Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abadandaza bakura ibidandazwa hanze baridogera ikigo OBR - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abadandaza bakura ibidandazwa hanze baridogera ikigo OBR

Abadandaza bakura ibidandazwa hanze baridogera ikigo OBR

jeudi 6 Munyonyo 2014

Abadandaza bakura ibidandazwa hanze baridogera ikigo gitangisha amatagisi OBR ko gitangisha amakori menshi ku bidandazwa bikurwa hanze y’igihugu.

Abo badandaza twasanze ku kivuko ca Bujumbura kuri uno wa gatatu, basigura ko bishika bakinjiza ibidandazwa kuri magendu kuko babasaba ibice binini vy’amakori, ugasanga kandi biguma bihindagurika. Ivyo rero bituma baca baduza n’ibiciro kw’isoko, aho mbere rero bituma bidakunda ko ibidandazwa vyabo bisohoka bitumwe n’uko abanyagihugu b’aburundi bugarijwe n’ubukene. Na bamwe bafasha abadandaza kurihira ibidandazwa vyabo aribo bita aba déclarant bagiriza ikigo OBR ko kidashinga igiciro kimwe kizwi kuko usanga umudandaza umwe arishe aya uwundi ugasaga arishe ayandi.
Abo badandaza basaba ko ikigo OBR ko cobagabaniriza amakori basanzwe batanga.

Tubibutse ko ivyo babishikirije mu gihe hari umudandazwa yafatanywe ibidandazwa vya magendu bigizwe n’ama Nido, naya miti yo kwiyugumura aho nyene ku kivuko ca Bujumbura.


Floxella Karire

Messages

  • OBR irihokubwinyungu zacutwebwe abarindi, ntabo yabaueho kubera kutwanka, Nkurikiranye ababarwizatungabacu ukobavuga ndibazako ntacobapfa nabakozibacu bakora muri OBR ahubwonosaba abakozi ba OBR kurwiza kuzabaratanga amatangazo ahohose hashoboka, kuri radio yigihugu, kuma radio yigenga nibinyamakuru tutibagiwe nomumasengero mukumenyesha abarwizatunga ivyahindutse hagatimugihugu nivyonjira bivuye hanze ukovyifashe mugusemererarero mubivuga natwebwe abaguzi tuzovyungukiramwo kukontamirwizatunga yozarihunguzango atubwire kwibidandazwa vyiwe bizimvye ngokibera ama tax yavyo arijejurucane. Ariko OBE ndayisavye yiyegereze abarwizatunga cane hose hagize igihinduka ikore iyobwabaye ibitangaze cane kuko OBR turayikunda nabarwizatunga turabakunda, igihugikiriho kubera gutanga tax’s igihugikirihokubera abarwizatunga kandigihugu kiriho kubera abaguzi, tweserero turakabaho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.