IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwaruka rwateguriwe inyigisho ku mvugo idakomeretsa

Urwaruka rwateguriwe inyigisho ku mvugo idakomeretsa

vendredi 11 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 12 Myandagaro 2017 ari umunsi mukuru w’urwaruka kw’isi yose, mu bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama bamenyesha ko uwo munsi uzohimbazwa mu Burundi kw’igenekerezo rya 18 Mandagaro 2017, muri komine Kirundo, intara ya Kirundo nyene, ku civugo : "Urwaruka duhamagariwe kubumbatira amahoro."

Mu bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama bavuga ko ico civugo catowe kw’isi yose mu Burundi bakirabisha cane cane ku rwaruka, kugira rwigishwe kurwanya icoza kirondera guhungabanya umutekano, hamwe n’ukwigishwa kubana mu mahoro.

Jean Bosco HITIMANA, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama avuga ariko ko icivugo catowe kw’isi yose gikwiriye kwunganirwa n’inyigisho ku rwaruka rw’Uburundi.

"Ni ngombwa ko icivugo catowe kw’isi yose cunganirwa n’inyigisho tuzotanga zibereye muri ibi bihe ku kungene amahoro n’umutekano vyifashe mu gihugu. Izo nyigisho zishimikiye ku bijanye n’imvugo ibereye kandi idakomeretsa ku rwaruka, hamwe no kubana mu mahoro. Dukeneye kwubaka igihugu kirimwo urwaruka, abashingantahe n’abapfasoni babushitse, babana neza ata ka mwana wa mama canke mpinga yanje."

JPEG - 170.9 ko
Jean Bosco HITIMANA, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama

Umunsi mukuru w’urwaruka kw’isi yose watanguye guhimbazwa kw’igenekerezo rya 12 Myandagaro 1998, inyuma y’ikoraniro Kaminuza ryabereye i Lisbonne. Imbere y’aho, mu mwaka w’1991, urwaruka rwari rukoraniye hamwe mw’ihuriro ryagwo rya mbere ryatunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i Vienne muri Autriche, rwasavye ko hoba umunsi mpuzamakungu uhariwe urwaruka.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.