IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwaruka 350 rwitezwe mw’ihuriro rizobera i Bujumbura

Urwaruka 350 rwitezwe mw’ihuriro rizobera i Bujumbura

mardi 8 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Iryo huriro rizoba ku civugo : "Umugabane wa Afrika, urwaruka rwiyemeje kugira ico rukora : Ni uruhe ruhara urwaruka rwa Afrika rwoterera maze ngo turonke Afrika itekanye, iteye imbere muvy’ubutunzi, ikomeye kandi irangwa n’ubumwe?"

Mw’ishirahamwe AJAP Africaine bamenyesha ko iryo huriro rifise ihangiro nyamukuru ryo gushiraho urwego urwaruka rwa Afrika ruhanahaniramwo ivyiyumviro vyubaka mu ntumbero yo gushiraho igitabo kijanye n’ivyo urwaruka rwoterera mu gishira mu ngiro amahangiro y’iterambere rirama muri Afrika hamwe no gukura Afrika ku mugabane w’iibihugu bikenye mu kirongo co gushika mu 2030.

Nk’uko bivugwa na Eric NSENGIMANA, umukuru w’ishirahamwe AJAPA Africaine, iryo huriro rirafise n’amahangiro y’ukurarikira urwaruka gutsimbataza amahoro n’umutekano muri Afrika, hamwe n’ugutorera umuti ibibazo biciye mu kwumvikana, kurarikira urwaruka gutsimbataza intwaro rusangi, kwubahiriza agateka ka zina muntu, kwubahiriza ubwisanzure mu gushikiriza ivyiyumviro, gushinga ikigega kijejwe kuziganiriza urwaruka, guhamagarira abategetsi guha ikibanza urwaruka mu nzego zijejwe gufata ingingo, hamwe n’ukwigisha urwaruka kwironderera ubuzi.

JPEG - 49.1 ko
Eric NSENGIMANA, umukuru w’ishirahamwe AJAP Africaine

Urwaruka rugera ku 350 ruvuye mu bihugu bitandukanye vya Afrika nirwo rwitezwe i Bujumbura muri iryo huriro rizotangura kw’igenekerezo rya 21 Myandagaro 2017. Urwaruka rwo mu Burundi rukazoserukirwa na batatu ku ntara imwe yose muri 18 zigize igihugu c’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.