IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadashigikiye ikindi ikiringo ca Nkurunziza ntibanezerezwa no kuba (...)

Abadashigikiye ikindi ikiringo ca Nkurunziza ntibanezerezwa no kuba kitaganiriweko

lundi 1er Ruheshi 2015

Inyuma y’inama y’abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko yasavye ko amatora yokwigizwa inyuma ikiringo c’ukwezi n’igice,abadashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu bavuga ko batanezerejwe no kuba ico kibazo kitavuzweko kandi arico giteye ingorane.

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bavuganye n’Iradiyo y’abafaransa RFI,bavuze ko bari bizeye ko iyo nama y’abakuru b’ibihugu yabaye kuwa 31 Rusama isaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kudasubira kwitoza ariko bakababazwa n’uko ataco bakivuzeko.

Umwe mu banyagihugu yavuze ko vyabababaje cane kuba abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko ataco bigeze bavuga ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,kandi berekana nuko ata bushobozi bafise bwo gusaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kureka kwitoza.

Ku bwa Pacifique Nininahazwe umwe mu batemera ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, yavuze ko barindiriye ico Reta y’Uburundi izoshikiriza ku vyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,n’ishirwa mu ngiro ryavyo ariko aca amenyesha ko imyiyerekano ibandanya.

Iyo nama yasavye ko amatora yo kwigizwa inyuma ikiringo c’ukwezi n’igice,hamwe no kwaka ibirwanisho abanyagihugu bose babihawe.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yavuze ko ingingo yo guhindura ikirangaminsi c’amatora kiraba umurwi ujejwe gutegura amatora ,naho kuba abakuru b’ibihugu ataco bavuze ku kiringo ca gatatu c’Umukuru w’Igihugu ni uko ari ikibazo kiraba ubwigenge bw’igihugu icarico cose.

Iyo nama yitabwe n’umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, uwa Tanzaniya Jakaya Kikwete, uw’ Ubuganda Yoweli Kaguta Museveni ,yarimwo kandi umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, Jacob Zuma.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Emera nabirya vyatanze nabagize Afrika y’Ubuseruko kuko ubu hageze kotwiyamiriza ikiringo ca 4 nayo icaga 3 yagitwaye Murakoze

  • ni vyiza bavyumve ko ata kibazo

  • Ico twaguhinyuyeko, n’uko udashaka amahoro, ntukunda uburundi n’abarundi. Mbega zirya quartiers umenga zabaye ibisaka, zibamwo Nkurunziza? Zirya Lacrymogènes ziterwa zikokera abana bacu, hari uwa Peter arimwo? Abadakora si twebwe nyene? Abuha ration ni bangahe? Wewe n’umuryango wawe ntawubabona. Turanse. Uwo musi w’ejo uraza utuje imbere, hama abatarategera ico ugamije bakuyoboke. Nta n’umwe azosubira kukuja inyuma. Aho bigeze biraturambiye. Coup d’état yarakunaniye. None izindi nguvu utwizeza atari izo mw’ibarabara n’izihe? Uripfana.

  • Jewe ico nipfuza nuko ukuri gutsinda imana ibona ukur ukuri kurateba arik kurdo

  • Jewe ico nipfuza nuko ukuri gutsinda imana ibona ukur ukuri kurateba arik kurdo

  • Mwihangane imana irahari kandi ijambo ryayo ribwirizwa kuranguka ariko ni kubemera. nanone biracari hafi uwuravye azobona uburundi bushasha igihugu c’imana yitorey.bonne chance.

  • Pacifique nzomwihanira rindira gato mumisi muzobona agendesha ibipfukamiro

  • GASOPO!!! MUZOBE MUSUBIRA. WE NTIWUMVISE KWABO MWAHENZE BIDOGA?

