Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abadasigana bagabishijwe kw’ivuka rya UPRONA-NYAKURI - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abadasigana bagabishijwe kw’ivuka rya UPRONA-NYAKURI

Abadasigana bagabishijwe kw’ivuka rya UPRONA-NYAKURI

mardi 15 Mukakaro 2014

Mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA basaba ko umushikiranganji Edouard Nduwimana yokwerekana ikosa barenze, mu kwankira ko abagize komite nkuru y’uwo mugambwe bokorana, mu gihe bari bisunze amategeko.

Mu kiganiro catanzwe n’abarongoye umugambwe w’Abadasigana UPRONA ishami rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije, bakaba batangazwa n’inyifato ya Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, mu kurungika igiporisi kibuza inama ya komite nkuru y’umugambwe UPRONA, mu gihe yari yatumweko n’ababifitiye uburenganzira. Umushingamateka Karori Nditije, akaba yamenyesheje bitangaje, kubona inama ya komite nkuru y’umugambwe yo mu mwaka w’2009 yemerwa na Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ikemerwa na Concilie Nibigira ashigikiwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD, hamwe n’umushingamateka Karori Nditije avuga ko ari mu murwi w’abashaka kwambika umutamana UPRONA, igaruka ikaburagizwa n’itegeko ry’umushikiranganji, aho baza ngo inama rukokoma y’umugambwe UPRONA.

Umushingamateka Karori Nditijerero agasaba Abadasigana b’umutima kutitaba ikoraniro ryo kuri uyu wa 27 Mukakaro ririko ritumwako n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu afashanije na Concilie Nibigirainama. Amenyesha ko iyo nama, ari iyizoba ije gushira ku mugaragaro UPRONA-NYAKURI izoba ije gukorera ku mu kwaha kwa CNDD-FDD. Avuga ko bitangaje kubona iyo nama rukokoma itumwako mu gihe atanahamwe yanditswe mu mategeko ngenderwako y’umugambwe UPRONA, kandi igatumwako n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu afashanije na Concilie Nibigira.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mwebwe murasara ntimukomeye mumitwe .kuko haricot mwibagiraumugambwe iprona nimwebwe nyene muriko murawusambura,nkawewe nyene nditije ndakwibarize kuki mudashaka kuva kwizima?kuva uburundi bwikukira ntamukenyezi numwe mwari bwemerere ngwarongore yo mugambwe,ubu rero muciye mukoma induru,subiza ivyabandi.

  • ewe rutovu mbe wibaza ibintu ko bizokwama uko amazi arashuha ntiyibagigwa ibumbeho ukuri kuzoteba kuje ahabona.

  • KUKI UTIYITA MURAMVYA? MWABIPFU MWE MWAHEMUTSE BIBILIA NIKO IVUGA
    ABAGORE IBIKOGWA BAKOZE NTIMUBIZI? DELILA NI CONSILIA
    NDITIJE NI SAMUSONI
    CNDD FDD (EDUARDO ) NI ABARIRISITIA NTANARIMWE NIGEZE MBONA KW’ISI YOSE AHO NAGIYE NAHO NGEZE IGIPICE CANKE UBUTUNGANE BUHENGAMIRA KU BUTEGETSI CANKE UBUTEGETSI BWIVANGA NIMIGAMBWE.
    NICO GITUMA ABANDI BOSE IYO BAGIYE HANZE BASANGANIRWA NA BOSE ARIKO UMUKENYEZI WA NKURUNZIZA AHERUKA INO AUSTRALIA YAKIWE NABI PERTH GUSA ATABANDI BO MUZINDI NTARA. AJE SUKO TUTARI TUBIZI ARIKO NUKO YARI NKUKWIBEKA MUVYIMANA KANDI ARI IMIGAMBWE BARIMWO KUKO IYATABA IVYO UMUGABO WIWE NTIYOBURA NO KUBANGURANYA KANDI ARIWE AFISE IJAMBO RYANYUMA AHO MU BURUNDI AKAREKA ABANTU BAKAGUMA BAMARANA
    BIBILIYA IRAVUGA KO HAHIGWA UBANGURANYA NONE KO BASENGA NTIBABANGURANYE AHO SI BAMWE YONGERA IKAVUGA NGO MBEGA MUNYITIRIKI MWAMI MWAMI ARIKO NTIMUKORE IVYO NGOMBA?

  • Mugira brasde faire hagati yanyu amatora azoriashika mikiri uko Mbona umenggo ntaho muja ntaho muva
    Karori mon ancien prefet des etudes the time is running out

  • Gasutwa yavuze kuri KABIZI ngo amatora ntazoba kikikiki ndamusetse

  • Rutovu, ubu ntubona ko utanguye kumenya ubwenge? Watanguye kumenya kwandika iciyumviro cawe muri make apana nk’umuntu yahahamutse. Hasigaye ko usubira kw’ishure wige kwandika Ikirundi nimba uri Umurundi. Ikindi usigaje ni urupfasoni mukanwa kawe. Ntamuntu yiyubaha atwara igihugu atukana nk’abungere ba kera.
    Ushobora guca ako kanoti kaCNDD-FDD bakura muma Taxes yacu, ariko udatukana. Iyo wibutse ko utuka umuntu utanazi, ataco mupfa, ukamutukana uriya mujinya mbona, ntabwoba wigirira ubwawe? Reka kuba umwicanyi (mujambo). Ameeen!!!

  • Lina, urumubeshi karuhariwe wokwemezako twebwe ababamuri Australia twanka umutambukanyi wumukuru wigihugu cu Burundi kok? Jewe igiheyaza sinagiye ahari arikomubantubamukunda ndimubambere, warikwivugira wewe kugatwekawe kumwanka arikontubishire kubaba Australia bose..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.