Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagize ama CECI barahiye imbere y’aba CEPI - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abagize ama CECI barahiye imbere y’aba CEPI

Abagize ama CECI barahiye imbere y’aba CEPI

mercredi 5 Munyonyo 2014

Abagize umurwi ujejwe gutegura amatora ku rwego rwa komine CECI barahiye imbere y’aba CEPI.

Ivyo bikaba vyabaye mu gihugu cose kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 5 Munyonyo uno mwaka . I Bujumbura ibirori bikaba vyabereye mu nyubakwa za Cercle Islamique ahahuriye abagize CECI muri mairie ya Bujumbura hamwe no mu ntara ya Bujumbura.

Mu ntara ya Bururi ,imigambwe FRODEBU,FRODEBU NYAKURI ,UPRONA na UPD Zigamibanga baridoga, bakavuga ko mu tunenge baribashikirije umurwi ujejwe gutegura amatora CENI (Commission Nationale Electorale Indépendante) ku bijanye n’uko iyo migambwe idafise ubuserukizi bukwiye kitigeze gifatirwako.

Uwusanzwe arongoye CEPI Bururi asaba abo bagize ama CECI gukora batiziganya kandi mu bwigenge ntangere batarinze guhagarara ku vyo ababarungitse muri ayo ma CECI babasaba. Muri iyo ntara kandi umukenyezi umwe ava mu bwoko bw’abatwa yakuwe kuri urwo rutonde kuko vyagaragaye ko atavuka muri komine ya Vyanda , eka ngo nokubayo siho asanzwe aba.


Floxella Karire

Messages

  • Ahotugeze abarundi twaridukwiye kuvugana ukuri CENI sumugwiwigenga nkuko Ndayikengurukiye avyivugira numugwi wegwmiye CNDD EFDD.Jewenabajije umuntu womuri CENI nti none hamwe vyoshika CNDD EFDD ingatsindwa Ndayikengurukiye yovugako CNDD EFDD yatsinzwe,yanyishuye ati,arinkawe wobivuga.Aboba politisie biteze intsinzi kuri CENI NIBASUBIZE AMERO MWISAHO. Kumw,IMANA ntakidashoboka.

  • Ahotugeze abarundi twaridukwiye kuvugana ukuri CENI sumugwiwigenga nkuko Ndayikengurukiye avyivugira numugwi wegwmiye CNDD EFDD.Jewenabajije umuntu womuri CENI nti none hamwe vyoshika CNDD EFDD ingatsindwa Ndayikengurukiye yovugako CNDD EFDD yatsinzwe,yanyishuye ati,arinkawe wobivuga.Aboba politisie biteze intsinzi kuri CENI NIBASUBIZE AMERO MWISAHO. Kumw,IMANA ntakidashoboka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.