IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandaza b’abarundi basabwa kumenyera isoko rusangi ya Afrika (...)

Abadandaza b’abarundi basabwa kumenyera isoko rusangi ya Afrika y’ubuseruko

samedi 10 Rusama 2014

Babifashijwemwo n’ishirahamwe Trade Mark East Africa(TMEA), urunani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike ryaratanguje umugambi wo guhimiriza abadandaza kumenyera gukorera mw’isoko rusangi kugira uguhanahana ibidandazwa ku mupaka w’Uburundi na Tanzaniya bitere imbere.

Icigwa cakozwe n’urunani FORSC mu mwaka w’2010 cerekanye ko hakiri inzitizi mu bijanye n’ukworohereza uruja n’uruza rw’ibidandazwa mu karere ka Afrika y’ubuseruko, abarundi cane cane abakenyezi n’abadandaza bato bato bakaba batamenya akamaro k’isoko rusangi, rimwe na rimwe bagacisha ibidandazwa mu kinyegero babanje gupfumbatisha abakorera ku mipaka. Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC amenyesha muri uwo mugambi bazoshira imbere bazokomeza inyigisho zijanye n’uguhamagarira abadandaza b’abarundi kwijukira gukorera mw’isoko rusangi, ari nayo izofasha gushora mu bindi bihugu ibidandazwa bivuye mu Burundi biciye ku mupaka Uburundi buhana na Tanzaniya.

JPEG - 28.5 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (i bubamfu), ari kumwe na Anthe Vridjilandt, umuyobozi wa TRADE MARK EAST AFRICA

Muri uwo mugambi, umukuru w’urunani FORSC, Vital Nshimirimana yemeza ko kazoba n’akaryo ko kurwiza ibiganiro hagati y’abadandaza, abakozi b’ikigo OBR gitororokanya amakori ya Reta, abakozi bagenzura uruja n’uruza ku mupaka (PAFE), hamwe n’abandi bose begwa n’ikibazo c’uruja n’uruza rw’ibidandazwa mu Burundi no muri Tanzaniya.

Mwomenya ko uwo mugambi w’urunani FORSC ufashwe mu mugongo n’ishirahamwe Trade Mark East Africa(TMEA) uzokoresha amafaranga y’amadorare 125, 681 mu kiringo c’umwaka umwe n’amezi atanu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.