Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahora biyumvira ko Petero Nkurunziza atazosubira kwitoza bakuwe ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abahora biyumvira ko Petero Nkurunziza atazosubira kwitoza bakuwe ku (...)

Abahora biyumvira ko Petero Nkurunziza atazosubira kwitoza bakuwe ku nzira

mardi 25 Ntwarante 2014

Umushikiranganji w’intwaro ya hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yakuye ku nzira abahora bafise ibibazo vy’ukumenya namba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azokwitoza mu kiringo ca gatatu. Edouard Nduwimana yabwiye abashaka kuzokwitoza bose ko boshira mu mutwe ko bazohiganwa na Petero Nkurunziza.

Kuva aho abashingamateka batemereje ibwirizwa shingiro ku munsi wa gatanu, abanyeporitike n’abandi bose bakurikiranira hafi poritike y’igihugu bagumye bamenyesha ko impari z’ukuzosubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza zihavuye, kuko amasezerano ya Arusha ategekanya ko ata muntu n’umwe yotwara Uburundi ikiringo kirenga imyaka cumi.

JPEG - 55.8 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Mu nama yahuje umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’abarongoye amashengero atandukanye ku munsi w’ejo kuwa mbere, Edouard Nduwimana yarahebuje abahora bavuga ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’umugambwe CNDD FDD batorenga ku masezerano y’i Arusha. Muri iyo nama, umushikiranganji Edouard Nduwimana yamenyesheje ko Petero Nkurunziza ariko atwara mu kiringo ca mbere, ko asigaranye ikindi kiringo. Nk’uko Edouard Nduwimana yabisiguye, sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro niyo yonyene izovuga namba ukwitoza kwa Petero Nkurunziza kutubahirije amategeko.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yabwiye abanyeporike bariko bitegurira amatora ko boshira mu mutwe ko bazohiganwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

JPEG - 32.4 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Egide Nduwimana

Messages

  • BASHA YITOZA ATITOZA ICO NZI NDAZI YUKO BATIVYE AMATORA BAKEMERERA RWASA KWITOZA NTAGISIVYA KO ATSINDWA UYO NAWE NDUWIMANA ABE YIMBA YIGERA

  • @RUSUKU
    Erega aho nyene niho hari ingorane kuko ntibashobora kwemerera ko umuntu yomutsinda mu matora yokwitoza. Ni zo mpamvu bapfunze na Bamvuginyumvira.
    Rimwe na rimwe mpora nibaza ko Nkurunziza yoba yibaza na gatoyi ingorane ashaka kuzanira abarundi n’ umuryango wiwe utavuyemwo bikanyobera.

  • ico nshikiriza petero nkurunziza nibamureke yitoze abazoca urubanza nabanyagihugu babicishize mumatora bashimye ivyamaze gukora bamwongere amajwi batashimye batore uwundi, ariko mbona abatwaye uburundi ubwakare twebwe abanyagihugu ntitwigeze turambirwa nintarozakare,noneho hari ibihugu bibanyi harimwuwutwaye imyaka irenga,30,akarorero nka uganda bigenda neza nahandi,, ahiwacu mugihe twebwe abanyagihugu tumwitoreye tukamuha amajwi ndabonako atangorane yobaho,

  • haha IMANA yo mwijuru n’UMWANA WAYO YEZU

    tabara UBURUNDI NA BARUNDI

    YEZU TURAZI KO URI HEJURU YAVYOSE AZO DUTABARA.

  • Asigaye ari umuvugizi w,umukuru w,igihugu ?none ama dossiers yaramaze kuyaronka.umugambwe nturabivuga ndumva atariwe yarigutangura kubivuga.mutubarize yemwe aduhe umuco ukwiye.

  • Haha Nduwimana asigaye akanura nkuwabuze umuntu basha nguwuravye arabona.Mbega abona inyungu ziwe ntabona inyungu zabanyagihugu basha ingorane ziri mu gihugu cacu ni Nduwimana yaziteye kuva muri 2009 gushika ubu amenye bitebe bitebuke azokubitwa intahe mu gahanga.Imana ikingire u Burundi na Barundi twomore aba CNDD FDD

  • Mbe mwebwe mukoresheje 5 senses mubona batiby’amatora canke ngo yitoze wenyene nko muri 2010 mubon’arinde muntu muzima yoba akimutora????

