IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagera kuri 38 basubiriye gusabirwa ko borungikwa mu Burundi

Abagera kuri 38 basubiriye gusabirwa ko borungikwa mu Burundi

mercredi 3 Ruhuhuma 2016, par egide

Abarundi bagera kuri 38 nibo parake nkuru y’igihugu isaba ko borungikwa mu gihugu c’Uburundi. Mw’itangazo basohoye, basigura ko abo 38 bagizwe n’abanyeporitike, abadaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’abamenyeshamakuru, bakurikiranwa muri dosiye y’abashatse gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015.

Iryo tangazo ryateweko igikumu na Agnès Bangiricenge, umunyamabanga wa sentare ntahinyuzwa, kw’izina ry’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika Valentin Bagorikunda, bamenyesha ko urwo rubanza rw’abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA rwungururijwe muri sentare ntahinyuzwa, mu gisata cayo gica imanza, muri dosiye nomero RPSA 859.

Agnès Bangiricenge amenyesha ko iyo dosiye y’abo bagirizwa gutembagaza ubutegetsi ikibandanya naho bamwe muribo bahunze.
Amazina y’abagera kuri 38 basabirwa kurungikwa mu Burundi agizwe n’abanyeporitike aribo Léonidas HATUNGIMANA, Onésime NDUWIMANA, Moise BUCUMI, Bernard BUSOKOZA, Alexis SINDUHIJE, Jérémie MINANI hamwe na Jean MINANI.

Abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike : Pacifique NININAHAZWE, Vital NSHIMIRIMANA, Patrick NDIKUMANA, Jean Claude SINDAYIGAYA, Maragarita BARANKITSE, umushingwamanza Dieudonné BASHIRAHISHIZE, hamwe na Armel NIYONGERE.

Abasirikare n’abaporisi : Général Major Godefroid NIYOMBARE, Général de Brigade Philbert HABARUGIRA, Commissaire de police Leonard NGENDAKUMANA, OPC1 Liboire BAKUNDUKIZE, Commissaire de police Principal Edouard NIBIGIRA, Général Pontien GACIYUBWENGE, Lieutenant Colonel Arcade NITEREKA, Colonel Edouard NSHIMIRIMANA, Colonel Zacharie TWAGIRAYEZU, Major Emmanel NDAYIKEZA, Général Major Jérémie NTIRANYIBAGIRA, Général de Brigade Moise NZEYIMANA, hamwe na Commissaire de police chef Guillaume NABINDIKA.

Abamenyeshamakuru : Bob RUGURIKA, Gilbert NIYONKURU, Patrick NDUWIMANA, Patrick MITABARO, Anne NIYUHIRE, Arcade HAVYARIMANA, hamwe na Innocent MUHOZI.

Ibihugu abo bantu bahungiyemwo bikaba vyasubiriye gusabwa ko vyobarungika.

IGIHE

Messages

  • Haaaaa Ntivyoroshe None Kombona Beshi Murabo Arabantu Bintugane Mubashakiriki?Mbona Atagasebwa nakamwebari Bafise!! Gusa Nabantu Bitaga Gukorera Igihugu Cabo Canecan Nkabamenyeshamakuru,ariko Imana Isumbigabo Merci

  • MURASARA NTABOMUBONYE.MUZOBABONA BAJE BAMBAYE AMASORO NAMAGERENADE

  • mbega aho baguma bavuga ngo muburundi ntabutungane buriyo kandi birigwa barabasaba ko ibihugu bitunze ababisha babarungika kugira bahanwe? mbe aho ababirigi bakora ivyo ahubwo maprobu nibayitware mububirigi. abarundi ntitubayeho kubera pita canke maprobu twebwe tubeshejweho nimana. ico izovuga kuburundi ntawuzohindura

  • Yemwe Ivyiburundi Namayobera Abantu Bose Batamvugarumwe Nareta go Bose Nabasibigihugu?Nukuri Twiyambike Agashambara!!!Tureke Kuronderera Umwasi Ahatari,nka (Bob, Muhozi, Niyonkuru, Anne,)Nabandi Barikumwe,Nabantu Bitanze Can Mukazikabo Kubumenyesha Makuru Bakose Ibikori Nka Baribakwiy Gushimirwa Ivyokuba Genelare Ntaconda Bimvuzeko Nabonyen Ntaribi Ryabo Icombona Nugusega Imana,ntamvurindahita Ntajoro Rindaca

  • There is not justice in Burundi.The justice for only opposites?hahahaha.

