Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abadasigana bararahira ko atamwumvikano bagiranye n’abagumyabanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abadasigana bararahira ko atamwumvikano bagiranye n’abagumyabanga

Abadasigana bararahira ko atamwumvikano bagiranye n’abagumyabanga

jeudi 2 Nzero 2014

Umukuru w’umugambwe w’Abadasigana Uprona arabeshuza amakuru amaze iminsi avurwa ko umugambwe arongoye woba waragiranye ibiganiro mu mpisho n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD kugira bawushigikire ku kibazo c’ibwirizwa nshingiro, hamwe n’ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu.

Karori Nditije arongoye Uprona akaba amenyesha ko, iyo mibonano bagirizwa atayo azi, akavuga ko umugambwe arongoye wipfuza ishirwa mu ngiro ry’ivyapfundikiwe mu ruganda rw’iminsi ibiri rwabaye ku wa 19 na 20 Kigarama umwaka w’2013. Umushingamateka Nditije rero amenyesha ko mu murwi wiga ibibazo vya poritike mu nama nshingamateka asanzwe ari n’icegera cawo, bataravugana canke ngo ako kanywababo kabe hagati ya CNDD FDD na Uprona, ababagiriza ivyo bafise izindi ntumbero.

Karori Nditije umukuru w'umugamwe Uprona

Nditije yamirira kure kandi ababagiriza ko hari abashingamateka b’umugambwe arongoye boba bazohabwa amafaranga kugira bashigikire umugambwe uri ku butegetsi, kugira ivyipfuzo vyawo vyo guhindura ibwirizwa nshingiro no gushigikira Petero Nkurunziza kwitoza ubugira gatatu mu gihe ikiringo ciwe kizorangirana n’umwaka w’2015 hamwe ingingo y’302 y’ibwirizwa nshingiro itohinduka. Amenyesha ko amafaranga atariyo biteguriye kuzoshira imbere, itari ndetse n’inyungu zabo, ahubwo ari inyungu z’igihugu n’abanyagihugu mu gushigikira amasezerano y’i Arusha kugira ntasamburwe.

Tukabamenyesha ko umugambwe CNDD FDD ubura abashingamateka bane gusa kugira integuro y’ibwirizwa nshingiro yemezwe nk’uko umugambwe uri ku butegetsi wavyipfuza. Abo bane rero kugira baboneke, CNDD FDD ugategerezwa kugiriranira ibiganiro n’umugambwe Uprona, Frodebu Nyakuri canke umurwi w’abatwa, ariko uyu wa nyuma wo ukaba ufise abashingamateka batatu gusa. Ariko rero iyo mirwi yose ukwo ari itatu, ikaba yararahiye ko idashobora gushigikira integuro ya mbere, ahubwo wipfuza ivyumvikanywe mu ruganda rwo mu kigobe rwari rwatumiwemwo abanyeporitike bose, abari mu mashengero, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, abamenyeshamakuru hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.