  • Rwose mana turagusaba imbabazi kuko tugeze kure uyo mutware ni bamureke kuko ico imana izopanga ni ico.ntihasubire kumeneka amaraso. Mugihugu.

  • Edouard Nduwimana yabonye ko ibisaka vyimbwa bihiye aho bamwankiriye gutora ibwirizwa shingiro, ubu rero ariko ararondera ukuntu asigura ivya Nkurunziza, ivyo bavyita Tergiversation , guhungira mu mpande zose, mandat ya gatatu ntikunda nagatoyi, ko vyanse ko ahindura ibwirizwa shingiro akuyemwo article 302, na VISA DE L’ACCORD D’ARUSHA, aho yarananiwe umukenyuro wa CNDD FDD waranse ni échec, réferendum nayo nyene ntishoboka, nukurindira umwaka kugira rirya tegeko risubire munama nshingamateka ariko naho hazoba hageze amatora,Nkurunziza nategure uwundi azomusubirira kuko amategeko aratomoye. Kuja kubaza sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ni nko guta umwanya kuri Nkurunziza kuko abaserukira abanyagihugu baraye bamuhebuje mukutemeza rirya bwirizwa. vyongeye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro siyo ivuguruza ACCORD D’ARUSHA kandi uwuyitwara Emmanuel Ndagijimana twese turamuzi uruhara yagize mukurementanya mwifatwa rya HUSSEIN RDJABU, nabandi bacamanza bakora muriyo sentare ntabwigenge bagira kuburyo bofata ingingi idashimishije Nkurunziza yabashizeho kandi ariwe abategeka, kandi Nkurunziza arafise ubwoba ko hamwe avuye kubutegetsi hari ivyo hava bimukwirikirana nabo basanzwe bacuditse kumabi yagiye akorwa nawe akinumira, ubu rero Nkurunziza ari muco bita ""la crise d’engoisse"" nico gituma aguma aronderera hose kugira yikingire yongere akingira nakagwi bakoranye amanyembwa hamwe nibindi vyaha bikabije vyo kwica abantu nubusuma bukabije notanga akarorero, igurishwa ryindege ""Falcon 50"" ama cahiers yamuri OUGANDA, iyicwa rya Ernest Manirumva"", abahutu bari muri FNL ya Agatho Rwasa baciwe amazosi bagatabwa mu Ruvyironza no mu Rusizi nibindi nibindi vyinshi cane buca bija ahabona muri 2015, Nkurunziza aratinya kandi ko ahavuye HUSSEIN RADJABU azoca arekurwa narirya abagumya banga benshi bakimukenguruka.
    Ariko rero kuneza yiwe numuryango wiwe yokinjura kuko amakungu yose yamaze kubona inyifata ariko aragira yo kugomba gutera induru mu karere kibiyaga binini, yaba USA, ONU, UNION EUROPEENNE... bose bamaze kubona intumbero afise yaraye igiye ahabona ahejeje kwankirirwa guhindura ibwirizwa shingiro no guhamba amasezerano ya ARUSHA, ababirabira hagufi bavuga ko ibihugu vya rutura atanduru bakeneye kumva mu Burundi kuko amasezerano ya Arusha yashitsweko hakoreshejwe amahera nubundi buryo bikomeye bigaragara ko Nkurunziza atawuzomushigikira muri uwo mugambi wo kugarukana indyane mu Burundi mbere nakarere turimwe kagashobora kubangamirwa. Nkurunziza niyitegurire guhitamwo iciza nikibi.

