Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abafasha Uburundi basaba Reta guteza imbere igisata c’umuyagankuba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abafasha Uburundi basaba Reta guteza imbere igisata c’umuyagankuba (...)

Abafasha Uburundi basaba Reta guteza imbere igisata c’umuyagankuba n’ubutare

vendredi 6 Kigarama 2013

Ibikorwa vya wa mugambi wa kabiri wo kurwanya ubukene CSLP2 muri rusangi biriko bigenda neza, ivyo ni ibivugwa n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri mu gihe bari baramutse bashira ahabona icegeranyo c’ivyaranguwe muri uno mwaka wa mbere w’uwo mugambi.

Muri iyo nama yari yitabwe n’abashikiranganji batandukanye ba Reta y’Uburundi, abaserukira ibihugu vyabo, abari mu mashirahamwe akurikirana ivy’ubutunzi n’abandi, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ari kumwe n’abasanzwe bafasha Uburundi bamenyesheje ko intumbero y’iyo nama yari iyo kurabira hamwe intambwe ishitsweko muri wa mugambi ugira kabiri wo kurwanya ubukene CSLP 2.

Gerevazi Rufyikiri mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ibikorwa vy’iyo nama, yashimye intambwe uwo mugambi ugezeko, naho utugorane two tutabuze na cane cane mu gisata c’uburimyi, umwimbu ukiri muke, igisata c’abigenga kitaratera imbere, n’umuyagankuba ukiri muke. Rufyikiri akaba yashimye n’imfashanyo zimaze gutangwa n’abafasha Uburundi.

Parfait onanga Anyanga, aserukira umunyamabanga mukuru w’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, nawe mw’ijambo ryiwe yashimiye Reta y’Uburundi: ati ndabateye intege ku ntambwe mushitseko, ariko rero asaba Reta y’Uburundi guteza imbere na cane cane igisata c’intwaro ibereye, agateka ka zina muntu, gukingira ibidukikije. Parfait Onanga Anyanga hamwe n’abari aho basavye Reta kubandanya gushira imbere ibiganiro, bongera basaba ko igisata c’umuyagankuba hamwe igisata c’ubutare n’agataka vyotezwa imbere gusumba.

Iyo nama rero ikaba yarangiye bemeranije gukuraho utwo tugorane twose duhari. Ariko rero ico cegeranyo nticerekana neza ibiharuro kugira umuntu yibonere neza urugero ibikorwa vyaranguweko neza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.