IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu kwanka gusakwa n’abapolisi bahisemwo guta impuzu ku mutwe

Mu kwanka gusakwa n’abapolisi bahisemwo guta impuzu ku mutwe

vendredi 27 Nyakanga 2013

Abadandaza b’ibitenge bakorera mw’isoko kwa Siyoni, gushika n’ubu barararahira bakarengwa ko ata mupolisi agenda yinjiye mu bibanza badandarizamwo, mu gihe ibitenge badandaza bemeza ko ari ivy’amagendo, ariko abakozi bo muri OBR aribo babafasha ku bishikana mu bibanza vyabo.

Kuva igihe c’isaha zibiri zo mu gatondo kuri uu wa 27 Nyakanga, abo badandariza ibitenge muri iyo soko, bakaba bahanganye n’abapolisi benshi harimwo na bamwe mu bategetsi ba OBR. Abadandariza kwa Siyoni rero bakaba agashavu ari kenshi nk’uko babitubariye, kuko bavuga ko batanga amafaranga menshi kugira ibitenge vyinjire mu bibanza vyabo, ayo mafaranga rero batanga, bakaba bemeza ko bayaha abakozi bamwe bamwe bo mu kigo OBR.

umudandaza ariko ayaga n'umwe mu bategetsi ba OBR

Amakuru twahawe n’abo badandaza, batubariye ko ku munsi ku munsi hinjira ibitenge ibihumbi bibiri vy’amagendo, kandi ivyo bitenge bikaba bizanwa n’abakongomani, bafashijwe n’abakozi ba OBR, ivyo bidandazwa kandi bigaherekezwa n’imwe mu miduga y’abakozi ba OBR kugira bishobore gushika mu bibanza vyabo kwa Siyoni. Abantu benshi ndetse harimwo n’abamwe mu bapolisi bari muri iyo soko, bakaba batumva ukwo ivyo bitenge biva mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, bikinjira mu gihugu bitarishe, mu gihe ikiyaga Tanganyika gicungerewe, imbibe zose zicunzwe n’abasirikare, abapolisi, abakozi ba OBR, ndetse n’abakorera urwego rw’igendereza.

Gushika igihe c’isaha icumi, haqri hamaze kuba imibonano itari mike, haba hagati y’umupfasoni wa Siyoni, abapolisi, abaserukiye OBR n’abadandaza, ariko iyo mikebukano yose ikaba ataco yashitseko. Inyuma y’iminota mike, umwe mu bakozi ikigo OBR, akaba yaciye azana ingufuri kugira yugare ivyo bibanza ariko ntiyorohewe kuko abo bakenyezi baciye bata impuzu ku mutwe, barabuza ico gikorwa. Abo bakwenyezi bakaba barahiye ko batava muri ico kibanza.

Bavuga ko ivyo basabwa ko bokwugurura kugira ivyarishe ikori bigume bidandazwa nayo ibitarishe birihishwe ikori, gushika ubu, abo badandaza ntibavyemera kuko bavuga ko boba barishe kabiri. Ahubwo bobo basaba ko Leta yogabanya ikori itangisha ku bitenge, kuko itagabanije nayo baronka batazosubira kuyabona. Ikindi basaba akaba ari ukwo abakozi b’ikigo OBR bahaye amafaranga bobanza bagashika aho kwa Siyoni kuko bavuga ko babazi.

Ku bwa Ndayiragije Emmanuel asanzwe arongoye ishirahamwe ry’abadandaza batobato basanzwe barangurira ibidandazwa hakurya y’amazi, yasavye igipolisi ko kitohirahira ngo gikoreshe inguvu kuko uko ivyo bidandazwa vyinjiye vyafashijwe n’abo baserukira ikigo OBR. Yabandanije avuga ko haciye igihe asavye ko ku rubibe rwa Gatumba hoshirwa urutonde rw’uko ibintu bitangishwa ikori, ariko OBR ntavyo yakoze. Ndayiragije akaba asaba ko hoba ibiganiro kugira icuka kibi kiri muri iyo soko kuva mu gatondo gushika ubu mw’ijoro gihagarare, na cane cane ko bamwe mu bakenyezi baja bamaze gushikanwa kwa muganga bivanye n’abarwaye indwara z’imitima, abandi nabo bakaba bari bahishirije ibidandazwa vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura kw’igenekerezo nkiri nyene rya 27.

Bariko bararahira ko abapolisi begera ibibanza vyabo
Igihe bagira bugare inzu bakoreramwo ku nguvu
bamwe bariko barasenga
umwe muri abo bakenyezi yaguye hasi

Aristide Nizigire

Messages

  • NIBA IGIPOLSI CAHAGURUTSE KUGWANY INYONYEZWA RY UBUTUNZI BW IGIHUGU KOKO, BATOMBOYE KUK ABAVYOROHEREZA BARAMENYEKANYE NIBABAZ ABO BAPFASONI BABAFATE NAKARE UKING AMABI ARUT UYAVURA. NTAMUMENJA NK UWUGOB IYARAGIYE "ATARI NA GWIWE!" YES ADUFASHE CANE.

  • Hakwiye kubaho igenzura rikwiye kubidandazwa vyinjira cane cane muburyo bwa ma tax kubidandazwa byose kuburyo nabadandaza batagira ico bidogera.birababaje kuba hari ingorane nkizo zikaburirwa inyishu kandi hari ababitorera umuti.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.