  • nkurunziza ndabwo ari serieux

  • ASAHAKA KWAZOVA KUBUTEGETSI NKA BA GADDAFI ICONOMUHANURA NUKO YOREKURAN UBUTEGETSI KUKO HARI ABRUNDI BISHI BASHOBOYE GUTWARA SIWE WENYENE MU BURUNDI

  • jewe nama nibaza abanyepolitike bama baduhenda akaba aritwe tuhahonera jewe ico noterera nibumvikane uwo eduard nduwimana nimba batamutumye barabizinanyimwo abarundi dushaka amahoro dushaka demokarasi

  • Bazorira babure iyo banyikira igihe intahe yafashe ijambo.Uwo mugabo atuma abarundi bahunga igihugu cabo naveho.Hagezeho abarundi tuja muma barabara tukamwiyamiriza pe.Ntaco atumariye.

  • Tenyenye, demokarasi mu Burundi ntisigura ko Nkurunziza Pierre atosubira kwitoza i 2015. Iyo ni imvugo y’abigira abanyepolitike bazi ko ata banywanyi bafise. "Buke buke bukomeza igihonyi". Itegeko canke ibwirizwa rireka gutorwa kuber’abantu 22 basaguka ku Bashingamateka 84, ntaho vyakabonetse mu gihugu citwa ko kiri muri demokarasi. Jewe nibwira ko vyifashe uko mu Burundi kuber’abanyagihugu (mushatse abategetsi) babohewe amaboko i mugongo. Kuvuga ko CNDD-FDD iri mu mazi abira kubera iyo Projet de loi sur la Constitution itarenganye, ni ukwihenda kurengeje. Kand’ibi bizogira ingaruka ikomeye muri politique y’iyo Migambwe yikumiriye. Abarundi bamye bibagira vuba; amatora y’2010 yari akwiye kubaber’icirwa. Ico mbona kandi kizoba inyuma y’amatora y’2015, hari Imigambwe izozimangana burundu. Ndetse Referendum, amasezerano y’i Arusha abo banyepolike bitwaza, biragaragara ko benegihugu bagiye kuyator’amahinyu. Politike n’inyifato a la Niyoyankana Bonaventure, igiye gusezerwa kandi itezarubwa abagabo.

  • Ico ni cerekana ko afise abahanuzi batamwipfuriza ineza nagirire imfuhwe abanyagihugu nawenyene yi girire impuwe kuko hazomeneka amaraso meshi nayiwe arimwo imana ibe hafi yuburundi bugiye kuja mugihe kibi

  • NONE MWEMUVUGA NGO NTIYITOZE NI KUBERA IKI KO WUMVA MUZOMUTSINDA MUREKE HAMA MUZOMUTSINDE
    CANKE NAMWE MURAMUTINYA???

  • basha,Peter Nkurunziza,umwana w’umugambwe ako gapira n’inkofero vy’umugambwe vyari vyamubereye gira amahoro!

  • BAREKE ABA DD KWITEZA ISONI, NI BASONERE AMATEGEKO. EREGA NTA KUNDI IBIHUGU VYOOSE BIGENDERA KU MATEGEKO YEMWE ,,URAZI KO DUETEYE ISONI.KU TELEVISION BAHA IJAMBO ABA DD BATAZI NIKIRI MURI CONSTITUTION NGO NIBARIZANE TURITORE !!!YOO NKURUNZIZA NIYIGE GUKURIKIZA AMATEGEKO ...MBE NONE ASHAKA KUBA PRESIDENT A VIE NATUREKE IGIHE YAKATUBESHESHEJE BIBILIYA TURARUSHE,,,

  • Emwe yitoza ku nguvu atitoza, twaramuhaze. Niba dd atawundi muntu ashobora kubaserukira nta bantu murimwo. Bavyita gusambagirika. Nabe ararondera akandi kazi nyabuna mureke kuba muratuvugisha. None ga Nduwimana uvugishije ukuri wewe ntushaka kuba umukuru w’igihugu? Weho kuki utokwitoza? Kirfa noneho aba nkurunziza aba uwundi mu dd, ubu dukeneye gutwarwa n’uwundi mugambwe ivya dd, vyaranse. Nibagnde basubira kwimba imfuku.

