IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abane bane bahoze mw’ibarabara batumiwe mw’ihiganwa Street Child Games Rio (...)

Abane bane bahoze mw’ibarabara batumiwe mw’ihiganwa Street Child Games Rio 2016

samedi 12 Ntwarante 2016, par egide

Ishirahamwe New Generation Burundi ryarungitse kuri uwu wa gatanu abanonotsi bane berekeza mu gisagara ca Rio, mu nkino mpuzamakungu zo kwinonora imitsi zihuza urwaruka rwahoze mw’ibarabara.

Iryo higanwa ryatunganijwe n’ishirahamwe Street Child united ryo mu gihugu c’Ubwongereza rihuza abana bahora mw’ibarabara.

Abo banonotsi barungitswe na New Generation Burundi ni Mwizigirwa Armel, Ndihokubwayo Vianey, Ndikumana David hamwe na Bigirimana Innocent.
Muri iryo higanwa, bazogira imetero ijana, ukwiruka ibirometero vyinshi (Marathon), ugusimba urukiramende, ugutera icumu (Javelot) hamwe n’ugusiganwa bahererekanya inkoni.

Nk’uko vyashikirijwe na Dieudonné Nahimana, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe New Generation Burundi yabimenyesheje imbere y’uko abo bana bahora bafata urugendo rubashikana i Rio de Janeiro, icivugo n’ubutumwa bwa New Generation Burundi ni «NDI UMWENWGIHUGU », akaba yasiguye ko ico civugo cerekana ko umwana wo mw’ibararabara akenera nk’ivy’urundi rwaruka rukenera, agatanga akarorero nk’ukwandikwa iyo yavutse, akaronka izina, agahabwa ibimuranga, akongera agatora kandi akitoza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.