Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ababanyi ba Justin Bieber baraye badatoye n’akimbwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ababanyi ba Justin Bieber baraye badatoye n’akimbwa

Ababanyi ba Justin Bieber baraye badatoye n’akimbwa

lundi 18 Munyonyo 2013

Justin Bieber aratahura ariko ngo biva kure. Yumva atevye. Bisaba kwasigurirwa umwanya munini. Igihe yariko atumira abantu bashika ijana mu rubanza yarafise k’umugoroba w’igenekerezo rya 17 Munyonyo 2013, abajejwe umutekano bari bamwimye uruhusha kubera aca adurumbanya ababanyi biwe, bakarara badatoye agatiro kubera imiziki n’urwamo.

Urwaruka rufata Justin Bieber nk’umwami w’umuziki w’umudiho wa Pop, akongera agafatwa nk’umwami w’umubano mubi ku babanyi biwe. Nk’uko ikinyamakuru TMZ ibimenyesha, abajejwe umutekano bagiye incuro zitatu zose kwa Justin bahamagawe n’ababanyi b’uwo mushuhira w’umuhungu. Aho hose vyatumwe n’urubanza yari yateguye kuri uyu wa 17 Munyonyo.,Yarafise abatumire bashika ijana, n’umuririmvyi Snoop Dog niho yari.

Si irya mbere Justin Bieber abujije amahoro ababanyi biwe b’i Calabasas mu gisagara ca Californie . Ivyo vyatumye ababanyi bamusavye kuva kera ko yobubahiriza ariko yaranse kwumva. Mw’ijoro ryo kur’uwu w’Imana, vyanse ko bihangana batanguye guhamagara abajejwe umutekano nk’igihe c’isaha 7 z’ijoro. Abajejwe umutekano baraje baca basaba ko bogabanya urwamo.

Ariko ntibumviwe, urwamo rw’iradiyo rwarabandanije. N’ubundi ababanyi barongeye kurengerwa basubiriye guhamagara abajejwe umutekano. Aho hakaba nk’igihe c’isaha icenda z’ijoro. Baraje bakiriwe n’akamoto karenze k’urumogi rwo mu bwoko bwa marijuana. Igitangaje n’uko basubiye inyuma atawe bahagaritse mu bari aho. Ababanyi basubiriye gutaka abajejwe umutekano igihe c’isaha 11 n’igice z’ubuca. Kuri ubwo baciye bakora icegeranyo aho bamwagiriza guhungabanya umutekano w’abanyi mw’ijoro. Iryo joro ntiryoroshe haba ku babanyi ba Justin Bieber bidoga kubona baronse umubanyi mubi nk’uwo mwana w’imyaka 19. Sivyo gusa,no ku bajejwe umutekano baraye bararikoba.

JPEG - 4.9 ko
Justin Bieber

Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.