubandanya muvuruga mwongera muvyonga ibiyaga bigari umunsi umwe muzibonerako !

  • Namahinyu nibyo mwibeshya rwose nta kintu nakimwe abanyarwanda dushaka muri ibyo bihugu byanyu icyo twanga ni agasuzuguro kuko kuva cyera birazwi u Rwanda turatera ntiduterwa iyo rero utangiye gucumbikira interahamwe buriya uba uri kudushotora nta kindi kibazo dufitanye ni byo bihugu uvuga harimo n’ icyo cyanyu tot ou tard ingaruka zo gufatanya ni interahamwe zizabageraho namwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.