Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abadashigikiye ikiringo ca gatatu bazotanga amazina atatu y’abazokwitoza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abadashigikiye ikiringo ca gatatu bazotanga amazina atatu y’abazokwitoza

Abadashigikiye ikiringo ca gatatu bazotanga amazina atatu y’abazokwitoza

samedi 4 Ndamukiza 2015, par Egide N

Umurwi w’Abagumyabanga ba CNDD FDD baheruka kwandikira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bamuhanura kudasubira kwitoza, bamenyesha ko bamaze gutegura amazina atatu y’abazobaserukira mw’ikoraniro kaminuza ry’ugutora uzotangwa na CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umushingamateka Festus Ntanyungu, umuvugizi w’umurwi w’Abagumyabanga ba CNDD FDD baheruka kwandikira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bamuhanura kutazosubira kwitoza, amenyesha ko aho bigeze ubu vyose bihagaze ku mukuru w’umugambwe CNDD FDD umushingamateka Pascal Nyabenda, ategerezwa gutumako vyihuta ikoraniro kaminuza.

Umushingamateka Festus Ntanyungu avuga ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahanuwe bikwiye n’impande zose, naho yategerezwa kwemera ivyo ahanurwa, akaba yagumye mu gacerere, abo Bagumyabanga bakabona ko hageze aho babaza umukuru w’umugambwe CNDD FDD umushingamateka Pascal Nyabenda, bakamubwira ko ikibazo kiri iwiwe, bakamwereka kandi ko bikenewe ko atunganya ikoraniro Kaminuza ry’umugambwe CNDD FDD, kuko ariryo rishobora gutora mu Bagumyabanga ba CNDD FDD uwuzoseruka mu matora y’umukuru w’igihugu, muri uwo murwi w’abadashigikiye ikiringo ca gatatu bagasaba ko vyokorwa mu buryo batazana umuntu gusa, bose bagaca bakoma amashi.

JPEG - 77.7 ko
Umushingamateka Festus Ntanyungu

Abadashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza bamenyesha ko bamaze kwumvikana ku mazina atatu bazotanga mw’ikoraniro Kaminuza rya CNDD FDD, bagasaba ko ubuserukizi bukuru bw’umugambwe bwoyakira, hamwe n’ayandi yoba ariho, abazoba bari muri iryo Koraniro Kaminuza bayaharireko, hama havemwo izina rimwe, ariryo umugambwe CNDD FDD uzoca ushikiriza mu bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Umushingamateka Festus Ntanyungu, umuvugizi w’umurwi w’Abagumyabanga ba CNDD FDD baheruka kwandikira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bamuhanura kutazosubira kwitoza asaba ko ukwo gutora uwuzoserukira CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu vyoba ku mugaragaro nk’uko n’iyindi migambwe ibikora, hageze n’uguharura ayo majwi, bikorwe mu kuri n’umuco, ata kwibana amajwi bibayemwo. Umushingamateka Festus Ntanyungu ati : "Ntituzoba tubaye aba mbere tubikoze gutyo, kuko n’iyindi migambwe iramaze kubikora, umugambwe ukomeye nka CNDD FDD ntiworeka gukora ukurikije demokarasi, kuko n’amatora aba muri demokarasi."

Festus Ntanyungu ahamagarira urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD kutemera gukoreshwa mu gusesa amaraso, akabasaba kudakora nk’interahamwe zo mu Rwanda. "Imbere y’uko intambara iba mu rwanda, Interahamwe zabona ko zikomeye, ariko ubwicanyi butanguye, ntawamenye iyo zamijukiye."


Egide Nduwimana

Messages

  • Ehe, none nimba mwahora mwibana amajwi, mu matora rusangi n’ iyindi migambwe irimwo, mwumva bwa busuma bwo muri 2010 bukiri agaseseshwa rumuri. 2015 yoyo iragaragara!

