IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaganga bahohotewe n’abaporisi basaba umushikiranganji abajejwe ko yova mu (...)

Abaganga bahohotewe n’abaporisi basaba umushikiranganji abajejwe ko yova mu gacerere

mardi 11 Ntwarante 2014

Abahurikiye muri sendika z’abaganga arizo SYNAPA na SNTS bariyamiriza ihohoterwa ryakorewe bagenzi babo bo ku bitaro vyiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, aho baboshwe n’abaporisi inyuma y’aho umwe mu rwaruka rwo muri MSD yariko avurirwa kuri ivyo bitaro atorotse. Ayo masendika y’abaganga asaba ko umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu yova mu gacerere, abo baporisi bahohoteye abajejwe amagara y’abantu bahanwe, abaganga baboshwe nabo bahabwe indishi y’akababaro.

JPEG - 1.1 Mo
Abarongoye sendika SYNAPA na SNTS. Kuva i bubamfu uja i buryo : Fidel Niyonkuru (icegera c’umukuru wa SYNAPA), Mélance Hakizimana (umukuru wa SYNAPA), Mariya Bukuru (umukuru wa SNTS)

Intureka zabereye muri komine Kinindo, hagati y’abanywanyi ba MSD n’abaporisi, ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014, zatumye hakomereka urwaruka rwo muri MSD, bamwe mubakomeretse bakaba baciye baja kuvurirwa ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Umwe mubariko bavurirwa kuri ivyo bitaro yaraciye muryahumye abaporisi, aratoroka, ari naho abaporisi bari bacunze urwo rwaruka baca bafata bamwe mu baganga ko kuri ivyo bitaro, barababoha, ibitaro bimara nk’amasaha atandatu bitariko birarangura ibikorwa nk’uko bitegerezwa. Muri sendika SYNAPA (Syndicat National du personnel Paramédical et aides Soignants) hamwe na SNTS (Syndicat National des Travailleurs de la santé) bamenyesha ko amatohoza bakoze yerekanye ko iryo hohoterwa ryakozwe n’abaporisi, ari naco gituma basaba Reta y’Uburundi ko yokwitwarira abo bajejwe umutekano birengagije amabanga bajejwe.

JPEG - 1.1 Mo
Mélance Hakizimana, umukuru wa sendika SYNAPA (Syndicat National du personnel Paramédical et aides Soignants)

Mélance Hakizimana, umukuru wa sendika SYNAPA (Syndicat National du personnel Paramédical et aides Soignants) yibutsa ko akazi abajejwe amagara y’abantu ari ukuvura uwubituye wese bataravye umugambwe, ubwoko, canke amamuko y’umurwayi. Kuba umwe muri urwo rwaruka rwa MSD yaratorotse, Mélance Hakizimana amenyesha ko vyari kubazwa abaporisi bari bamucunze. Kubwa Mélance Hakizimana, igiporisi nticari kwihutira kuboha abaganga bari ku mirimo yabo, kandi n’amatohoza ataraba. Basaba rero ko abakozweko iterabwoba bohabwa indishi y’akababaro, igiporisi c’Uburundi naco gihumurize ku bwoba bwatekeye abaganga bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, aho mukamenya ko abaganga bose bari kw’izamu muri iryo joro kuri ivyo bitaro basabwe imyidondoro yose y’abo, ariko ntibababwire ico bagiye kubikoza, kandi mukamenya ko gushika ubu hacikbonekeza kuri ivyo bitaro abaporisi ku bwinshi, hamwe n’abandi batambaye impuzu z’akazi bivugwa ko boba ari abakozi b’igendereza.

Mariya Bukuru, umukuru wa sendika SNTS (Syndicat National des Travailleurs de la santé) yibutsa abo baporisi bahohoteye abaganga ko namba ubu bakomeye, ejo nibakikwa n’amagara bazokwikora kuri abo baganga bariko baratera ubwoba. Umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida yasabwe kuva mu gacerere, yerekane aho ahagaze ku bikorwa vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu n’agateka ka zina muntu vyakorewe abakozi bo mu bushikiranganji arongoye.

JPEG - 1.1 Mo
Mariya Bukuru, umukuru wa sendika SNTS (Syndicat National des Travailleurs de la santé)

Mu gihe Reta yokwirengagiza ivyo vyasabwe, abo bahurikiye muma sendika y’abaganga bamenyesha ko bazokoresha uburyo bwose bahabwa n’amategeko, mpaka agateka kabo kubahirijwe, abahohoteye abaganga bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bahanwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nagomba nibutse abo bahohoteye abaganga ko tuvuga duti:

    << J n’ai pas besoin de savoir d’où tu viens,ton ethnie,ta région,ta profession,ta religion,TU SOUFFLES ET CELA ME SUFFIT>>

    So,bagenzi bacu bahohotewe bihangane ariko bahabwe indishi yakababaro.Abo nabo babikoze bibuke ko amagara adasezerana.

  • Karashizingani igiporisi cifatire mugahanga abantu bose mukubahohotera atacamira.Mbe bibagiyekoahobarimwishamba baraswa bakavugwa nabaganga??!!Ati uwukizisemu yibagira icayiteye.

  • mbega iyi ntwaro ya DD !ni ubujuju bwarenze?canke barwaye mumutwe? bareke bazopfa bangara nka GAHINI YISHE MWENE WABO ABEL .

    BARAKWIYE KUTUVAKO PE!!!!

  • umushikiranganji!!! wokomorwa ninzoka ukitwara kugihoma abobose nicokimwe bozamazamwe eregabo ntategeko bafise harutabizi muburundi.utarumu general.ekaye ntituze duhendana niganza sabwa nabacangero

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.