Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : "Bipfuza ko uwa 13 Mukakaro utobabera nk’uwa 16 Ruhuhuma" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : "Bipfuza ko uwa 13 Mukakaro utobabera nk’uwa 16 Ruhuhuma"

UPRONA : "Bipfuza ko uwa 13 Mukakaro utobabera nk’uwa 16 Ruhuhuma"

vendredi 4 Mukakaro 2014

Igenekerezo rizohurizako abagize komite nkuru y’umugambwe UPRONA kugira ingorane ziri muri uyo mugambwe zirangire imbere y’uko amatora yo mu mwaka w’2015 aba yatanzwe, nk’uko vyasabwe n’ibiro nshingwabikorwa vya komite nkuru y’umugambwe.

Ku bw’umwigisha muri za kaminuza Varisito Ngayimpenda asanzwe ari icegera c’umukuru w’umugambwe UPRONA, ishami ritemewe na Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu abivuga, igenekerezo rya 13 Mukakaro ni ntabanduka, kugira abadasigana bamenere inda ku rukumu, bashire bo nyene ibintu ku murongo, abahawe umugambwe bawakwe, barongorwe bikurikijwe amategeko.

Umushingantahe Ngayimpenda akavuga ko, kugira umugambwe ntugume uzingamitswe n’abashaka kuwusambura biyitirira Abadasigana, ibiro nshingwabikorwa bitumyeko inama ya komite nkuru, iherutse kwigizwa inyuma kugira ize ikorane kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro uyu mwaka. Umupfasoni Concilie Nibigira n’abo bari kumwe, bagasabwa nabo nyene kuzitaba muri iyo nama, kugira baze bashikirize ikibabakiye. Abandi basabwa ko bohashika kuri iryo genekerezo, bakaba ari abarorerezi bo mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, kugira baze barabe ko amategeko yubahirijwe, yaba ayagenga umugambwe canke ayagenga igihugu.

ku wa 16 Ruhuhuma Abadasigana bashwiragijwe n'ababporisi

Nayo ku bibaza ko igiporisi gishobora kubaburagiza nk’uko cama kibigira, mu mugambwe UPRONA urongowe na Nditije, bakibaza ko ivyo bitazoba na rirya muri Reta y’Uburundi berekanye ko bipfuza ko umugammbwe wiyunga vuba babicishije ku mwunganizi w’umushikiranganji w’intwaroyo hagati mu gihugu, ndetse no kugerageza ku bahuza naho uyo mupfasoni bamwagiriza kuba yarananye.

Ariko rero naho biri uko, Concilie Nibigira akaba aherutse kwirukana umushingamateka Karori Nditije mu mugambwe UPRONA, ivyo Abadasigana bashigikiye uwo mushingamateka bavuga ko ari ingingo zimpfa gusa, na rirya uwo mupfasoni bamwagiriza kuba adafise uburenganzira bwo kwirukana umushingamateka mu mugambwe, ndetse n’umudasigana uwariwe wese, na cane cane ko ikibanza arimwo atagihawe n’Abadasigana ahubwo yagiteretswemwo nk’uko Varisito Ngayimpenda yabivuze. Abandanya avuga ko Nditije atari umuntu asanzwe mu mugambwe UPRONA, kugira yirukanwe na Concilie Nibigira.


Aristide Nizigire

Messages

  • komera aharabagabo ntihagwibara vyoba twoshima

  • Ababantu ndabagereranya nimoto iriko iririruka maze uwuyitwara ariko arinjizamwo ikindigitesi ukumvijwimengo riragabanutse mbere ukibazako yobigomba ihagarare ariko igitesi gihejeje kwinjira imoto ikanirirakimwe mbere nugusumvya ubwambere mukwirukanaho igasumvya ivubi. Mazegusoma iyinkuru nkasangamwoko ababashingantahe aribobariko batatumira uryamufasoni Concoillie Nibigira, hahahahaa. Icombona nukobari kubwira uwomufasoni Concoillie akabariwe atumiza iryokoraniro mbesejewe ukondabibona nibazako arikagasuzuguro twagakorewe kuvakera twebwe abakenyezi!? Kugezanubu ntibarakabona ko Concoillie arumutegetsi wohejuru bakwiye kwubaha ekandetse twese abarundi!!!!!!!!!???????????

