IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abafasha Uburundi bemeye kugarukira ababuriye ivyabo mw’isoko yo mu (...)

Abafasha Uburundi bemeye kugarukira ababuriye ivyabo mw’isoko yo mu Kayanza

lundi 2 Ruheshi 2014

Inyuma yaho abadandaza bo mw’isoko yo mu Kayanza bahuye n’ivyago kubw’isoko bahora bandandarizamwo yahiye iratokombera bakabura n’utwo barokora, abafasha Uburundi bemeye kubagarukirako.

Hari ku muhingamwo wo ku munsi wa gatanu, kw’igenekerezo rya 30 Rusama 2014, aho abantu bataramenyekana gushika ubu badomeka isoko ya Kayanza inyuma yo kugandagura umwe mu bandandaza baho, abandi barahakomerekera.
Abategetsi batari bake, muribo harimwo n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri bakaba batatevye kuhashika, mu kuremesha no kugarukira abahaburiye ivyabo.
Mu mubonano bahawe n’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza kuri uwu wa mbere wa 2 Ruheshi 2014, intumwa zidasanzwe mu karere k’ibiyaga binini, zamenyesheje ko zifadikanije n’abarundi mu mubabaro bafise ubu, kubera isoko yo mu Kayanza yatewe n’umuriro.

Muri uwo mubabonano, abasanzwe bafasha Uburundi mu karere k’ibiyaga bigari, bagizwe n’intumwa zidasanzwe zo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, zo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, bakaba bemeye ko bazofasha Uburundi mu kugarukira abadandaza babuze ivyabo muri iyo soko.

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza yazindutse agenda kwirabira ivy’iyo soko yo mu Kayanza, kugira aremeshe abahaburiye ivyabo.


Mariella Bukuru

Messages

  • Mbega abadandazab’iteka!!!!!Kuko ari iruhande y’I. Ngozi(North)?Mumbonera ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya BJA barabagarukiyeko bose?Amamiriyoniyatanzwe yarabashikiye?Reka turabe kuko ari Kayanza hoho bizokunda nkeka!!Pouvoir pour le Nord honyene:haaa ntimuzaneamacakubiri yanyu mudufashe ata wandya wangura!!

  • igitangaje nukubona isoko yahiye kumusi wagatanu hama umukuru wigihugu akaba ataribwashike kugarukira abanyagihugu biwe.bisigurakataboitayeho

  • mbega ko havurwa ivyahiye gusa,amatohoza yoyo yuwishwe agez h? mbega ko abasanzwe bafasha uburundi bemeye kugarukira kubaburiye ivyabo mwisoko yua kayanza; burya ntibazohava barindira iyo mfashanyo amaso agahera munzira nkuko vyagenz kubaburiye ivyabo mwisoko nkuru ya bujumbura? reka turindir tureb ko hari ikizovamwo.tugabany amajambo turwiz ibokorwa,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.