IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaforoma basubiriye guhagarika akazi

Abaforoma basubiriye guhagarika akazi

lundi 15 Ndamukiza 2013

Akamo abaforoma batewe ko guhagarika imirimo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2013 kitabwe ku rwego rw’igihugu.

Abaforoma bo muri SNTS na SYNAPA nibo bitavye ako kamo. Aho twashoboye gushika nko ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, hariko hakorwa ibikorwa bibayabaye.

JPEG - 85.2 ko

N’ubwo iryo hagarikwa ry’akazi ryahabaye, ku bitaro umuganwa Rudiviko Rwagasore, hari hategekenijwe abaganga babiri babiri bakora mu bisata bimwe bimwe kwa muganga kiretse aho bavyarira bagumye bafasha abavyeyi ukuri kwamye.

JPEG - 93.9 ko

Ku barwayi twashoboye kubaza, hari abatubwiye ko bakirindiriye kwakirwa, abakiriwe nabo ngo ntibabaronkeje imiti baribaje gutora kubw’ukubura ababakira bakwiye. Ariko abavyeyi baje kwibaruka bakirwa bo n’indembe, bakabagirira ibikorwa bibayabaye.

JPEG - 82.7 ko
JPEG - 94.8 ko

Kubwa Alexandre Nsabimana, icegera c’uwurongoye SYNAPA, iryo hagarikwa ry’akazi ryavuye ko abaganga bagumye bakatwa imishara, mukubatangisha ikori rituma imishahara yabo igabanuka. Ivyo bikaba bitandukanye n’itegeko ry’umukuru w’igihugu, bagasaba rero ko botunganirizwa, hakaja mu ngiro ivyavumerewe n’umukuru w’igihugu.

Iryo hagarikwa ry’akazi ry’abaforoma rikaba ritegekanijwe kuzomara iminsi itanu, guhera uno munsi kuwa mbere gushika ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2013. Ariko mu gihe bobatunganiriza ivyo basaba, ico kiringo nticoshika.

Ku bivurwa ko amacinya yasubiye kwiha inkumbi, kuri ivyo bitaro nta murwayi w’amacinya barakira. Ariko ku bitaro vyitiriwe umuganwa Karori Regent, bari barengewe n’igitigiri c’abaguma baza kubitura. Kubw’amakuru twahawe na muganga Alexandre Nsabimana wo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, abarwayi b’amacinya nibaguma biyongera barashobora kubashira mu kumba kamwe kugira babafashirizeho, mu ntumbero yo gutezurira ibindi bitaro.


Mariella Bukuru

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.