  • Abarundi twabaye nkumwe yo komorwa nimvuvyi akitwara kusato,murabo banyakubahwa havuyemwo kikwete,bose akandi ka mandat ntikobarwa nabi,muyandi majambo batubwiye ngo tunyarane bazoce bashigikira uwuzotsinda uwundi,ivyamahoro yacu nagateka kabarundi ntavyobanezwe,abarundi tukihenda tukava mwibarabara ,peter azoca acika intare iryana nka hitler ,ntamugambwe uzosubira kubaho,icibagiweco namaradiyo nibimenyesha makuru,tuzoba dusubiye mubukoloni busumba ubwa babirigi,twese tuzomubera umuja ikikimubangamiye gusa nudufaranga abazungu batakimuha nayubundiho azoca yima nkumwami yitwe sa majesté nkurunziza 1 er,ivyibare vyiwe bizoba biri ubuye,umushikirangoma wambere wiwe azoba ari nyakubahwa nyamitwe,uwo kwivunabansi abe adolfe,twihende tusubire kuryogora .agapfa kaburiwe nimpongo.ndaramukuje

  • abo bagiy munama nyamitw yagiy ajany imiti yo kubahuha nti muyoberw ko bena nkurumbi wiw bama ikuzimu

  • Ndababaye nibagerageze mbe ahumuvugizi wa pita avuga ko ataco bakivuzeko ngo nukubahiriza ubwigenge mbega igihe buyoya atembagaje ntibantunganya uburundi ntibwari bwarikukiye ko na pita yasenyuye ibwirizwa shingiro

  • murahumba aritoza mwebwe vyabananiye kuja guhiganwa nawe kamweza amakungu ko mukomeye NGO abene gihugu bonyenecberekane uwo bipffuza munama ningingo ngo murindiriye abanyamahanga kwaribo bavuga muzosarira mwibarabara muzotinda muruhe kazima vyamaze kumenyekana kwamagrenade. ariko ataterwa naba msd banyu

  • GUHINDURA SIBIBI ARIKO ABO BAROBERIYO MUBIGEKO KUKO BARASHOBORA KUVYEMERA ARIKO UGASANGA HAGEZE GUTORA BAGATER,AKADURUVAYO MUBEMERERE MWABANJE KUVYIGA NEZA ABA BATUTSI IMIGAMBI BAFISE SIYO GUTWARWA N,UMUHUTU BATEKANYE BAKENEYE KWAMA BAKOSORWA AKAMARAMAZA NUKO BISAMBURIRAKO NGOBARIKO BAHANA NKURUNZIZA MUZOPFA NABI MUSARA WAHANGAYE IGITI KIDAHANGARWA AMARASO MUSESA AZOBAKORA

  • Satani nimbi yose, umuntu arashobora kugira ubugome kugezigihe nubwiza Imana yanuhaye bugenda bugahinduka agasigarameze nkavyabiyoka bininibinini!?.

  • emma

    nininahazwe gezaho intenderi ya sheshe umuti kandi imitwe yawe yagupfanye abona buburundi uguma ushuhurira mwi barabara umenyeko uzobibazwa hagarika ningoga iyo migumuko wewe na bandi murikumwe muzojirahe mutabihevye.

  • emma

    nininahazwe gezaho intenderi ya sheshe umuti kandi imitwe yawe yagupfanye abona buburundi uguma ushuhurira mwi barabara umenyeko uzobibazwa hagarika ningoga iyo migumuko wewe na bandi murikumwe muzojirahe mutabihevye.

  • Pacifique we awashaka wemera aritoza. I co womenya co nuko nawe woja kuri tere ukerekana imigambi nawebakagitora, ariko kuvugir’aho mubiro ngo imyiyerano yo irabandanya siwomuti.Nahoutajayo murungika izo mvusi zurumogi, aabout bakurubibihugu bo baraziubwigenge bigihugu ko butavogerwa. Wish aka amahoro nawe wohunga. Ukajakurya interest zibigori.

  • OU TURAFATA IBIGWANISHO OU TUREMEZA DUCUGWE BUFUNI NA BUHORO

    BARUNDI jewe ico mbona Burya ubu ibintu birakomeye,,kandi ico mbona kigira imyiyerekano ni guta umwanya ni gushora abana bacu kubuhomba , kuko biragaragara ko ata myiyerekano ishobora gukura NKURUNZIZA kubutegetsi naho vyogenda gute,,, ikintu kitumvikana ni uko abategura iyo myiyerekano benshi ubu bahungiye hanze ,, bakokeza bari mu mahanga kuri W zitatu,,gusa babaye des mathématiciens pour compter abapfuie or abandi bariko bahonera mu myiyerekano,,,ça c’est inaccaptable,,, ndashigikiye uwavuze ko abo muri opposition na société civile kuri kino kibazo ca mandat bariko bakora nkubusimbirahamwe,,,ibica bihimbaraga Nkurunziza,,jewe ico mbona dufise deux solutions uniques :

