IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaganiriye n’umurwi CNDI basavye ko ibiringo vy’umukuru w’igihugu (...)

Abaganiriye n’umurwi CNDI basavye ko ibiringo vy’umukuru w’igihugu vyokurwaho

mercredi 24 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi uheruka gushikiriza icegeranyo c’ivyo umaze gushikako, ku mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Muri uwo murwi bamenyesha ko abenshi mu bantu bumvirijwe n’uwo murwi basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotorwa ibiringo birenza bibiri, agatwara igihe cose abanyagihugu bomwizera.

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi (CNDI : Commission Nationale du Dialogue Interburundais), Musenyeri Justin NZOYISABA avuga ko naho uwo murwi utarashikiriza icegeranyo ca nyuma, wamaze kwegeranya ivyiyumviro nyamukuru abatari bake bashikirije.

JPEG - 78.8 ko
Musenyeri Justin NZOSABA, umukuru w’igihugu w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Musenyeri Justin NZOYISABA yamenyesheje ko ku bijanye n’ibwirizwa shingiro, benshi bari mu biganiro basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotwara ibiringo birenga bibiri, akisubiriza ku butegetsi igihe cose abanyagihugu boguma bamwizera.

Muri uwo murwi bavuga ko abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryoja hejuru y’amasezerano ya Arusha, abahoze barongoye Uburundi ntibasubire gushirwa mu nama nkenguzamateka ubuzima bwabo bwose nk’uko biri ubu, ahubwo bakabanza guhiganwa n’abandi mu matora kugira baje muri urwo rwego. Abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryohindurwa, kugira utunenge turimwo duhinyanyurwe, hamwe n’ugukosora amakosa ari mu masezerano y’i Arusha.

Abari mu biganiro baravuze n’amabwirizwa amwe amwe yohinyanyurwa

"Ibwirizwa rigenga imigambwe kugira ntihabeho imigambwe itagira abanywanyi, ibwirizwa mpanavyaha kugira ukudahana ivyaha bihagarare, ibwirizwa rigenga amatora kugira amatora agende neza, ibwirizwa rigenga amashirahamwe adaharaniranira ivyicaro vya poritike kugira akore ibiyaraba gusa, ibwirizwa rigenga amadini n’amashengero kugira nayo nyene akore ibiyaraba gusa."

Muri ico kiganiro, uwo murwi CNDI wamenyesheje ko ugiye kuremesha ibiganiro hagati y’abarundi bari mu makungu no mu makambi y’impunzi, hamwe n’ugutegura icegeranyo ca nyuma kizoshikirizwa umukuru w’igihugu.

Tubamenyeshe ko uwo murwi uheruka kwongerwa ikiringo n’umukuru w’igihugu, ukaba ugiye kubandanya ibikorwa vyawo mu kindi kiringo c’amezi atandatu, kugira uheraheze ivyo watumwe.


IGIHE

Messages

  • Yewega shaaaaaa! Igitugu kiri ngaha kweli, sinari bwabone reta yigitugu nkiyi, none amasezerano bayahidura gute abo bayasezeranye barabamenesheje abandi barishwe? Uyu murwi wa nkuru CNDI urateye ishavu, mbe abo banyagihugu uvuga bawutumye nabahe?

  • Ako karwi nako kwa nyakugwa mumanga adupfukamye munda yiyita ngo niperezida.Sha murarunywa runyweke ivyo murementanya bizobakora,igihe nicagera.ahubwo nimuze tuje mumabarabara twiyamirize iyi leta mbi irongowe na satani.

  • Nukuraba neza abobaganiriye abaribo!!!

  • Biyaranje’bakore’ibituzanira’amhoro.

  • NIBYO RWOSE ABATURAGE NTABIRINGO BaSHAKA. IYO NI INKURU NZIZA KUBURUNDI.

  • CNDD ngo bazakomeze kubayobora gurtya?ntimuraye kabiri Abarundi murarushye, noneho ya Génocide bazayikora ntacyo bikanga?pole sana Warundi,huku Rwanda tunasonga mbele

  • NO MU RWANDA ABANYAGIHUGU BONGEYE SE KAGAME MANDAT 2.VYOSE BIVANA NICO ABANYAGIHUGU BIYUMVIRA

  • yemwe yemwe ivyo bintu bagiy guhindura boba babihindura nka bande mu gihe uhindura ikintu ariwe wenyene wagishizeho
    kira noneho sibo gusa barikumwe n,abandi
    abo bandi rero imbere yuko hab ihinduka ry,amasezerano ya Arusha nizere ko bazosubir arusha nabo bafadikanij gushinga ayo mategeko kugira barabirehamw ivyohindurwa apana ko bayahindura bonyene nkuko umengo nibo bayashinze gusa!!!!

