IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Akahise > Ubugaragu ku birabure, uko vyagenda n’ingaruka vyazanye

Ubugaragu ku birabure, uko vyagenda n’ingaruka vyazanye

vendredi 23 Myandagaro 2013

Uko umwaka utashe, ku genekerezo rya 23 Myandagaro, ni umusi wahariwe kwibuka urudandazwa rw’abanyafrika bajanwa muri Amerika. Urwo rudandazwa rero ahanini rwakorwa n’abategetsi bo mu bihugu vya Afrika, bagakorana n’abazungu baba abanyaburaya canke abanyamerika. Aha twovuga abongereza, abafaransa, abaturuka mu bihugu vya Hollande hamwe na Portugal, hagati y’intango z’ikinjana ca 16 n’impera z’ikinjana ca 19.

Abo banyafrika barafashije cane mu butunzi bw’ibihugu vya buraya kuko bwaciye bunyaruka kuduga hagati mur’ivyo binjana. Nibo kandi batumye ubutaka bw’Amerika bushobora kuba isi nshasha bashobora kubako kuko ubwa mbere ata bantu babubako.
Intumbero nyamukuru y’urwo rudandazwa bwari ubutunzi : abo banyafrika bakoreshwa akazi k’inguvu kandi bagahembwa intica ntikize. Ubwoko bufatiye ku rukoba bwarasigura urwo rudandazwa : abazungu bibonamwo ubushobozi burengeye kurusha abirabure, ko bategerzwa kubigisha kugira bamere nkabo.

Urwo rudanazwa rw’abanyafrika rukaba rwatanguye kwiyamirizwa cane inyuma y’ukwiganzura kw’abafaransa mu mwaka w’1848, ubu rukaba rufatwa nk’icaha c’agahomerabunwa c’ubwicanyi, hakaba hari n’ubutegetsi bumwe bumwe bwo muri Afrika n’ayandi mashirahamwe atandukanye bipfuza ko urwo rudandazwa rw’abanyafrika rufatwa nk’ihonyabwoko.

Hari ico bita urudandazwa nyabutatu

Urudandazwa nyabutatu ni imvugo yakoreshwa muri urwo rudandazwa rw’abanyafrika kuvu mu kinjana ca 17. Kubw’ivyo, urugendo rwakorwa mu mice itatu nk’uko barwise :

1. Uburaya - Afrika

2. Afrika - Amerika

3. Amerika - Uburaya

Ubwo nibwo buryo butatu bwari bugize urudandazwa nyabutatu :

Uburyo bwa mbere, umuhora uburaya - Afrika : ubwato bwava mu gihugu c’Ubufaransa cane cane ku bivuko vya Nantes, La Rochelle, Le Havre na Bordeaux, bukaza buzanye ibidandazwa nk’ibirwanisho n’ibindi bigenewe kuguzwa abirabure b’abanyafrika.

Uburyo bugira kabiri, umuhora Afrika - Amerika : Ubwo bwato bwaca bugenda butwaye abo banyafrika, bukabajana mu mazinga yaho muri Amerika. Aho naho baca badandazwa ku bantu batunze cane kugira baze barabakoresha mu bikorwa bitandukanye, nk’ivyo muhira canke mu mirima. Urwo rugendo rwaba rutoroshe na gato, abenshi baritaba Imana kubera inzara, inyota hamwe n’izindi ndwara. Abaremvye n’abapfuye baca batabwa mu mazi. Abashoboye gushika nabo bicwa n’uburuhe mu mirima hamwe no gufatwa nabi (baraturubikwa.)

Uburyo bugira gatatu, umuhora Amerika - Uburayi : Bahejeje kubadandaza ubwato ntibwasubira inyuma bugaragara. Basubirana inyuma amahera babadandaje ikawa, isukari, vyose biva mu nguvu z’abirabure, vyaca bidandazwa i Buraya.

Urwo rudandazwa rw’abirabure ntirwakozwe n’abafaransa bose. Abarwiharije ni abaturuka mu burere bwa Guadeloupe, Martinique, Guyane hamwe na Réunion. Abadandazwa benshi bava muri Afrika y’uburengero.

Uko babaho bamaze gushikanwayo

Baraturubikwa cane, haba ku mubiri ndetse no mu mitwe
Uguturubikwa mu mitwe vyatangurira kwibagizwa imico n’akaranga vyabo, ari naco gituma abenshi biyahura. Barabahindura amazina yabo, bakabatazira ayandi bishakiye. Kubera ivyo, bagira indangamuntu bisangije.

Uguturubikwa ku mubiri naho, babaho mu buzima bubi cane n’ibikorwa vy’umurengera, tutibagiye n’imfungurwa zidashemeye bahabwa. Babafungurira ibishobora kubafasha mu kiringo c’akazi ka misi yose gusa. Kubera ivyo, ubuzima bwo kubaho bwaba buto cane kuribo. Bwaharurwa ku myaka 15. Imiryango yamana agahinda k’ababo bagiye gukoreshwa mu mirima kure yabo.

Urwo rudandaza rwaratumye haba ingarukambi cane muri Afrika no ku banyafrika. Igikorwa co kurondera abadandazwa caracanishijemwo n’abanyafrika ubwabo. Vyaratumye haba igabanuka ry’umwimbu, barata akaranga, inzankano hagati y’abanyafrika ziraduka.


Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.