    1. Soit Il faut UN REPRIS , inguvu zose zisanzaye bazishire hamwe hanyuma barondere IBIGWANISHO BARWANE ,,mungwano hagira uwutsinda canke uwutsindwa,,,les pays étrangers sont toujours làpour soutenir la guerre il faut seulement formuler la demande KUKO BARAKAMISHA LA CRISE. Iyindi opportunité ni uko mugihugu hagati hari mecontentement yaba jeune benshi nabo nibo bazogira pillier yingwano,, en plus les grands cervaux de l’université du Burundi birukanywe ubu bari muhira bazotuma urugamba rugira inguvu ,,kuko burya na CNDD -FDD yagiye gukomera igihe habereye akajagari muri Kaminuza yuburundi igihe abahutu bariko batotezwa,,,abasirikare naba polisi benshi ndazi nabo nyene bazoca bafasha urugamba kuko benshi barababaye bakabura aho bavugira,,,,Amaradiyo ntayahari kuko burya ingwano iragoye amaradiyo aza aravuga ingene biriko biragenda kuko il faut suprendre Nkurunziza,,kuko nabo muri Leta ubu bose bara regrettant kubona ata maradiyo akivuga burya nabo nyene niyo bahora bumviriza mu ku maitrisant akarere,,,DUFATE IBIGWANISHO RERO TUGWANE INGWANO YA RUNYOTA NTAWUPFA KABIRI, KUKO KUBERA AKAGAYE KA NKURUNZIZA TWARAMAZE GUPFA NAHO TWIBAZA NGO TURIHO,,, tugwane gushika NKURUNZIZA azinze sa valise pour son voyage au troisieme mandat,,,

    2. Ivyo mvuze muri (1) ,mubona bidashoboka,, ntimwirigwe murata umwanya muhindira urwaruka rwacu ,,ruca ku macuniro mwibarabara rusesa amaraso ababiteguye muri mwihezera ama subageti,, ni duce twemera Peter aducure bufuni na BUHORO,,aducuranguze uko yishakiye,,ni yaruha ahe umuhungu wiwe na coniki gushika Yezu agarutse ,,,,,abarundi tuzoba tumeze nkuruhongore rwintama,,,aho nko kumusi mukuru wubunani canke wa Noheri umworozi acagura ibimasa binuze azimana abashitsi ,, rero ba DORUFU , BA BUNYONI ,BA RWEMBE , bazoca baja bacagura uko bishakiye abantu bo gucisha kubuhomba,,,,atacamira.

    C’EST MON POINT DE VUE IBINDI VYOSE NI GUTA UMWANYA

  • nagira nkebure Pacifique niyemere nkurunziza amutware kuko nahoyanka azomutwarayankayakunda kuko abarundi 80% turamukunda none wunva20% bazoshikakuki kandinagirandamubwire niyihane ayomacakubiri imananayo iriteguye kumugirira imbabazi

  • ahubwo amakungu tuyihoze kuko ntaco namye ndayitezeko kuva kera kuko kuva kera ntaco batumariye ’ dusubire rero guhera ejo dusidukane niyonka tugire imyiyerekano tudugije amaboko basubire badutangure kudutera ivyuka vyokera turabe kandi n’amakungu abinone

  • Paci abana bawe wabarungitse buraya twebwe abacu bagorewe muhira kandi uri No 1 mubantu batanguje iyi migumuko turagusavye uhebe utegure 2020 .2015 yoyo aba DD barahejeje

  • Mwene harimeshi wee! Urabanza uje kwiga au moins no muri maternelle umenye indome.

  • @Emera
    "Emera nabirya vyatanze nabagize Afrika y’Ubuseruko kuko ubu hageze kotwiyamiriza ikiringo ca 4 nayo icaga 3 yagitwaye Murakoze"
    Mbe ico kiringo azogitwaza amenyo ko abafasha womenga barikuriye mwo akarenge? Mugabo wosanga ari akarimi gusa nabo nyene!