  • hahhahhhaaha mihatari ng muras mumash ng tubishir munguf birashitse ngivyo barabishitse nyenimbugit nuwuyifash ikirind MANA tabari uburundi nabarundi

  • ariko jewe abantu nukuri baransetsa... ukwo kumutinya nikwo kumuha inguvu.
    mbega iyo umuntu yitoje aba abaye president? mbega kubera iki batarindira ngo abanyagihugu bace urubanza ? mbega ko bavuga ko atwara nabi abanyagihugu ntibazomwima amajwi? kuberiki bibaza ko azotsinda amatora ataraba.niba abanyagihugu bamukunze bakaba bomutora kuberiki bohatigwa kuwo badashaka kandi uwobashaka ahari?ninde yonyishura ngo petter nkurunziza ibirungo 3 vyumukuru wigihugu ukamengo niwe azokwigira umukuru wigihugu? nikuki bamutinya? ikimbabaza jewe ariko ntaronka inyishu kuki kwitoza kwa Nkuru = kuba umukuru wigihugu ? inda nimunsigurire niba yarivye amajwi amatora ataraba tumwiyamirize hakiri kare.

  • Nduwimana asigaye akanura nkimpene ibuze umukiriya kubera ikinyoma ciwe cabuze aho gica , none NKURUNZIZA nikirwa mana muri CNDD ? Afuye CNDD izoba ibuye ?yavutse kubera CNDD ? Diplome yiwe ni ya CNDD ? Naho yigira Pasteur buramuroka adashoboye kubahirizaa amabwirizwa yabantu azoshobora ayari muri BIBLE nibabe bareka kuduhenda twarabahinyuye.

  • where is my comments sinzi niba mwafuse iciyumviro canje kandi ntatukanye nabajije ikibazo ukuntu umuntu avuga ko azitoza bagahita bemeza ko azotwara igihugu kandi amatora ataraba niba yivye amajwi muvuge tugarure hakiri kare ahandiho muha inguvu umugambwe wiwe ugahita wobona ko ufite umuntu atawundi bohiganwa

  • ko ubutegetsi bu tobakwira mwese ntimwokwironderera imirimo mutarinze gushaka gusesa amaraso y’abanyagihugu

  • Yemwe !Pastor NKURUNZIZA nareke n’abandi barongore igihugu,burya yafata ikiringo ubugira gatatu yoba atatiye igihango c’abarundi bose

  • Jew nibazako ikibazo atari ukwitoza ahubwo nukurenga amategeko!none muri DD ntawundi ashoboye kwitoza bafise baterenz amategko!?nayo kwitoza ntibisigura gutsinda ariko natsindwa pasteur mafioza!azosubira kuvuga ubutumwa hehe!

  • reka nishure ntawomufite nubwo yanse kunyishura ko umuntu kwitoza = bingana gutsinda amatora ataraba.. nasavye uwombwira niba NKURUNZIZA yarivye amajwi ataraba ntawuranyishura. uvuga ko ari ukurenga amategeko 2010 mwavuze ngo namatora yabandanya bazoba barenze amategeko mwandika inzandiko muri ONU ngo igihugu kigiye kuba nkakenya amatora mwayahevye arabandanya ntategeko narimwe mwemera kuko mutemera ninzego zatowe zemewe namategeko kuva ADC ivuye mumatora ntanarimwe mwigeze mushikiriza ijambo ngo mwere inzego zatowe none ayo mategeko muvuga namwe mutemera ni ayahe ? niba CDD-fdd itwara nabi emera muhiganwe nuwariwe wese mutsinde canke mutsindwe.ubwoba nubwiki ko mutinya guhiganwa na NKURUNZIZA> petter?

  • Nagira mbwire Mico ko atamvura idahita, ntawumutinya Nkurunziza!!!! Ariko kubahiriza amategeko namabwirizwa yigihugu navyo birakenewe, Ndumva uri umu DD, ariko gato bigiye kugaragara aho uvugishwa ngira nico uhanoba nawe uriko usha coba nka shobuja.