  • ni nkuwo musenyeri yaremeye ububeshi nkubwo ari umukozi w IMANA? nibareke kubesha ivyo nivyatanzwe na cndd kugira biyorohereze mugabo IMANA ntizovyemera

  • imana ibandanye imuja imbere nyakwubahwa muzehe wacu petter nkurunziza uburundi bwogoroye. tuzomutora gushika ashaje. nka mugabe. wa zimbabwe.

  • Ibyo NKURUNZIZA ashaka gukora mu BURUNDI nibyo mu RWANDA babesha naboamakungu ngo KAGAME abanyarwanda baramukunda kandi ari ugutekinika.
    NKURUNZIZA nawe rero ari gukora ibyo abandi ba PREZIDA b’AFRIKA BAKORA ba MUSEVENI, SASU NGWESO, KAGAME, PAUL BIYA n’abandi kandi ndabarahiye ibyo bizotuma ABAZUNGU bashaka umuti w’ibibazo ku bihugu byose bituriye akarere.
    Kuba NKURUNZIZA abikoze nta GITANGAZA KIRIMO agiye kwerekana iturufu ya KAGAME uko ayobora u RWANDA... vive techonolgie politike....

  • Eka Izina ntiryanka uruhanga kweli,aho uwo ngo ni musenyeri? ngico igituma harabantu batakija mumasengero ntakibabaje kingana nugutabwa mumanga nuwukuri imbere,Iyonkono yikibi shetani yagutegetse guteka niyasha uze warure usangire niyo shetani isumba izindi,abarundi ureke kudukorera inteba ishushe ngo harivyo twagutumye ,urashira kugatwe kawe nabo mubivugana

  • Ico muzi n’ugutukana gusa. Uwo musenyeri ubwo ntimumuhor’ubusa. Ariko arashikiriza ivyo yabwiwe n’abanyagihugu benshi. Mu ndoto zanyu, muziko benshi bashigikiye ko Nkurunziza avaho, ariko siko biri. Mushobora kuba mwabeshwe n’akaguma mwateye I Bujumbura, ariko naho nyene Bujumbura yose ntiyabashigikiye. Mwibuke ko ikarata y’Uburundi itagarukira kuri Bujumbura gusa. Dufise amaprovinces menshi mu gihugu. Gutuka umukuru w’igihugu no gutuka musenyeri n’ukwerekana ko mwamaze gut’umutwe. Ni mureke ivyo murimwo muze twubake igihugu. Nk’urya muntu yitwa Claude avuga ngo uwo musenyeri yemeye kubesha ar’umukozi w’Imana ngo yamara Imana ntizovyemera; yoshobora kuduha iyindi raporo yavuye ku yinsi mana atar’Imana y’uwo musenyeri? Ewe, abarira bo n’ubu baracarira! Imana yaramaze kwerekana ico ishaka. Iyo mana yindi mwiteze, ikorera mu bitutsi, no mu gusambura igihugu, s’Imana ni Shetani ibakoresha.

  • @Ronaldo,uragereranya ibitagereranwa, twebwe mu Rwanda intambwe y’amajyambere tugezeho iragaragara nonese DD aho ibagejeje n’imwiteranyuma,ayo moko mushyira imbere muzaba mureba la suite

  • Hahahahahaaaa,ooooooh.kagame nabiwe aho bumvira iyinkuru noneho izomunda zirabahiramwo baza kurara barahitwa.
    Guhirika ubutegetsi vyarabananiye nibindi vyarabananiye ahubwo nibatuzanire twebwe abanyagihugu tumenye ugo duca ko kwagame erega nitwebwe dushiraho Leta.
    Rero batuzanire amatora dutore ego canke oya gusa ntabindi.ni harambe Uburundi nabarundi Imana Ihezagire nyakubawa P Nkurunziza nabarongoye bose nacanecane inzego z’umutekano.