  • kuvugako atakindi gihugu cisuka mu mateka yikindi gihugu barihenda kuko abanyagihugu ntiborenganywa ibindi bibona raba muri somaliya nahandi ’ ntidushobora kubona bahonyanga ibwirizwa ry’i arusha naho yadukuye ndetse naho bonyene yabakuye bariko barya i bijumbu bibisi, banyagigwa ijoro numutanga ’ bataziko nabone ingene bazosubira mu gihugu

  • hewe pacifique weee,wahagaritse koko abarundi tukibonera amahoro,twaragukunda ariko agahombo umaze kuduteza ntikagira ingano,ubuzima bwatanguye kutugora cane,abana babayeho nabi kubera wewe.

  • dore ukuntu areba sha uraduhenda ariko ntaco mbendakubaze umungore wawe nabana bawe na benewanyu warabarugitse nabo mumyiyerekano kuki uroha abarundi nkurunziza oye oye guma kwivora abarundi turinyuma yawe nayo ico kivunamuheto uragiha imbabanzi ?!

  • Sha je kugira nsubire mw’ibarabara nzomanza kwiyumvira kuko uravye ukwezi ni kunini kandi umengo dutamba twirorera. je narinzi ko n’akarere kodufasha ariko ndabaye déçu. Jewe mbona umengo simbona neza imbere. None ko mbona n’abandi bagenzi bariko bisokora kubera igipolisi ataco kicibanga, akarere kakaba kaduhevye mubona hari ikizigizigi tugifise. jewe mbanje kubireka gato. Ntimuntahure nabi ni ingingo mfashe ku giti canje.

  • "Vyukuri icerekwa ni ikibona ikibwigwa nicumva" cire birarura abantu nibaze batandukanya imyaka 1965 canke 1972 sicokimwe na 2015. nimuze munaharura nimyaka ihaciye ubu abarundi turahabona gusa turarindiriye ico mwikoza. abarundi mwatuvyoronze kera turinumira turanibagira bihinduka kwibanira neza none mugira mutwibutse ivyahise, HAZOSIGARA UWUFISE INGUVU.

  • Burundian President Pierre Nkurunziza is seeking a third five-year term in office, despite violent street protest, and a failed coup détat. Nkurunziza was elected by Burundi’s Parliament in 2005, and he now claims that the Burundian constitution allows him to run for election twice by voters enjoying « universal suffrage, » and the Burundian constitutional court has upheld his claim. The US, EU, and Western media have, nevertheless, relentlessly decried Nkurunziza’s decision.

    Western powers and press fail to note that neighboring DR Congo’s President, Joseph Kabila, was appointed in 2001, not elected by universal suffrage, that Kabila then ran and claimed victory in 2006 and 2011, and that many were killed in election violence both times. They also fail to note that neighboring Rwanda’s President Paul Kagame was appointed in 2000, not elected by universal suffrage, and that he then ran and claimed victory in 2003 and 2010, after imprisoning or terrorizing all other viable candidates. Nkurunziza is claiming the same right that Kabila and Kagame claimed, but Western powers and press who didn’t blink at their third terms have relentlessly demanded that he step down. This doesn’t make Nkurunziza’s decision right or wrong or politically wise or unwise. It simply puts his barrage of bad press in perspective.

    Why is the US demanding that Nkurunziza step down, after so graciously tolerating both Kabila and Kagame’s claims to the constitutional right to be elected twice by universal suffrage? Why has the US made no comment on Kagame’s faux people’s campaign to have the Rwandan Constitution amended so that he can run for a fourth term, or more likely, for life?

    And why hasn’t Ugandan President Yoweri Museveni’s announcement that he will run again in 2016, his thirtieth year in power, alarmed the West? Museveni, the really big « big man » in the region, is already jailing anyone trying to hold a public meeting about electoral reform or boycotting next year’s election. In 2011, Museveni had so much money printed to buy the election that it caused drastic inflation in Uganda and inspired the Walk-to-Work protests, during which Human Rights Watch accused security forces of « firing randomly into crowded areas and throwing tear gas at people or into houses. »

