IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaharanira agateka ka zina muntu muri Afrika y’ubuseruko bahuriye kwiga (...)

Abaharanira agateka ka zina muntu muri Afrika y’ubuseruko bahuriye kwiga ibibazo vyabo

lundi 8 Kigarama 2014

Abaharanira agateka ka zina muntu bo mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko bahuriye i Bujumbura mu nama y’iminsi itanu y’ukurabira hamwe ivyo bokora kugira ibikorwa hamwe n’ubuzima bwabo bikingirwe.

Naho hamaze kuba intambwe mu gateka ka zina muntu, Furera Emmanuel Ntakarutimana amenyesha ko abakingira ako gateka bahohoterwa, bakicwa, kandi bari bafise akamaro aravye uruhara bafise mu Burundi. Umukuru w’umurwi CNIDH, Furera Emmanuel Ntakarutimana, muri iyo nama yatanguye kuri uwu wa mbere, yashikirije ko vyari bikwiye ko abaharanira agateka ka zina muntu mu karere ka Afrika y’ubuseruko bicara hamwe bagafashwa n’amashirahamwe mpuzamakungu, kugira barabe ivyo bokora kugira ubuzima bwabo bukingirwe, bikenewe n’itegeko rihaje, nk’uko biri no mu bindi bihugu vyamaze gushiraho ayo mategeko abakingira, agakingira n’ivyabona.

JPEG - 52.1 ko
Furera Emmanuel Ntakarutimana, arongoye CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme)

Mu gihe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 10 Kigarama 2014 isi yose izohimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, Furera Emmanuel Ntakarutimana avuga ko kuba ayo mashirahamwe yo muri Afrika y’ubuseruko yahisemwo kuzohimbariza uwo munsi mukuru mu Burundi bifise insiguro ikomeye, ivyo akabivuga yisunze igihe kidasanzwe c’amatora Uburundi bwimirije. Nk’uko vyavuzwe na Furera Emmanuel Ntakarutimana, agateka ka zina muntu katubahirijwe, n’amatora Uburundi bwiteguriye ashobora kutaba meza, aravye n’ivyabaye mu matora y’2010. "Kuba iyo nama ibereye mu Burundi haheruka gushirwaho umurwi w’igihugu CVR ujejwe kumenyesha ukuri n’ugusubiza hamwe, vyerekana ko abarundi badatamba birorera."
Furera Emmanuel Ntakarutimana ahamagarira abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, ko borabira hamwe namba amategeko abakingira akenewe kugira ashirweho, kuko kenshi bishika amategeko ahari akingira abanyagihugu usanga adashobora gukingira abaharanira agateka ka zina muntu.

Mu ntambamyi bakunda guhura nazo mu mirimo yabo ya minsi yose, mu runani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bavuga Reta ibafata nk’abakinyi ba poritike. Vital Nshimirimana avuga ihohoterwa abaharanira agateka ka zina muntu bakorerwa, aha agatanga akarorero ka Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE amaze iminsi aterwa ubwoba, hamwe na Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH yaheruka mu munyororo yagirizwa amakuru yashize ahabona y’urwaruka rw’abarundi rwariko rujanwa mu myimenyerezo ya gisirikare muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nyakubahwa Fureru Ntakarutimana mugowe mukiriko kukonta leta yomurikikinjana izokwihanganira abashaka kwifatira mugahanga abandi icomukwiyekumenya nuko ahuburenganzirabwanyu buhera bwukomurabantu nabandi bitwabantu bose nihobuhera, Rekandakwereke ingoranezanyu ahoziri muricara mukavuga amasaha nimisi bikabahererako ntimushobore namwebwe ubwanyu kwitora utunenge ivyorero sinobabesha abomuvugango barabashigikiye kugira bacindagirize hasi amareta yacu tuzokwemera batuzimanganye maze mwisigaranire nabo ubuziraherezo, Birababaje nkokubona umuntutwubaha nka Furera avugumwanya unganagurtyo akibagirakuvugako uwowurimwishirahamwe ridaharanira ivyicaro muri leta agize aracavuga ibintu abonako birikobiragendaneza ubwonyene agatekakiwe kacagahungabanywa nabobiyitango ntibaharanira ivyicaro muri leta bagaca bamwagiriza ngwakorera (akorana) na leta!.

  • Yoooo,ehe RUFYIRI ngene yashavuye, aha ntimubona ko ateye ikigongwe?
    Girira ikigongwe abo barenganywa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.