  • biracbagoye kabisa. abobo bararusimvye murica abandi. mbe muribuka ko na nkuru yari yaraciriwe urwo gupfa? ubu ntatwara igihugu? abo muhiga buhongo umugani wanyu, nabonyene bazogaruka bakomeye.

  • Igihugu kirimwo abagabo kandi bariko barakora kugira ibintu bihinduke.kand sikera

  • AHUBWO VYARATEVY KUBATANGA KUBONABAHENDA UGWARUKABAGACA BOMOKA NKA PASITERI BUCUMI ARIMUMWOBONKIFUKU YAHEMUKIYE INTARAYIW MAKAMBA ABANYAMAKAMBA TUROMUSENGERA APFEYANGARA NKAKAYINI

  • Jewe abobagabo barantangaza ngo bagovye gutembagaza reta! iyo ni reta haramu, sireta yemewe nireta ya bagumutsi, ya bicanyi, yabibone, intagondwa, ibisuma, nibindi nibindi bikorwa nabimitima yapfuye. Mbega Nkurunziza komutamurondera ni nganda yatikije kuvakera akiri mwishamba nabugingo nubu agikitikiza inganda. Nabandi murenza kwa maso ngaho amaboko ya bo yuzuye kwibitenga vya maraso ya benigihugu,bamwe mwirirwa mubakubitirinkoro hasi,abandi bibada icobita amasarudi,Nimba mwi yemera ni mubatumeko, bacirirwurubanza, abo ntimushobora kubakorako, umusi mwokwasamika akanwa niwo musi mworara musezeye isi. Ariko ico muzi nugukindira kurizo nzirakarengane, bankubujuju,bagakundubwenge. ahubwo mwebwe nimwe mukwiye guhanwa kuko mwanka gukoresha ukuri, kandakera barayamaze ngo ukuri guca muziko ntigusha.

  • Nimutumeko Nkurunziza peter, yahejeje abantu,hamacirirwurubanza rwa mabi yakoze kuva kera. Nayabo murondera ntagorane yabo,nabagomba guharanira ukuri, nayiyo muvuga ngo ni reta, sireta bagomvye gutuza akarwi kabicanyi, nibisuma vyorobeje banyagihugu. Abo mubahora kuri kwaboo.

  • hahahahahaha, nabatwenzwe vraiment sha ntabo mubonye kabisa abo muri kwica ntibahagije hahahahahah abobo bazizana kandi neza bambaye bikwije ibyo mudedemba muvuga ntawubitayeho, murashaka Bob rugurika hahahah simvuze muzomubona ubundi yabacitse mutamureba , abo nabagabo bukuri bazaza barwanira ukuri naho mwebwe mukomeze mwikirigite nimurangiza museke hahahahah.

  • JEWE ICOMBONA ABOBAHUNZE NIBABA ATAMAKOSABAFISE NIBARUNGIKWE BACIRIRWE URUBANZA UWUTAGIRWA NAMAKOSA YERE KATAMAKOSA BAKOZE BAHUNZIKI AMAHEREZO YINZIRA NIMUNZU

  • Nibatahe Tubacire Urubanza Abo Bicanyi

  • reta yu burundi nigiringumvu ,inyarukane abobobamenja intahe ibakubite mugahanga.reta nitabaze amakungu ayifashe kurondera abobasi bigihugu bashatse gutembagaza intwaro yitorewe nabenegihungu.basuzuguye abarundi bose,

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.