    In an essay published in Global Research, Gearóid Ó Colmáin writes that Nkurunziza has fallen out of favor with the West by striking a deal with a Russian corporation to mine Burundi’s nickel reserves, and that the US has engaged in a low intensity campaign to destabilize Burundi and the surrounding region. He blamed foreign funded media, especially private radio stations, for frightening the population to destabilize the country. And, he wrote that Nkurunziza might not be the USA’s choice to manage Burundians’ memory of their own suffering. « The US government is acutely aware that if the people of Burundi are to know the truth about the US-backed genocide of the Hutus in Rwanda and Burundi, it could jeopardize their foreign policy objectives in the region. »

    John Bugnacki, writing for the webite of the American Security Project and International Policy Digest, accuses Nkurunziza of following in the footsteps of Zimbabwe’s President Robert Mugabe and Equatorial Guinea’s President Teodoro Obiang, whom he calls « personalistic, authoritarian leaders with a thin veneer of democratic legitimacy. »

    No mention of Rwanda’s Kagame or Uganda’s Museveni, Nkurunziza’s immediate neighbors to the north, both of whom are longstanding US allies and « military partners. »

  • Mbega Eddy,
    ivyo ubikurahe? ahubwo warukwiye kwishimiriza kubona tugarukanye abarundi Bose nabamwe b’akanyaro mubiganiro!iyoniyo ntsinzi yambere cobo. Mbega uruwahe?Pacifique ramba!! komera!!! ntituri abaja.

    Murasire nawe,
    erega wewe ntiwatahuye ivyabaye. ivyovyngimba nivyonyene twabankiye none urabigarukanye. ufashwe n’ibiki? amase yakera ntagihoma urutaro cobo. MBE uzohava urengera kubavukanyi umesure? hari umuntu nigeze kubona Muri Bangladesh yazindutse kumesura asanga niwe amesuwe. uraraba neza nagukebura.

  • Mbega Eddy,
    ivyo ubikurahe? ahubwo warukwiye kwishimiriza kubona tugarukanye abarundi Bose nabamwe b’akanyaro mubiganiro!iyoniyo ntsinzi yambere cobo. Mbega uruwahe?Pacifique ramba!! komera!!! ntituri abaja.

    Murasire nawe,
    erega wewe ntiwatahuye ivyabaye. ivyovyngimba nivyonyene twabankiye none urabigarukanye. ufashwe n’ibiki? amase yakera ntagihoma urutaro cobo. MBE uzohava urengera kubavukanyi umesure? hari umuntu nigeze kubona Muri Bangladesh yazindutse kumesura asanga niwe amesuwe. uraraba neza nagukebura.

  • vyo nanje imyirekano ndayihevye kubona hamaze gupfa abantu 30 hagakomereka 300,imbonesha kure zikirigwa ziriko ziravyerekana ikibirirako amakungu akaba ataco yakoze ngo Peter avavanure na 3eme mandat, birerekana ko atanguvu abari mwibarabara bafise, muzongera kumbona niyashaka ikiringo ca 4 naho ubu byebye!!

  • EWE PACIFIQUE URATEYE ISONI,UWOKWIHENDAKO YOGIRA NGO URAFISE UBUMENYI KUKO UBWENGE BWO BUTANGWA N’UHORAHO.WEWE WIPFUZA KUBA UMUKURU W’IGIHUGU UDASHOBORA GUSOMA IBWIRIZWA SHINGIRO?KUGEZA AHO ABANYAMAHANGA ARIBO BAKUMVISHA IBIRIMWO KANDI VYANDITWE N’ABARUNDI?URATEYE IKIGONGWE N’AGAHINDA.GENDA UHITANE UMUGORE N’ABANA BAWE ABE ARIBO UJANA MWIBARARARA,TWEHO TWAGUHINYUYE,AMAFARANGA YA BANDI WARIYE UZOYARIHA WEMERA UTEGEKA.

  • nukuri birababaje cane kwumva abakuru bibi hugu bakoraniye ahantu hamwe ntibashike kwijambo nyamukuru..

