IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagenywe muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro barahiye imbere (...)

Abagenywe muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro barahiye imbere y’umukuru w’igihugu

lundi 5 Rusama 2014

Abagize sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro bahinduwe, hashirwamwo babiri bashasha basubirira abandi bahahora. Abo bagenwe barahiye imbere y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuri uwu wa mbere, biyemeza kwubahiriza amasezerano y’ubumwe bwa Afrika n’ibwirizwa shingiro.

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yahoramwo abacamanza indwi bagizwe na bane ntayegayezwa, hamwe n’abandi batatu. Abagize iyo sentare barahinduwe hashirwamwo babiri bashasha. Nimpagaritse Sylvère yagenwe mu kibanza c’icegera c’umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, asubirira Kiyago Générose yahora muri ayo mabanga. Karenzo Claudine nawe yagenwe kuba ntayegayezwa mu bagize sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro (Membre Permanent), asubirira Amani Jean Pierre.

JPEG - 2 Mo
Nimpagaritse Sylvère yagenwe mu kibanza c’icegera c’umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro

Abo bagenwe barahiye imbere y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuri uwu wa mbere. Bafashe ibendera ry’igihugu c’Uburundi n’iry’ubumwe bw’abarundi, bompi biyemeje kwubahiriza ibwirizwa shingiro n’ukuzorangura imirimo bashinzwe mu bwigenge.

JPEG - 2.2 Mo
Karenzo Claudine yagenwe kuba ntayegayezwa mu bagize sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro (Membre Permanent)

Mwomenya ko sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro igizwe n’abacamanza indwi, muribo hakaba harimwo umukuru wayo, icegera ciwe, muri abo bose indwi, batanu muribo bakaba ari ntayegayezwa (Membres permanents)


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.