Accueil > Amakuru > Poritike > Ababuranira Alexis Sinduhije barashima ingingo yafashwe
Ababuranira Alexis Sinduhije barashima ingingo yafashwe
mercredi 7 Rusama 2014
Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD ntakirungitswe mu Burundi nk’uko vyari vyasabwe n’ubutungane ku mutahe mpuzamakungu wo kumuhagarika wari warungitswe. Mu rubanza rwashashe ku munsi w’ejo kuwa kabiri, igisata kijejwe imanza z’abanyamahanga mu Bubirigi cafashe ingingo yo kumusubiza umwidegemvyo.
Iminsi itandatu yari iheze umukuru w’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura, Alexis Sinduhije yahagaritswe ku kibuga c’indege i Zaventem. Agihagarikwa, ubutungane bw’Uburundi bwaciye burungika umutahe mpuzamakungu wo kumufata. Ubutungane bwo mu Bubirigi bwafashe ingingo, biciye mu gisata kijejwe imanza z’abanyamahanga, yo kumusubiza umwidegemvyo ntagarukanwe mu Burundi nk’uko vyari vyasabwe.
Ababuranira Alexis Sinduhije barashimishwa n’iyo ngingo, bakavuga ahubwo ko bitari vyumvikana ingene yahagaritswe ku kibuga c’indege mu Bubirigi, kandi yari afise uruhusha rwo gutembera (Visa Schengen).
Nk’uko bishikirizwa n’umushingwamanza Brijs, umwe mubaburanira Alexis Sinduhije, ntivyari binakwiye ko agihagarikwa abajejwe umutekano baca bamenyesha ubuserukizi bw’Uburundi mu Bubirigi ko bahagaritse umunyeporitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura. Umushingwamanza Brijs ati : "Ntikari akazi kabo."
Abashingwamanza batatu baburanira Sinduhije aribo Brijs, Jean-Marc Picard na Bernard Maingain babandanya bamenyesha ko iyo ngingo yafashwe n’ubutungane bwo mu Bubirigi ari intsinzi ku bantu bose bacizera ko ubutungane bubaho " C’est une immense victoire pour tous ceux qui croient en la justice "

- Abashingwamanza baburanira Alexis Sinduhije
Amakuru dukura mu gihugu c’Ububirigi amenyesha ko Alexis Sinduhije kuva mw’ijoro ryo ku munsi w’ejo kuwa kabiri ariho yakurwa mu kibanza yari amazemwo iminsi itandatu, kuva kw’igenekerezo rya mbere Rusama 2014, ku kibuga c’indege Zaventem.
Ku munsi wa gatanu akaba ariho abamuburanira bazosubira gusaba ko yahabwa umwidegemvyo ukwiye.
Egide Nduwimana
Messages
7 Rusama 2014, 08:51, par burundi buhire
burundi simba imanga.hemwe mbega izii mbwebwe zitabona ivyo amakungu abereka tuzosishira he
7 Rusama 2014, 08:51, par burundi buhire
burundi simba imanga.hemwe mbega izii mbwebwe zitabona ivyo amakungu abereka tuzosishira he
7 Rusama 2014, 09:24, par burundi buhire
none ko wumva, ntabe yahungira mu bushinwa!
erega nti bitangaje,kuko ababirigi n’abantu bamye barangwa n’amacakubiri,ivangura,ka mpinga yanje,eka n’utundi tubi.
mbere ni bo batumye mu burundi habaho bimwe abanyabururi bita I na U. uwubizi we arabizi.
7 Rusama 2014, 10:28, par nadia
haaaaaaaaaa burundi buhire weeeeeee, pore sana il est vrai ababirigi bakoze amabi menshi ici chez nous mais aujourd’hui ce n’était plus le cas c’est autre chose. tout simplement abacemenza barerekanyeko bari indépendant batagendara mukwaha kwabandi. so mwihangane rero ababaye déçu.
7 Rusama 2014, 10:48, par KAHEZE
Umuntu wese yigira surivu ukw
’agomba kwose munsi y’izuba mais!impera n’imperuka amenye yuko nah’isi yose yomushigikira,amaherezo y’inzira ni munzu ntawuzomara 150ans aciruka muri politique cank’ububisha ubwaribwo bwose jawe mbona bicana basambana,biba kuva 1962 ariko baraiiiiiba,n’amacakubir’aboz’inyo!amaherezo bagapfa bakabis’abandi,rero nt’akamaro ko gut’umunwa 1 ngw’ibijuju,ngw’imihimbiri n’ibindi bitutsi vy’abungere ivyo vyoooooose ntagifit’akamaro,mbe Umushingantahe yasaaaaaze barateba baramuha ngo ashiiiii,IC’UMWANA W’UMWAMI ARIRIYE ARAKIRONKA!none unomuns’arihe?Hitimana,Nsanze,Micombero,Nyamoya,n’abandi n’abandi ntadonze hano barihe?mwewse mworabora kur’abo canke kubandi muzi ntazi,nk’ubu Nduwimana Ed,Willy Madirisha,VACHE,Nininahazwe P.mwene Sibomana AD.n’abandi beeeeensi mugi Hutu,mugi Twa,mugi Hima,no mugi Tutsi,baribakwiye kwihana kuvyo tubaziko bakoze bagatakambir’Imana kuko kurya bagize niko Izobasubiriza munkoko Ng’uwicishij’inkota Azokwicwa n’inkota n’uwicish’ururimi!n’ikindi coooose ituma mugenzawe aja mukuga.Nimugaruke muhindukire muve mubicumuro vyanyu ibigabitanyo vyoye kubazanira kugesezwa (kukw’INYENZI Y’ISEMA YURIR’UMURUNDI W’INKOKO )Sinduhije Alex.ego baramurekuye mugabo ndiwe naca ntangura gutegura iherezo ryanje neeeza ntasize kazoza k’uruvyaro rwanje.