  • Mbega wewe utuka Pacifique umuronderako iki? none ugira niwe yasibije yamatora MEZA CANE kandi y’ikibiriraho ya le 05 juin? Burundi is not a hill of fools! barya ba presidents nabo bashimye kugenda etape par etape. uwitonze amira ibinoze. ’there are many ways of skinning a goat but some are more cumbersome’ selon Professor Bwamiki(Uganda christian universty)

  • Pacifique naho ushira abapfa bose kuri Peter Nkurunziza ba uramenya ko abize bakanonosora amategeko ko ari wewe responsable yabapfa bose .eka nabicwa ninzara ou bapfa bapfiriye kwa muganga ko bose bari kugatwe kawe.Mbega wewe nta inama ningigo uzi?Nta ndero waronse?Usonera iki wewe?Kudadaza ni kamere ku mwana ataronse indero.Ikinezereje nuko ako kadadazo kawe katazogutuma usubira kubona uburundi numusi umwe.Erega Pacifique tu mets en danger ubuzima bwawe hamwe nubwabana bawe.Ntuzomenya nuwakwishe kubera ou uwishe abawe kubera ayo mategeko utanga yica benshi .Ikunde sha ..ari rwanda uganda kenya zose zirakuvuma.Reka amatora abe ubuze abo baja bawe gutoba.amatora niyo solution kungorane ziri i burundi.Soit Peter aratorwa ou ntatorwe.Adatowe ni mahwi.atowe naho 5 ans zimaze iki face y ibintu biriko vyononekara?????
    Muhungu ubusazi buherera mu misozi...ubuntu bugasharama mu bantu.
    c est a toi de voir.Kurohera abantu mu mabarabara baja gupfa ngo peter azobazwa garura akenge sha.numva ngo warize...Tu sais qui est responsable des maux actuels du Burundi.Na la haye wewe ntaho uzoshika.Abarundi bato barisaza mais akenge kagarutse baratahura.nibakuyoza iminwe iyo uzoba uri hose ntuze ubeshere Adolfe ngo niwe akwishe..

  • none bizogenda gute ko impari ikomeye ari mandat ya3 imana niyo twishimira

  • Mbega Pacifique urakomeyee canke nawe unywa urumogi? Harya twogenda twosangamwo abana bawe bangahe, aba Mbonimpa bangahe, aba Rufyiri bangahe? Mbega benewanyu be nabagore banyu bari he? Yaco muduhenda natwe tukeneye kubaho!

  • Agahugu gato gakenye kubi kamire muntambara idahera bizodushikanahe abarundi?

  • Nanje mbaye nkuyo, duhindure uburyo, dushiremwo inkoho. Mu basirikare n’abapolisi si benshi bashima iyo ngendo ya Peter. Hanyuma, turya tugwi tw’’abapolisi barasa bakica tuguma tuzunguruka ahari manisfestation turasa twica twotwo turoroshe.
    Naho twokorera muri Bujumbura mairie na rural, igihugu cofatwa mu mwanya muto.

    Ico ni iciyumviro ciwanje.

  • minani na denis ndashigikiye ivyomwiyumvira, iyombwa pacifique Ninahazwe niyicwe nawe nkuko ariko yicisha abandi

  • je ndashma ivyavuy munama knda ndiyamirij amajambo ya pacifique uwo mushenzi

  • BANTU MWEE, IZO NZOGZA ,URUMOGI, NUDUFARANGA BABAHENDESHA MURATAHURA KO ABANA , NA BAGORE NIMIRYANGO YABO BATAJA MUMMABARABARA MBEGA NIBAGI SHIKIRA BAZOBIBIKA IYO MUTASHE MURYAMA MWARUSHE CANE MUTIKOMA, MURIKO MUPFIRA UBUSA NABAPFUYE IMIRYANGO YABO NTAWUBAGARUKI KANDI NTAWUZOBASHUMBUSHA, MWABANTU MWE AHO MURAHABONA ? MURAJA NGAHO MUKITEGA URUFAYA NGO NTACO RUKUGIRA..... ARE YOU CRAZY ? ARE YOU STUPID NI HAHANGAME H.E. PETER NKURUNZIZA IMANA IKUJE IMBERE. PETER OYEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEE.

