IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaforoma: ntacavuye mu mubonano twagize n’abaserukira Leta

Abaforoma: ntacavuye mu mubonano twagize n’abaserukira Leta

mardi 16 Ndamukiza 2013

Abaserukira abaforoma bamaze imisi ibiri muri yegereyegere baremera ko ababaserukira bagiranye umubonano n’abaserukira Leta, ariko nta muti urama watowe ku bibazo abaforoma bafise c’itegeko rishasha nimero 1/02 ryo kuwa 24 Nzero umwaka w’2013.

Fidele Niyonkuru, icegera c’umukuru wa SYNAPA ari kumwe na Alice Nduwimana nawe nyene icegera c’umukuru wa SNTS, bamenyesha ko ababaserukira bagiye aho icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akorera kumenyeshwa iciyumviro c’abaserukira Leta, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2013.

JPEG - 35.9 ko

Icegera c’umukuru wa SYNAPA, Fidele Niyonkuru ashikiriza ko amasezerano ya 98 n’144 yahonyazwe kuko batagishijwe inama. Basaba ko bofatwa nk’abandi bakozi ba Leta, bagatunganirizwa kuko ata mwana n’ikinono. Yibutsa ko batanka gutanga ikori nk’abandi barundi bose, ariko ko hokwisungwa amategeko asanzwe yarateweko ibikumu.

Abo baserukira abo baforoma bahagaritse akazi bararemesha ko ingingo zose zafashwe kugira abarwayi b’ikiza c’amacinya cadutse mu gisagara ca Bujumbura ntibarwe mu mporera, bavurwe ukuri kwamye.

Arangiza avuga ko niharenga ikiringo c’imisi itanu batanze, hazofatwa izindi ngingo amategeko ategekanya.


Egide Nduwimana

Messages

  • emwe badahinduye sendazirasa kuba ministre de la fonction piblique; grèves ntizizohera mu bakozi ba leta. Sendazirasa yarigize ikinani kabisa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.