  • Ngenda hanyuma turabe ico bashaka,gushikako abo ba DD niba,bibaza ko tubatinya ntamisi isigaye dutane dutane mumitwe turabe ilbwa numugabo kuko nivyo bashaka

  • EWE NUKO NYENE ARI AMATEGEKO ADATONZE AHANDI NATWE ABAKENYEZI TURASHAKA UBUTEGETSI KANDI PRESIDA W UMUGAMBWE NI UMUNTU AKOMEYE..IGIHE TWAGAKOMEREYE AMASHI ABAHIMA N ABANDI BAGABO TWARARUSHE KUKI CONCILIYA WE ATOTWARA ,,?????BAKENYEZI MURI MURI UPRONA MURATORA CONCILIYA ATAHINDUYE NI FEMINISTE YOBAHA EREGA LE FUTUR NI AU FEMININ RABA MU RWANDA >>??? !!!!!

  • Wewe turugwane uriko urihenda caane kwitiranya aba CNDD-FDD namwebwe aba porona,kuko uyo mukenyezi arongoye uwo mugambwe,ntabwo yigeze aba umu DDnkuko urimwo kubivuga,ninacogituma rero,nkuko uwo mufasoni yitwa mama ahejeje kurivumera,umuntu wenyene abifitiye ububasha bwo gutumako inama iyariyo yose turetse rero iryo koraniro kaminuza,ntawundi ataruyo mufasoni wenyene!!.mbere mboneyeho kumenyesha abarundi bose,nabo ba ngayimpenda,nditije nabandi barimwo,iyo nama ntayizoba!!,muvyanka muvyemera!!.Wewe rero turugwane ube uritegurira kuraswa,canke kuja mwibohero,kumwe kwabamwe ba SINDUHIJE LE18.kandi muzokomereka ndakubwiz’ukuri.

  • Mama ufise ivyiyumviro vyaba taxi moto nyene kuko nibwo burorero utanga.abo ba porona nibahore batekereze kuko abo nyene nibo baherekeje dd mu matora ngo botakaza ibibanza bavyita rero wucane uwote ubu bagezweho.komera concilia harya inkoni yakubise mukeba woyirenza urugo ataruko nawe iragushishura.mwumva gute?

  • Kubita aba "DD" ni icubahiro gikomeye cane, ni babe rero babigendera koko. dd= défenseurs de la démocratie!!!
    UPRONA isambutse ce serait une très grande perte pour toute la république.
    UPRONA=DI= défenseur de l’Indépendance Nationale

  • ARIKO UKO GUKUBITA ABAGIZE INAMA BIGAMIJE IKI ATARI UGUSHIGIKIRA DD NGO YIBE AMATORA ..EREGA NUKO NI UKWIBA DEJA AMATORA,,,CONCILIYA AZORONKA ARIKO NTASYE BWOSE...

  • NIMBA UWO MAMA ARIKO NI UMUGABO TURAMUZI AKIRI MURI PRIMAIRE ARAKWIYE GUKORA IKIBAZO AKAJA MURI SECONDAIRE ..AKAVA MU KI DD AKAJA MURI DEMOCRATIE..EREGA HEWE VYOOSE NTIBIBA IVYA DD NGO NUKO ARI ABAHUTU BENSHI BATSINZE AMATORA ..WE KO WABAYE MU RWANDA NA TANZANIYA UBONA WOFUZA GUSUBIRAYO ???KO NZI MUTARI MUFASHWE NEZA ???BABATUKA NGO MURI ABICANYI!!!TURABAZI..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.