  • BANTU MWEE, IZO NZOGZA ,URUMOGI, NUDUFARANGA BABAHENDESHA MURATAHURA KO ABANA , NA BAGORE NIMIRYANGO YABO BATAJA MUMMABARABARA MBEGA NIBAGI SHIKIRA BAZOBIBIKA IYO MUTASHE MURYAMA MWARUSHE CANE MUTIKOMA, MURIKO MUPFIRA UBUSA NABAPFUYE IMIRYANGO YABO NTAWUBAGARUKI KANDI NTAWUZOBASHUMBUSHA, MWABANTU MWE AHO MURAHABONA ? MURAJA NGAHO MUKITEGA URUFAYA NGO NTACO RUKUGIRA..... ARE YOU CRAZY ? ARE YOU STUPID NI HAHANGAME H.E. PETER NKURUNZIZA IMANA IKUJE IMBERE. PETER OYEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEE.

  • nta mvura idahita NS sommes pour la vérité nimwikebuke abantu mucurika amategeko

  • PACIFIQUE NTAWOMUTUKA NGO YUMVE.
    mbega kontaramubona mu myiyerekano?Aroha abandi.Ubwo buhera yama aronka a gauche a droite ntaho buzoshika ko ni imivumo
    Vyari bimutwaye iki ko haba amatora maze tukabona akari kumutima?
    Abamaraya barakomeye aha kwisi..Peu importe way bakoresha.Ariko se aje ngaho yicishe abantu inzara?Aje ngaho yihe ijambo atawarimuhaye ngo nukubera agenda amijira amahera ataco amaze abanywa rumogi n bandi ntavuze ngo ni ba keitiya?Turarushe ubukene buratwishe .Ico yomenya uko bigenda kose Peter Nkurnziza yarakuye agasuzuguro ku bahutu ....Ingwano basokuru badata barwanye kuva kera barondera agateka ku muhutu yariko aragasozera yambika abahutu iteka akura mubanyaburundi amacakubiri aturuka kumazuru kuri physique bahawe nimana...Pacifique nawe uwo mwana yiganza atiganzira murugo rwa se ngo out Peter Nkurunziza!!!!KIDAVYI MENYA KO TWEBWE TUTAZOREKURA....tUREKE DUTEZE IMBERE u BURUNDI .UDAKENEYE IMESE.
    nGIRA NDAGUCIRE AGACE.pETER nKURUNZIZA AGAHIRAHIRA AKAVA KURI MANDAT TWAMUHAYE TWEBWE BENE BURUNDI MANIFESTATIONS TUZOGIRA NTIZIZOSA NIZO UKORESHA.bIFATE NKA NKAMA KUKO URATUZI.TURI BENSHI KUBASUMBA KANDI URAZI KO TUZI KUMENA KO TUBASUMVYA NINGUVU
    dEMOCRATIE NI IKI???uBWINSHI MON CHER...aMAHERA WIRIRWA UMUJIRA MUBANYARUMOGI NIYAGUHERANA UZORABA AYO BAGUKORERA
    HAMA GARURA AKENGE.nI AMATORA AZOZANA AMAHORO I BURUNDI.iRYO TERA BWOBA UVUGA NGO IVYO ABO BANYWARUMOGI QUI MANIFESTENT SUR VOTRE INJOCTION BAKICA BAKAMENA NGO NI PETER AZOVYISHURA NDAGUSUBIRIYEMWO.lA LOI EST TRES CLAIRE ET NETTE NI WEWE UZOBIBAZWA
    USHIMA pENDANT 50 ANS WEWE NTUZOPFA USUBIYE GUHONYOZA AKAGURU I BURUNDI.iTS UP TO YOU AMENDE TOI .pOLITIQUE YUKWICISHA INZARA ABANTU NIMBI.uSHIMA NA kAGAME POUR EVITER INSECURITE UZOBATEZA AZOKWIRUKANA VUBA.sO HUNGA UHUNGIRE KURE CANE UCE UHINDUZA ISURA BE NIZINA.nDAKUBWIYE KO NIWABA UKENEYE KO UMWANA WAWE ABAHO MEME TA FEMME BASHIRE KURE KURE YBURUNDI.uSIVYE NA TA FAMILLE DIRECT BENEWANYU BOSE HUNGA MUJE KURE KURE APRES 50 ANS MUZE MUGARUKE
    NTA POLITIQUE UZ WEWE....BURYA KWICISHA INZARA ABAKECURU BE N ABANA NI UMUVUMO WAHARUYE NABI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.