  • vyizigiro... ntunzi jewe sindi umu DD namba ntamugambwe nojamwo kuko ico umuntu yokora sukwinjiramumigambwe gusa.ariko ikibabaje abantu nkamwe aho mwokwishuye ikibazo nabajije nti muvuga gute umuntu ngo yabaye president wa gatatu amatora ataraba? nabajije nti niba yivye amatora vuga tumwiyamirize./ ubwoba nabwo nuwutazi ubwenge arabona abafite ubwoba bwo gutinya petter nkurunziza reka muje kurubuga muhiganwe twebwe abanyagihugu tuzohitamwo uwo dushaka. ntamuntu yotwara imyaka 8 yose ngo habure ibibi mumwagiriza abanyagihugu nibavyumva ibibi yabakoreye bazoreka kumutora naho kumutinya siwo muti .. amategeko muvuga nayo ntanarimwe mwemera ko Leta ikurikiza itegeko narimwe hatogwa itegeko dy’Amatongo ,mukavuga ko ridahuye nibwirizwashingiro hatogwa itegeko rigenga imyiyerekano nadyo mukavuga ko rihuye nibwirizwashingiro ivyo kutubahiriza amategeko muze mubanze mwemere nuko inzego zigihugu ziriho biciye mumategeko hanyuma muheze mwemeze ko zirenga kumategeko kuko ntimwemera inzego zihari kuko muvuga ko zagiyeho mubusuma ... abanyagihugu mureke bagaragaze aho bahagaze muri vyose Murakamisha arusha.... arusha hazogera aho ihava umuntu aronke akazi kuko abishoboye atakwitwaza ubwoko gira amahoro.

  • Nukuri MANA ndapfukamye tugirire imbabazi mu Burundi nkurunziza rekagukinisha IMANA ibizoba uzisinye gendaneza.

  • mubisanzwe sinunva ico aba DD bariye kuri nkurunziza ariko nubu nikakagwi kaguma gashaka kwonona igihugu batinya gushengezwa nayahandi bose suko bamuhurizako.ivyo nduwimana navyo yaraye ashikirije yarahahamutse nivyabaye mukigobe kuko sivyo yibaza.nakurikize amategek ntaco azoba murondere undi baruzuye

  • kubera iyo nduru muguma muvuza,twebwe abanyagihugu,canecane abanywanyi bumugambwe CNDD-FDDtuzotora Presidant NKURUNZIZA hama muheze mugumuke turabe ico mushikako,murabona ayo manyama yanyu,ahubwo namba mushaka kugumuka tangura ubu,kuko NKURUNZIZA azobandanya arongoye uburundi,

  • @ Mico? Ikibazo wabajije kirumvikana mugabo wategerezwa kutubarir’ ufit’imyak’ingahe? Woshobora kutubarir’ undi mupresident yitwara nka petero yigez’ atsindwa numwe? Ninde? Kim Jong Un? Bagbo? Viktor Janukovytsj? Mbarir’uwo wob’uzi mbere yo kubaz’ibibazo bisanzwe bifit’inyishu kubafit’amaso bose? Sinibaza ko har’uwumutinya nagato kandi urwo rubuga rwoguhanganirako sindarubona ahubwo byoba byiz’utubariy’ urworubuga nyene ngo twihitiremo:
    Mbe ko mbon’umengo uvugira Fdd urashobora kunyishura naje utu tubazo?
    1) why peter ategerezwa kwitoza mugihe ibwirizwa shingiro ritabyemera. Eg: nuko mumyaka 10 yatwaye yatej’uburund’ imbere economically kuva kuri point A gushika kuri point B. Canke se: Kuberako mugihugu cimpumyi hatwar’iyifite rimwe ribona and muri FDD akaba ariwe wenyene dufite yophya kubishobora abandi ba DD bos’akab’ar’ibijuju ntawamusubirira canke s’uk’ubibona kuri perpective yawe.