  • Kubwanje Ndipfuza Ko Mwohagarara Bugabo Mugafata Ingingo Ibereye Na Cane Cane Mukishimikiza Impanuro Abantu Benshi Babaha(catholique) Kand Ata Ninyungu Babifisemwo Arukugira Gusa Amahoro Asasagare Mugakinga Ikintu Cose Cotuma Abarundi Bifataniye Munda Bacanamwo Bagasesa Amaraso, Nukuri Uwotuma Dusubira Gucanamwo Kubwanje Nta Mpungenge Mfise Yo Kumwita "shetani Yibereye Mu Burundi" Ubwanje Duhuye Nomushirako Bibiliya Ikamusatura Umutwe, Murakoze!

  • emwe,ibintu birakomeye kabisa,uyu muntu avuga ayamuhe,yaba peter ,yaba n’abandi nobahanura kwitondera ivyo mumubwira.

  • Igikuru si kuba umunyakazi gusa, no kugakora burya ntivyoroshe, na cane cane kugakora uko bitegerewza. None nk’abo bagabo baracari abagumyabanga kandi barishize ahagaragara? Ariko rero ntiwokwanka n’abo, kuko ha kubika ikara mubushambara wanka ko babona yuko uvuye kurahura (gusega umukomezwa), wotuma wemera ukandagara, kuko ntanico uba ucambariye ziguhiriyeko. Ha kugumya ibanga riturira igihugu n’abanyagihugu bagutoye, wotuma urimena, ukabakiza nawewe ukize barasubira bakagutora, ayo mabanga nayo arakaja.

  • Iyo mpanuro ahaye imbonerakure alias Interahamwe ni yo. Arabahanuye kandi murabona ko akuze; mubure kubifata nkankama.

  • ABANTUMUSENGA MUBANDANYE GUSENGA KUKO UBURUNDI NIKIBAZO KWERI NIMUYAGE MUSHIRAHAMWE ARI IBIBATUNGA MWARABIROSE!ABABOYI NABAYAYA MUKABAHENDA NGO GIRIKI NABO EJO NIMWAMARA GUTOGWA NTANUMWE MUZOSUBIRA KURABA NABO NIBO BIRIGWA BARAVUGA AYAMUHE NONE EJO BAZOHAKURA IKI TEKEREZA MUNYAGIHUGU MUTOYI URINDIRE URABE IYO BIJANA NIWARONKA AYAGASHURI UZURONKE AHO UGATUNGIRA IMANA IDUFASHE!

  • Nyakubahwa Petero Nkurunziza Ubwo Koko Uremeye Gusubiza Abantu Rubunada Kubera Iyungu Zawe? Arihamwe Wokwitoza Ntusubire Gusubira Kuvuga Ko Wagiye Mwishama Kubera Demokarasi, Ahubwo Uzoba Wajanwe Namaronko Yawe. Ndasavye Abarundi Nama Kungu Kobobandanya Guhanura.Yibuke Ko Yavuze Ko Uwuzotanguza Intambara Izophera Munzu Ye Iherere Munzi We. Turamukunda Ntitwifuza Ko Bamufatira Mumpuzu Ziteye Isoni Nka Rola Babgibo.

  • Jewe nashakavyukuri nyakwubahwa Festus Ntanyungu atubwire ko igihe yakabereye umugumyabanga ko harihaho yigeze yumva inyigisho zihabwa Imbonerakure zokuzomena amaraso!?
    Hanyuma ndashaka kububwirako akwiye gutandukanya imbonerakure nokuvyagirizwa Interahamwe, ubwambere interahamwe sizozishe uwari prezida wu Rwanda. Hanyuma nkarangiza mbaza nyakwubahwa Festus Ntanyungu nti: NONEKUVUGA IMBONERAKURE NGONTIZIZOHENDWE NGOZIMENAMARASO NGO NK’INTERAHAMWE MURWANDA WASHATSE KUVUGANGO: ATI MBONERAKURE PREZIDA TUGOMBAKUMWICA ATIRERO NTIMUZOMERE NK’INTERAHAMWE ZOMU RWANDA NGOMUMENAMARASO? Jewe icokintu canyuma yavuze nticansobanukiye nubwobimwe muvyoyatanguriyeko harimwo ivyumvikana kwatacovyononye mumugambwe igihe vyokorwa.

