Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aba JRR bagabishije Imbonerakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Aba JRR bagabishije Imbonerakure

Aba JRR bagabishije Imbonerakure

dimanche 9 Ntwarante 2014

Aba JRR bo mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA basaba urwaruka rw’Imbonerakure kureka kubasotora. Urwo rwaruka rwo muri uyo mugambwe wa Rwagasore, rukamenyesha ko hamwe rwosubira kumva uwabo yatotejwe n’Imbonerakure bitazoroha, kandi bitazogarukira aha hagufi.

Umushingwamanza Nitegeka Patrick arongoye JRR

Ivyo bikaba bimenyeshwa n’umushingwamanza Patrick Nitegeka asanzwe arongoye urwaruka rwa JRR, inyuma y’aho uwurongoye JRR muri komine ya Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura avugiye ko yakubiswe n’Imbonerakure zitatu, ndetse zikamutaburirako n’ivyambarwa. Nitegeka akavuga ko bamaze iminsi basotorwa n’uwro rwaruka ruri mu mugambwe uri ku butegetsi, ubu bageze aho bataba ibinyaganwanka.

Uwo mushingwamanza arongoye aba JRR akibutsa Imbonerakure za CNDD FDD ibiriko birashikira rumwe mu rwaruka rwagiye rurakoreshwa n’abarurongoye mu guhohotera agateka ka zinamuntu no kuniga abantu badasangiye ivyiyumviro vya poritike, ayo bariko barabonera mu masentare atandukanye yaba mpuzamakungu, canke amasentare yo mu bihugu vyabo. Aha akavuga urwaruka rw’interahamwe zo mu Rwanda, urwaruka rwari rushigikiye Laurent Bagbo wo muri Cote d’Ivoire, n’ahandi mu bindi bihugu bitandukanye.

Umushingwamanza Nitegeka, akavuga ko Uburundi atari izinga, ari igihugu cashize imikono ku masezerano mpuzamakungu yo gukingira agateka ka zina muntu. Abandanya amenyesha ko hamwe ivyo vyobandanya, biteze kwitura izo sentare, maze abagirizwa kuguma bahohotera agateka k’abandi, bashengezwe, maze intahe ibokere nk’abandi banyavyaha.

Uwutwara Komine Kanyosha muri JRR

Ahanura urwaruka rugenzi we ruri mu migambwe ya Poritike, kudahendwa mu gutoteza agateka k’abandi, kuko amakungu ariko arakurikiranira hagufi ibiriko biraba mu Burundi, yaba ugucanishamwo abanywanyi b’ imigambwe, yaba ukuburagiza abandi, yaba amategeko mabi agomba gutorwa bw’inyungu za bamwe mu bategetsi, aha akibutsa itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi, itegeko rigenga ibwirizwa nshingiro, itegeko ry’umurwi CNTB, n’ayandi.

Asaba urwaruka Burundi bw’ejo kwiga rukagire poritike ari ukwo rwabanje gutegura umutwe, kuko abariko bararuhenda, barugumiza inyuma, ari abashaka ko iterambere riba iry’abo gusa, maze ubukene bw’ugarije imiryango itari mike mu Burundi bugume ari bwa bundi. Asaba urwaruka kwiga rukaminuza, rubashe gutahura poritike ruriko rurakina iyo ariyo, atari uguhendwa, ngo niga urya, utoteze uriya.


Aristide Nizigire

Messages

  • c’est encore mes chers compatriotes, ne repetez plus les forfaits de 1993.Maintenant la communaute internationale a ouvert les yeux. Vous serez traduits en justice.

  • Ariko wamusanzashe we uratenza pe aho uriyumvirako uzosubira guturiza umuhutu ipine teshwa Ute vyarahindutse sha niho mugenda mutanga inyigisho mbi zukugarariza mukibazako muriko muhenda abahutu Ngo benewabo biranse ngo ntntambara yubwoko iriho sha igiti ntikigukora mujisho kabiri umuhutu yobakurikiraabayibagiyeko murinzoka mumvugo no mubikorwa twarabahinyuy cece mureke kugora urworwaruka

  • @Jijuka
    Nibaza ko ukeneye kujijuka kweli. None ibi biriko biraba bihuriye he n’ ingorane z’ abahutu n’ abatutsi? None Leta ihari ni igiki imariye abahutu? Ko bagumye bicwa? Mbega FNL yasambuwe n’ abatutsi? Abahutu bamaze kwicwa iyi Leta igiyeho boba bishwe n’ abatutsi? Akajagari gahari mu gutangwa kwa bourse y’ aba étudiants kazanywe n’ abatutsi? Mbega abanyeshuri si abahutu n’ abatutsi? Aba DD batarenze icumi bariko bariba igihugu hanyuma bamwe bamwe muri mwebwe mukabashigikira mwitwaje ivyo amoko kandi atari co kibazo. Jijuka rero mumenye aho ukuri kuri.