7 Rusama 2014, 10:50, par mutabazi
Naze mububirigi arye spaghetti!!!!!Uriya se azashobora gusoroma inyanya cyangwa pommes!!!!!.....Ibiyeri nibyo bizamuhitana!!!
7 Rusama 2014, 12:38, par Mahirwe
Erega umuzungu akora akwirije amategeko kuko ntakorera kunzara akora akazi ajejwe rero iyo nitango yambere abategetsi buburundi bakwiye kwigirako bakamenya ko uko bakoresha ubutungane bw’ibujumbura atariko bashobora gukoresha abandi rero nibacire birarura
7 Rusama 2014, 12:54, par macedoine
Kura ubwo bu propagande ngaho. Abatutsi mwarabonye ko abahutu turi ibijuju. Ko mushaka kumugira umu hero, mwibagiye ivya Edward Snowden wo muri USA?
7 Rusama 2014, 13:23, par MAZARAHISHA Emmanuel
Hakwiye ko duseng’Imana soma muri Bibiriya Heburayo 12:14-15 no 2 Ngoma 7:14-15
7 Rusama 2014, 13:45, par Hatorimana Mike
Kirazira kikaziririzwa guhagarika umuntu afite uruhusha rumuha ububasha bwogutembera mu bihugu vyose vyemera Visa Schengen,ahubwo abapolisi bo mu bubirigi bari bihenze.mu makungu ubutungane ntibukorera kugicure
7 Rusama 2014, 13:47, par Mama
Aba Biligi bagizeneza kutaturungikira mugihugu cacu akokaziri nibagumane ntahaveyongera guhenda abandibana buburundi abashohorera mwibarabara! Imana ishimwe, Ariko iconomwibutsa ntahaveyibagira kuzararungikira abarundi ibifungurwa vyogufungura kumusi 3 nkukoyabivuze!?
7 Rusama 2014, 15:11, par Berwa
Ikibonekeje nuko nabafunzwe bazira sinduhije barengana bagiye kuburana igihano cagenywe kare baburana n’uwubahamba biba ivyubusa bahabwa ivyabagenewe none ko adafunze kdi ariwe wari abakuriye,barya bo bobarekuye !? Yewe uwoshaka yoza arareka guhora abantu ubusa .n’ abacamaanza baba babona ko abafunzwe barenganijwe ariko kubera batokwikura amata mukanwa baca urwa ngondangonde(urwananiye Ngoma) abafana ba alex dutambe dutarike.
7 Rusama 2014, 17:09, par Genetive
Umuvugizi w’areta NZOBONARIBA yarikumaramara iyaba afise isoni na leta avugira kuvyo bari basavye ko Alex SINDUHIJEyogarukanwa mu Burundi bobo bazi kubujuju bakoreshamugutwara igihugu c’uburundi nabandi ariko bameze , umudari wikimaramare uhawe umuvugiziw’aleta y’uburundi .
7 Rusama 2014, 19:24, par karikurubu
Harayandi makuru avugako Leta y’u bubiligi igere yirukane Ambassadeur w’u burundi mu bubiligi kuko igihugu aserukira gicinyiza agateka ka zina muntu
8 Rusama 2014, 06:51, par KING OF BAD
UWARI YITEZE ICIZA KUBUBIRIGI NINDE?NTIMUZIKO BARI MUBADUCUZE BUFUNI A LA PERIODE COLONIALE KANDI NINABO BADUPIMYE AMAZURU UBWO UCA WUMVA AHO BAHENGAMIYE.ARIKO NTACO AKATARETSE KABA GASEMA.<<AKAGOMBA KASURIYE KWIBUYE KATI NAHO UTAGIZE UTI HUUUUU KAGIYEYO.>>!!!
8 Rusama 2014, 22:01, par Irambona Liévin
Niyidegemvy Nkukw’avyifuza!Kuko Ntaco Haninini Yagirizwa Atari Kuburabuzwa Gushikiriz’ivyiyumviro Vyiwe Nacane Cane Kumpamvu Z’agashavu Kuvy’abona Kumbe Nihatari!Ese Twese Vyokunda Ko Tuba Bamw!Nibarek’umwe Wese Aserur’ivyiyumviro Vyiwe!
9 Rusama 2014, 15:30, par patriote
je nibaza ko ububiligi bwerekanye ko ubutungane babwo budatamikwa, ariko abariko barasaba ngo arungikwe i Burundi, bibaza ko La Belgique allait faire moins que La Tanzanie. Iyo Leta nice ubwenge, qu’il sache interpreter les actions.