  • Uwuri Namaso ahendwa bike,mbega Aboyatumira ni bande ? azavugire abo babivuganye abandi ntadushiremwo iyongero ariko arakorera bimwe azorye ibindi abike

  • umbarundi.ntimwirengagize kwamasezerano y’a rusharayacu abarundi hari kuneza yabarundi nabarundikaza abo babuyoya nabadomisiyo sibo bayagize abo nkabarundi dukwiye kwiyumvirineza yigihugu cacu nabacu atarabo banye portique abo baradutwaye ivyiza canne bibi twarabibonye nibakabahende none sitwe twabikuriye mumatora y’a 2005 iyobaba baradukoreyibishimwa twari kobongera? nonigihe abat,arura bokuzura munkenguzamateka ntitwokongera gutorabakenguzamateka?ibaze namwe?

  • @kamanayo. Ndabona wa kagabo we ubwenge bwawe bucuramye. Ubwo bucuruzi bwanyu (genocide) ni itunga ry’urwanda abarundi ntibarikeneye.

  • Ewe Wamusenyeri we uratukishije izina ry’abasenyeri yamara kurico abarundi b’umutima amamiliyoni n’amamiliyoni tuzohagurukira rimwe,ntituzemera uwudusubiza inyuma naho yoba yitwaje Ewe Wamusenyeri we uratukishije izina ry’abasenyeri yamara kurico abarundi b’umutima amamiliyoni n’amamiliyoni tuzohagurukira rimwe,ntituzemera uwudusubiza inyuma naho yoba yitwaje iki

  • atwara ubuzima bwiwe bwose amenye ko atawurambira kwisi ahubwo iyoba bishoboka mwotanze igiturire kumana akagumaho !!!!!

  • Ha, ha, ha, Niba ari ivyo abarundi bitegure kwicwa n’inzara,ubukene, imbonerakure na cholera ubuzima bwabo bwose.

  • Sibwo U Burundi buhindutse ubwami!!!

  • Aho mwisesengura mbona ho wabivuze ukuja gusa n’uko vyavuzwe na musenyeri, ariko uravye titre wobanza kwiyumvira neza ko inyandiko itariyo. None ni kuki yahisemwo titre womenga ngo ntihuye n’ivyanditse? Ubwo n’ukuza murarondera iryamunyu zizi kwandika neza cabke kubara inkuru nkuko yavunzwe. Murakoze

  • Teshwa ute herodi teshwa ute ntawuhora kungoma

  • Haaaaaaaa.nkurunziza na mandat ya 2 yazanye ibibazo murikubona none arashaka gutegeka ubuziraherezo,haaaa reka nisekere inkuru mbi isekwa nkinziza.abarundi muzashiduka mwarwaye imvunja nimukomeza kuyoborwa gutyo

  • Abiyise falcon na iribuka muri amabyi gusa

  • Genda bahutu murishe igihugu ngaho ubukene ngaho genocide mugende is I izabibabaza...burigihe mba ndibwaribwa ngo have impinduka abo bankurumbi nabambari be basize bahekuye u Rwanda ngo bafatwe

  • @Falcon iyo unyita Akagabo ubwabyo bigaragaza mind set yanyu ko iri hasi cyane,ONU ubwayo yivugiye ko ibiri kubera i Burundi ari Génocide y’Abatutsi, wait and see

  • @kamanayo. Wagira ntuba mu Rwanda . Inzara yitwa Nzaramba itumereye nabi rurakinga batanu . Ngewe ndimunzzira njya Uganda kwishakira imibereho. .Ubu murwanda turi mwiteranyuma naho ibindi ni ugutekinika.com

  • None iRwanda,ngo haraba amatora? Kuri boKagame ngo azotwara gushika muri 2034,kuber’iki? Ninde yosigura igituma iyo Occident itamwirukako nka Nkurunziza? Ngo rero mama ngo araribwaribwa kubera atari abo bisa bari ku butegetsi iBujumbura! Mwese inkotanyi ngo muraribwaribwa! Mumenye ko ata Rwanda rwigeze runesha Uburundi,muzoperereze kuri Shinge na Rugero,ni muze mwirabire Kirundo,muyumva ku matwi. Abo ba extremistes banka abarundi,n’igihugu cabo bazopfa bangara nka Gahini. Uyo Pancrace C. avuga ayamuhe,azorinda ahenuka atabaye Président w’Uburundi. Baramuha atware ababiligi.

