Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagiye guserukira CENI ku rwego rw’intara barahiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abagiye guserukira CENI ku rwego rw’intara barahiye

Abagiye guserukira CENI ku rwego rw’intara barahiye

mardi 14 Gitugutu 2014

Abagiye guserukira umurwi CENI (Commission Electorale Nationale Indepéndante) ku rwego rw’intara barahiye imbere y’abarongoye uwo murwi ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu, kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 14. Gitugutu 2014.

Bose hamwe bagera kw’ijana na mirongo itandatu na batatu- 163 - , baserukira intara 17 zigize igihugu c’ Uburundi. Biyemeje kuzorangura n’umutima wabo wose kandi ataho bahengamiye igikorwa co gucungera amatora kugira agende neza, hamwe no guharura amajwi nk’uko atabusuma bugiyemwo. Abo nabo basanzwe bava mu migambwe, mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’amadini atandukanye. Ku vyerekeye ibinenge vyari vyatanzwe n’impande zitandukanye, umukuru w’umurwi CENI amenyesha ko ahanini ibitari bike vyakosowe, ariko hakaba ibindi mu vyasabwe ku bwiwe afata nk’ibitagira ishingiro.

Kubw’uwurongoye CENI, mu vyari vyashikirijwe hari ababona ko bataserukiwe bikwiye, imigambwe ivuga ko yaronse abayiserukira muri CEPI y’intara iyi canke iyindi itahakorera, hamwe n’imigambwe ivuga ko itaserukiwe muri CEPI, n’ivyerekeye ubwoko bitakwirikijwe nk’uko amabwirizwa y’igihugu abitegekenya.

Petero Karaveri NDAYICARIYE yarangije amenyesha ikirangaminsi c’ibikorwa bitandukanye vyo kwitegurira amatora, nk’imibonano yerekeye gushiraho ama CECI( Commission Electorale communale Indépendante ku rwego rw’intara izotangura kuwa 20 Gitugutu 2014. Abo nabo nibo bazoca bafasha mu kurondera abazokwandika abipfuza gutora mu matora yo mu 2015.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.