Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abadandaza bahora mw’isoko nkuru ya Bujumbura banse kwimukira kuri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abadandaza bahora mw’isoko nkuru ya Bujumbura banse kwimukira kuri (...)

Abadandaza bahora mw’isoko nkuru ya Bujumbura banse kwimukira kuri COTEBU

mercredi 30 Nzero 2013

Mu nama yo kuri uwu wa kabiri abadandaza bari kumwe n’ababarongoye muri Sendika yabo SYGECO ntibemeye kuja gukorera ku kibuga ca COTEBU mu kurindira ko haboneka umuti ku kibazo c’isoko yahiye.

Kimwe mu bibazo vyizwe mu nama yo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 29 nzero 2013 abarongoye Sendika y’abadandaza SYGECO (Syndicat General des Commercants) bari batumyeko ni icerekeye kuba barakoreye ku kibuga c’umupira kiri I ruhande y’ihinguriro ry’ipampa COTEBU.

Abadandaza bari bitavye iyo nama, bagiye baratanga ivyiyumviro vyabo, bahurije ku ngingo ivuga ko batemeye kuja gukorera muri ico kibanza ca COTEBU kiri muri komine Ngagara mu gisagara ca Bujumbura.

Abo badandaza bagasigura ko muri kirya kibanza ata mutekano uriyo na cane cane ku vyerekeye ubutunzi bwabo kuko ngo ata mabanki ahegereye.

Abo badandaza bakamenyesha kandi ko batinya ko ibibanza bahorana mw’isoko nkuru ya Bujumbura vyotwarwa n’abandi. Aho bamwe bamwe bagatanga akarorero k’abimutse bava mw’isoko ya kijambere yo muri komine Buyenzi batigeze basubira kuharonka ibibanza vyabo igihe baheza kuyisanura.

Ivyo kuja kuba barakorera ku kibuga ca COTEBU vyari vyasabwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu igihe yagirana inama n’abarongoye abandi muri abo badandaza.
Abo badandaza rero basaba ko isoko nkuru ya Bujumbura yosanurwa ariho bari ngo nk’uko vyagenze igihe isoko yo mu Kamenge yasanurwa.

Ugusaba Reta imitahe itagira inyungu kugira ngo barabe ko bokwisununura ni ikindi kibazo cizwe muri iyo nama ariko ngo Reta yaracakiriye mugabo nta nyishu irabaha.
Muri iyo nama, abadandaza bashinze imigwi bisunze ama quartiers bari basanzwe bakoreramwo mw’isoko kugira ngo bakorane n’abaporisi mu gusuzuma ko ata carokotse mu bidandazwa vyabo.

Iyo migwi ikazokurikirana kandi ingene imfashanyo bemerewe zokwegeranywa.


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.