Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abadandaza bo mw’isoko ya COTEBU bashobora gutangura ibikorwa kuwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abadandaza bo mw’isoko ya COTEBU bashobora gutangura ibikorwa kuwa (...)

Abadandaza bo mw’isoko ya COTEBU bashobora gutangura ibikorwa kuwa mbere

mercredi 11 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Hoba hari icizere ko isoko mfatakibanza ya COTEBU ishobora kwugurura ku munsi wa mbere igekenekerezo rya 16 Ruhuhuma uno mwaka, kuko zimwe mu ntambamyi zatumye ibikorwa bidatangura ku munsi wa mbere, zitanguye gutorerwa inyishu, nk’uko Emmanuel Ngendakumana ajejwe umutekano w’iyo soko abimenyesha.

Zimwe mu nsiguro zatanzwe n’abadandaza, kuri uno wa mbere, kuwa 9 Ruhuhuma, banse kwitaba akamo ko gutangura gukorera muri ico kibanza, abo badandaza bavuga ko umutekano w’ibidandazwa vyabo udakingiwe kuko ata bazamu n’igiporisi bahari kuri iryo soko. Ikindi kandi cabatumye batitaba akamo, n’uko hakiri umwanda mwinshi muri iryo soko, kuko ibikorwa bitararangira kugira hashobore gukuburwa.

Kuri uno wa gatatu, Ikinyamakuru IGIHE cishikiye aho kw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, kikaba casanze kimwe mu ntambamyi yatumye abadandaza batitabira akamo iriko irahava, kuko hamaze kuboneka abazamu mirongo ibiri na batanu, abo nabo akaba ari abahoze bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Umwe mu banyezamu twahasanze, ariwe Ntahondereye Eliya, yatumenyesheje ko n’ubwo ari bake hari abandi boba barindiriye ko ibikorwa bisubira gutangura, bakazoca baza, umwe wese akaja muri karitiye yahoramwo. Abo badandaza bakaba bashimye gukoresha abahora babakorera isoko itarasha.

JPEG - 210 ko
Eliya Ntahondereye

Ku ngorane y’igiporisi naho kitaraboneka, uwushinzwe umutekano kuri iyo soko, Emmanuel Ngendakumana amenyesha ko bakirindiriye ko utuzu bazobamwo twuzura. Abo bapolisi bakazocungera umutekano bari mu tuzu tune, kamwe kamwe mu mfuruka y’ inyuma y’iyo soko hamwe n’ikirindiro cabo cubatswe ku ruhande rw’inyuma y’iyo soko nyene.

Ku cerekeye umwanda nawo ukirangwa muri iyo soko, abadandaza bamwe bamwe baramaze gutangura kwikuburira ku bibanza vyabo, naho hari ahandi hakirangwa imicafu myinshi. Muri iyo soko nyene hakaba harateguwe ibintu bimeze nk’ibigunguru bizotabwamwo imyavu, mu nyuma ibimashini bikaza kuyitora, nk’uko tubandanya tuvyiganirwa na Eliya Ntahondereye. Abadandaza rero bakavuga ko hamwe umutekano w’ibidandazwa woba ukingiwe neza, ko ata nkeka ku munsi w’Imana borara bazanye ibidandazwa vyabo muri iyo soko, kugira ku munsi wa mbere batangure icese ibikorwa.

Tubamenyeshe ko muri ayo makaritiye hasigaye ibibanza bike cane bitarubakwa, mu kibanza kizojamwo bamwe mu badandaza b’ivyamwa hariho igihande kitarasakarwa. Ku ruhande rwa hamwe hazondandarizwa ifi, indagara n’inyama, ibikorwa vyo gusozera kuhubaka bikaba bigeze kure.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.