Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaciye mw’ishure ngo bobera akarorero abandi mu burimyi-Petero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abaciye mw’ishure ngo bobera akarorero abandi mu burimyi-Petero (...)

Abaciye mw’ishure ngo bobera akarorero abandi mu burimyi-Petero Nkurunziza

dimanche 2 Kigarama 2012

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ahanura abaronse amahirwe yo kwiga amashure kubera akarorero abandi na cane cane iyo bavuka, mu burimyi n’ubworozi kuko isi ndimwa yamaze gutituka maze mu kuyisubiza akanovera ugasanga bisaba ubwenge n’ubuhinga abanyagihugu badafise.

Ivyo yabivugiye muri komine Gashikanwa mu ntara ya Ngozi yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru inyuma y’aho yari amaze imisi ibiri atera ibitoke vya kijambere mu murima wiwe mu ntumbero yo kugarukira igiterwa c’igitoke gisa n’ikiriko kirahona kandi ngo gifitiye akamaro kanini abanyagihugu.Uwo murima uri ku musozi Rutanga muri zone Ngoma ukaba ufise uburinganire bwa hegitari 48,5 ngo akaba awufitiye umugambi wo kuwurimamwo imbuto za kijambere na cane cane ibitoke ngo bisanzwe bihurumbirwa n’abanyagihugu benshi kandi imbuto ziri mu gihugu ngo zikaba ziriko ziratituka.

Ivyo ngo bizotuma abanyagihugu baronka imbuto nshasha maze baze barahindura basubiriza ivyo bari bafise bishaje maze basubire kuronka umwimbu mwiza nk’uko ngo yabikoze mu ntara ya Muyinga. Ari nako gusaba abize bose kumufatirako akarorero bakabikora aho baherereye maze n’abandi banyagihugu bakabafatirako akarorero. Amakuru dukura mu kinyamakuru PPB avuga ko ngo uwundi mugambi ngo watumye yiyumvira gutunganya umurima nk’uwo ngo ni uko hafi yaho mu Vyerwa ngo hari ihinguriro ririko rirubakwa kandi ngo rizokenera gukoresha ibitoke bitari bike ndetse n’ibindi vyamwa bitandukanye. Ngo ntivyokumvikana rero ko hari abantu bozana ihinguriro hanyuma bakabura ivyo bahingura.

Uwo murima rero ngo ukazoba ufise ihegitari 12 z’ibitoke, ihegitari 2 z’imboga, ihegitari 2 nyene z’ibiharage ndetse bikaba bimaze guterwa, ihegitari 6 z’ibigori hamwe na zibiri zindi zizoterwamwo ibiraya n’ibitunguru, ahasigaye naho ngo hakazoba uburagiro bw’ibitungwa kuko amaze kuhashikana inka zirenga 50 be n’impene zitari nke.Ngo ni n’akaryo keza ko kwigisha abanyagihugu kurima kijambere kuko ahenshi ngo bakirima uko bahora barima kera kandi ivyari imagera ngo vyarageruye kuko isi y’ubu ngo kugira yimbuke ibanza gutabirwa kandi bagatera n’imbuto zirobanuye. Ivyo rero kugira bishikweko ngo ni uko abanyagihugu boronswa imbuto zirobanuye kandi bakigishwa neza ingene bozitera iwabo gutyo bakarwiza umwimbu. Ari naco gituma yemeye kuzoronsa abanyagihugu bahurikiye mu mashirahamwe imbuto z’ibitoke igihe bizoba bigeze gutangwa. Nayo ivyo bitoke bikaba biri ubwoko bubiri: bimwe ni ivyo kurya imihwi ibindi navyo bikaba ari ivyo kuganamwo inzoga be n’imitobe.

Tubamenyeshe ko ibikorwa vyo muri uwo murima vyatumye abanyagihugu 30 baharonkera akazi ndetse iyo ibikorwa vyarwiriye hakaba n’amashirahamwe y’abarimyi baza gukora ibikonkwano kugira ibikorwa binyaruke. Tubamenyeshe kandi ko Prezida NKURUNZIZA asanzwe afise imirima ya kijambere mu bice bitari bike mu gihugu nko mu makomine ya Musongati, Nyarusange, Gisuru, Kiremba, Tangara n’ahandi.

Abanyagihugu bahegereye rero bakaba boja baratereza akajisho kugira nabo bashobore kwongereza umwimbu gutyo baronke ivyo bafungura bikwiye ndetse bashobore kuronka n’umusesekara bashorera ku masoko bashobore kwikenura mu bindi.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.