  • none komwitwa abagumya bangs kuki mutabikoze uko kuva kare mukarinda gushira umugambwe mwibarabara iyo muribdira ikoraniro kaminuza vyose bigakorerwayo mwobaki mwipfuje gusambura umugambwe birabananira

  • none komwitwa abagumya bangs kuki mutabikoze uko kuva kare mukarinda gushira umugambwe mwibarabara iyo muribdira ikoraniro kaminuza vyose bigakorerwayo mwobaki mwipfuje gusambura umugambwe birabananira

  • @ Nuwera
    Nagira nkwibarize
    1. Uba hehe?? Mu Burundi?
    2. Woba warigeze gukubitira mu Rwanda?
    3. Uri umugumyabanga??
    4. Ufise imyaka ingahe??
    5. Woba ufise amashure angahe?
    6.Biramaze kugushikira ugasoma Igitabo na kimwe?

  • Urintanyungu’nyene
    Uvuyemuri’cndd’fdd hiryayejo’uburik’uhanurimbonerakure’
    Washajenabi’mzee.

  • intabarigwa irabwigwa yamara amaso yo abanza gutukura icakabir nuko ugutwi kwimpene kwumva kubabuye
    ingenzabuhoro nayo ishika iyishaka imana igasumba ingabooooo

  • @ Nkunduburundi, jewe nabajije Ntanyungu ko yodusigurira ivyicaro yobayibuka vyahererwamwo inyigisho imbonerakure kugirazizomene amaraso niburumuvugizi wiwe jako utubwire

  • Abarundi muhumure kandi mutekane ntabwo Nkurunziza Azitoza ikiringo kigira gatatu. cyokora kuba yaracecetse cyane ni ibyo kugaya, kuko aragira uruhare mu kongera tensions mu batumvukana kandi ari nako agabanya abakunzi ba CNDD FDD. Imwe muri technique abanzi bashobora gukoresha ngo basambure uburundi ni Uguhemukira nkurunziza akaba yagandagugwa kugira abakunzi na bo bagerageze kwihorera, bityo bigaragare ko i Burundi ibintu byadogeye maze amahanga arimo cyane cyane u rwanda atere u Burundi mu rwego rwo guhagarika ubwicanyi. hanyuma Arusha ihite iseswa burundu nkuko Arusha yo mu rwanda yasheshwe. Biramutse bibaye bityo Nkurunziza azaba yarabigizemo uruhare rugaragara rwo kutavuga aho ahagaze hakiri kare kugira ngo haburizwemo umutego cyangwa plan y’umwanzi.

  • Mutama Festus Ivyovyiyumviro Vyo Jewe Kugiti Canje Kandi Sijewe Jenyene Nabipfuza Amahoro Bose Barabishikiye Bandanya Turabashigikiye.

  • ukuri guca muziko ntigusha,uyu mushingantahe yavuga ukuri!mbe nikuki bakwega amaguru mugutunganya ikoraniro kaminuza ry’umugambwe?

  • Ntanyungu urumushingantahe abushice arazii ukuri.

  • Gusenga konyene niko gushora guhindura abo bagumyabondo guhera kuri uwo barigumiriza sindinze kumuvuga ariyizi bombe y’amasengesho ntakiyinanira gusambura

  • Ntanyungu Yaje Kuronder,igiti Avuye Muri Frodebu N,ubu Muraraba Neza Arahise Mugabo Ntamahirwe Afise Nkayo Yagize 2005 Yatarukiye Muri Cndd-fdd Acakir,ubushingamateka Leonce Ico Gihe Yasigayatamariwe Kuri Jewe Ntagishasha Mugabo Uwundi Mugambwe Azoronka Ahaca Yinjira Nka Mbere Ndakurahiye Pe. Ee Kwa Rwasa Na Nditije

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.