  • @Ingegera kamanayo!! Iyo ONU yabivuze ryari ? Watubwira itariki byavugiwe? Ubwo bucuruzi bw’uduhanga
    ni business ya kagame abarundi ntayo bakeneye.

  • @ Mob: ndakubabariye kuko ubwenge bwawe buzi gutukana nibaza ko atanikindi ushoboye atari ukwo gutukana ,kandi ivyo wavuze ubwawe ntubitahura,ariko sinzi icatumye unshirahamwe niyo nterahamwe falcon,ntamigambi dusangiye nawe ,ntanaho tuzohurira nawe,ariko mbega jewe ndamavyi nawe woca uba iki ico bikora biragaragara ko hari ibikuruhije,nokubwiye ntuzoze kwibera iwacu tukakwitungira none ntanterahamwe twokwikwegera twoba twikwegeye ikara mumpuzu

  • Nyakubahwa Musenyeri Nzosaba Jiste Nukuri Ntawabonye Akahitiye Kuva Muri1993 gushika 2002 yubahutse kugutuma kwibiringo vyohagarikwa ahubwo nibahanehane kuneza maze amasezerano y arusha yubahirizwe twubake uburundi bushasha

  • @kamanayo @mob. Kubera amaraso mwe bene Runyenzi (kagame)mwanyweye murwanda no muri kongo ubu noneho ngo inyota yabarembeje ngo murashaka kunywa ayabarundi. Ngo muraribwaribwa cyo nimwibeshye mwambuke umupaka abarundi babahondagure dore ko numuti wo kuribwaribwa bawufite.

  • @Turaje,gutukana kwawe bigaragaza ubwenge bwawe ko bucuramye,baza neza wumve réaction ya Mr Adama Dieng (UN) communique yayisohoye avant hier,gabanya ubuterahamwe wangu ukurikire neza amakuru

  • We we sha uti gutuka @mob ubu duhuye nabona muri gutetemeka ukabira icuya nkuri muri SAUNA Nina uyizi

  • @Tari twe ntitwajya i Burundii gushakayo iki?Cholera se?Macinya se?umwanda se?DRC hari kilakitu wabonye ko na Kabila aza gusaba ubufasha HE Paul Kagame, ushatse wava murayo mashyamba yo muri Congo urimo,vuba aha turambuka tugucyure kunguvu

  • ubundi uwo musenyeri yavuga iki ko ndeba arumuhutu ntabwo yabura kuvugira nkurunziza.

  • tura kwiye kumenya uwo musenyeri idini avamwo

  • Ndababwiza ukuri abayobozi buburundi ninterahamwe mwebwe mushiraho comments zo kumwica sibyo ibyiza nukumufat nabambari be tukabazana mu Rwanda ago bakoreye genocide.muko tayari?

  • Iyi site bene runyenzi.sindumuja mujeri aribo (kamanayo, Mob ,... ) ngo bararibwaribwa. Utu tugabo turi gutuka TURAJE nyamara ni udusongarere twirwa twihishe inyuma ya computer dikorera DMI. Guso numbwo ndumututsi mvugisha ukuri sindi nkaya mazirantoki adusebya ariyi Kamanayo na Mob

  • Mugabo abayoboz b’amadini barakwiyekwisubirako.No mu vya Politique?N’ah’IMANA

  • @Mututsimwiza,jyewe sinagutuka kuberako ubu uri kugaragaza ko uri umuswa, mwaradutemye muri 1994 muzi ko mwaturangije, utazazira akarimi kawe itonde rero, inama nakugira ni ugukizwa ukihana

  • Uyu musenyeri azobazwa vyinshi.ivy imana yabihevye yikorera politique gusa.amaraso y abarundi arasama

  • Uyu musenyeri azobazwa vyinshi.ivy imana yabihevye yikorera politique gusa.amaraso y abarundi arasema

  • NUKURI IVYOSIBIGANIRO HUBWO NIBIYAGO CA IVYIYUMVIRO.IBGANIROVYOHUZA RETA NABAYIRNDERA(OPPOSITION)

  • Ngurimusenyeri Puuu Wabwawe Ubuzurunega Barakubeshe Aba Dd

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.