  • Ngirasabe abantubose buva koDD atari umugabwe ,ahubwo arinkozi zikibi .uwowese ahaguruke tugwane nabo kandi intambarA ntanimisi ibiri izomara hanyuma abarundi tube mumaho tureke kwama tuvuga ngo mana mana dutegerezwa kwigwanira dushira ubwoba dukomere shimire, mwese mwuva ko atari intambarA yubwoko ahubwo ari ya DD

  • mbe burya ako kagabo kaserukira jrr kagomba katanguze ikirobeli?canke yibagiye akahitiye?turacakangwa nimisega niko yibaza?hahahahahahahahahahahaha!!

  • Reke kuduhenda ivyo vyarabaye?Igihe muhenda abandi mugasubira mu matora mwari muzi ko bizokwijana.Igihe abandi bo muyindi migambwe bicwa,bakubitwa .....ko mutavuga ubu murashikiriwe none muriko mugabisha.Uworukarisha rwo mumwa

  • MBE YEMWE ABANTU MWABAYE GUTE??
    AHO MURACARI MU VYO MWITA NGO NI AMOKO!!
    MURABANZA MUBAZE UBWOKO ICO ARI CO HANYUMA MUMENYE KU BUHARANIRA.UWOBUMVIRIZA YOGIRA NGO NIKO MUKUNDANA CANE!!!
    IYO HAGEZE IKIBAZO C’INDA URARONDERA ABAHUTU BAVUGWA UKABABURA, UKARONDERA ABATUTSI BAVUGWA UKABABURA, ABATWA REKA TUBIHOZE KUKO BO BARIGOREWE BAKUMITWA NA BOSE. MURABAZA. MUVYUKURI MU BURUNDI ABAHUTU, ABATUTSI, ABATWA BARIHO KANDI BAMYE KUVA UBURUNDI BUKIBAHO BUGITWAGWA N’ABAMI. AHO VYAGIYE KUYANGARIRA NTAHO NZI ARIKO SI UKO NTAHAZI ARIKO NI NZIKO MURI MWEBWE, BAMWE MURI MWEBWE NOBIVUGA MUTOVYEMERA IGITUMA NDIBAZAKO UMURUNDI W’UMUTIMA ACIYUMVIRIYE YOGITORA. RERO SINGOMVYE KUBIGISHA ARIKO MURASHOBORA KWIYIGISHA KUKO BACA UMUGANI MU KIRUNDI BATI <<AKABIGIRA KABIZI KARYA IMBOGA KARITSE>>!! GENDA MUBAZE, MU GABO AHA NINI MWOSOMA, IVYANDITSWE MU VYEGERANYO VYO MUMYAKA YA 1929 VYANDITSWE KU BURUNDI HAMWE N’URWANDA BICITWA URUNDI-RWANDA, MUHEZE MU MZNYE AMAMUKO YIVYO BINTU MUSHIRA MU NGIRO MUTAZI IMVO N’IMVANO YAVYO. NI MWASOMESHA AMASO Y’UMUTIMA MUZOHEZA MUMBWIRE KANDI NONEHO NTIMUZOMBWIRA KUKO SI IKIBAZO NDABAHAYE KWARI UKUGIRA DUTERENANE IVYIYUMVIRO BISHOBOTSE DUKEBURANE. MURANTUNGA MUMBURANE, MUNTUNGIRE AMAGARA. INKONI YAKUBISE MUKEBA WOYIRENZA URUGO. MURAZOMBARIZA ABAHUTU N’ABATUTSI BARI HANZE Y’IGIHUGU CACU C’UBURUNDI UKO BABANYE MUZE MWIBWIRE. NIBO BABERA AKARORERO ABANDI MU MUBANO MWIZA. MUGIRE AHO MUBA MWUBAHWE,MUZIRE INZIGO, IMANA IBARINDE INZARA IVYAHA N’IVYAGO.

  • abo si ba basanzisheke bagarutse,biyambitse urushato rw’intama kumbe ari abicanyi?

    ahubwo aba dd na bo sindabumva,kuko bibagira n’ingoga!
    abo si ba bashanzisheke batikiza inganda mu gisagara muri 1993-1998

    muribuka kakajambo abo ba jrr nyene bakoresha ngo"WIGERA MU BABILE UTARI UMUBILE UKABA UCITSE IBOLO !"

    uwo babibwiye baca bamwambika ipine ry’imodoka bakaca bamuturira.!.

    ubu barashikiriwe none batanguye gurabagiza akarimi,uzi ko imana yari yabahaye na karekare!!! bobo ico gihe barica ,bagatikiza,ariko ubu ntawuriko arabica.

    qh

    ??$x 1sgp

  • twese turi abarundi tuje hamwe twubake igihugu cacu twibagire akahise kuko ntaho kadushikanye murakoze imana ihezagire abarundi nabarundikazi hamwe n,uburundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.