Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aba JRR bateye ivyatsi ivyashikirijwe na Arnaud Irakoze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Aba JRR bateye ivyatsi ivyashikirijwe na Arnaud Irakoze

Aba JRR bateye ivyatsi ivyashikirijwe na Arnaud Irakoze

samedi 12 Mukakaro 2014

Urwaruka mparaniramajambere rwa Rwagasore JRR rumenyesha ko buca rwisunga ingingo ya 11 y’amategeko ngenderwako y’umugambwe UPRONA, kugira bashigikire imboneza zabo mu bikorwa vya komite nkuru y’umugambwe.

Umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye JRR

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye umuhari w’urwaruka rwa UPRONA arirwo JRR, akavuga ko biteguye gushigikira abari mu rwego rukuru rw’umugambwe buca rukorana kuri uyu wa 13 Mukakaro uyu mwaka. Avuga ko iyo nama ikurikije amategeko, ari naco gituma batarota bareka gushigikira izo mboneza zabo, kugira ingorane z’abiha uburongozi bw’umugambwe wabo, canke babuhawe bidakurikije amategeko zihave.

Ivyo, umushingwamanza Patrick Nitegeka akabivuga ariko abeshuza ivyashikirijwe na Arnaud Irakoze, umu JRR bivugwa ko ashigikiye Concilie Nibigira n’abo bari kumwe. Mu kiganiro Arnaud Irakoze yari yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Mukakaro, akaba yasaba aba JRR kutaja muri ivyo bikorwa vfyatumweko kuri uyu wa 13, kugira ntibagire ingorane nk’izashikiye urundi rwaruka rwa MSD ku wa 8 Ntwarante.

JPEG - 1.1 Mo
Arnau Irakoze, umu JRR ashigikiye UPRONA ishami rya Concilie Nibigira

Kuri ivyo basabwa na Arnaud Irakoze, Patrick Nitegeka arongoye JRR akavuga ko vyerekana uguta inguvu k’umurwi uboheye amaboko i mugongo umugambwe wa Rwagasore. Avuga ko umunsi w’uwa 8 Ntwarantewabaye umunsi mubi mu mugambwe UPRONA na MSD, mu gihe abakenyezi ba UFB baterwa ivyuka bikoroza amosozi n’igiporisi,nayo urwaruka rwa MSD rukaraswa. Amenyesha ko Arnaud Irakoze ata rwego na rumwe rwa JRR arimwo, ndetse no muri komine ya Kinindo yari yitowemwo yatsinzwe nk’uko uyo mushingwamanza arongoye JRR abandanya abivuga. Amenyesha ko inzego za JRR ziriho, kandi zatowe izuba riva, nazo zigakora bikurikije amategeko, atabudumbidumbi.

Umushingwamanza Patrick Nitegeka akarangiza amenyesha ko, amanama yo gutegura umunsi w’ejo ku wa 13 Mukakaro, abandanya mu gihugu cose n’i Bujumbura, akavuga ko buca basidukana n’iyonka kugira bakure intambamyi zose mu nzira, zimaze iminsi zugarije umugambwe wabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • ewe nda ziratugoye, ewe gihugu cacu ushitse aho umwansi ashaka nukuri imana dusenga irakwiye kubohora igihugu cacu insimba rubebe zose zisimbira kwisunzu ryinzu nkuko umengo igihugu ntikigira uwukiramutswa.

  • Komera ahubwo iyo mihimbiri kubita mumitwe’ izo javyi??ejo rero genda atabwoba turabe baba police icobakora ’’? Aba DD turabe ko inyugu zaba tutsi twahaye umushingantahe Nditije acunge bakazimwaka umututsi wese acabona ico arico DD imushakako!!

  • Ntacomvuze kurunomwanya, ariko uriyamwana wumu JRR yavugiye kuruhande rwa Concillie Nibigira ivyoyavuze murazobingarurira inyuma yitalike 13 zukukwezi nihomuzocamubona ko nubwo atarumushingwamanza arikwabona kure, canke muzoce mushobora kwibonera hagati yivyavuzwe nuryamu JRR wokwa Concillie nurya mushingwamanza uwavuga arikumwe n’Imana nuwavuga yishimikije ubujavyi gusa nubwishime.

  • Ni muryane nimwicane twe tuzokwigumira hanze turamenyereye gusa mushaka mwo rekeraho kuko mupfa ubusa ubwose mwibaza ko iyo nama itazovyamwo ibibazo bazobarasa urwaruka rwuburundi rupfe inzira karengane.

  • Emwe jeho narumiwe !!namutama ntibakimutinya.

  • Emwe jeho narumiwe !!namutama ntibakimutinya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.