    Jewe kubwanje mbon’umengo ntagomba no kuduteshy’umutwe kubera 10 years amaze arwara byarigaragaje ko nantacimwe yishoboreye muby’ubutegets’uretse kuvuga,gukin’umupira no kwishushanya muma church.
    umuntu numuriro waduka tukarindira ko abanyarwanda aribo bawutuzimiriza,shoolaship zitigeze zikatwa no mugihe ca war zikabura. Woshobora kumbarir’ategerezwa kuguma yihat’iby’adashoboye. Twamutoye mbere ya 2010 ariko 2010 sinibaza ko har’umuntu afit’ubwenge yari kumutora kandi nubu nuko mugabo nibaze nib’ibyo muri africa ubizi.

  • periggo....jewe mfite inyaka muke kuko nibwo ngikwiza 35 years.. navutse 1979 kuntwaro yabagaza ... naciye ubwenge uguhe uwatwara BAGAZA yatubuza uburenganzira bwo gusenga aba cathorika ...navukiye mu commine ntega intara yakirundo igihe petero BUYOYA yarungika indege kuduhumbahumba narabona niga mumwaka wa 4 bwamashure mato... kuva ubwo ndazi intwaro zica kuko nivyabaye 1993 vyabaye mbona... ikibazo cimyaka ndakwishuye hanyuma uti ninde mu president aratsindwa nka peter Buyoya yaronse angahe muri 1993.. ? abo ba bagbo nabo niba mushaka muzakore nkuko abamukuye kubutegetsi bakoze nimba muzobishobora.
    kuko ndabisubiyemwonimba murizwa nuko mutwagwa nabi na peter hanyuma mukaba mubona yobatsinda muracarize barira abanyagihugu bamugire nkuko bagfize BUYOYA 1993.. niwo muti wonyene .. abanyagihugu bamutoye 2010...gusa gusa en direct uvyanke canke muvyemere... turavye amasezerano ya arusha niyo yonyene amubuza gusubira kwitoza .. duca tuiraba hagati yibwirizwashingiro namasezerano ya arusha igisumba ikindi... gusa ntimwumva... nubwo ibintu bitagenda neza nkuko abaserukira BNUB babivuze abanyagihugu nibo bazokwereka ko peter batamushaka biciye mumatora. uti why peter ashaka gusubira kwitoza nakwishuye niba yatwaye nabi abanyagihugu bazomusezerera mumatora .. ugwo rubuga nagwo ushaka rurondere nivyanka witware muri Onu. ivyo vyimiriro namasoko yahiye vyose genda ubisigurire abanyagihugu bagutore. .. genda ubabwire vyose maze peter azobure na 10%..naho jewe uvuga ko mvugira aba DD jewe muga aho ukuri kuri ..gira amahoro naho kuvuga ngo nikuberab iki muba DD harabuze uyundi yobishobora ahubwo bamuhinduye boba ari abaswa kuko bakeneye uwo nyene mutinya kugirango mutsindwe nezaneza. jewe ivyo nabonye kuva 1988 mpere hafi kugeza 2000. bituma nokuja gutora ntonajayo mbonye ko nosubira gushiraho abatwicira mumasengero bakaduturirira mumazu uwudapfuye akarara mumisozi nomumyonga akangaza abantu ... aho hoho ningwano abanyagihugu bararambiwe ntibarushe boyigwana. gira amahoro ngira ndakwishuye nuzana nibi ndavyishura jewe sindi umunyapolitike ariko ndayikurikiranira hagufi. gusa ntako jewe wishuye ibibazo vyanje neza nkuko nakubajije.

  • NDUWIMANA yakojeje agati muntozi ubu amaradio araronse inkuru ya burimunsi !!!! gusa biradyoshe bituma peter nkurunziza abona ukwo atinywa kandi bikamuha inguvu kuko abashobora kwongera kumutora bica biboneka ko ari beshi. umuntu bumva ngo azitoza amampobogo akabatanga imbere.. ngo turagowe p-eter yitoje ntaco tuzohanoba ntimutinye rero nkurunziza amanyagihugu ntibazomutora kuko yatwaye nabi .. nibo nyene bafite ijambo dyanyuma

  • NDUWIMANA yakojeje agati muntozi ubu amaradio araronse inkuru ya burimunsi !!!! gusa biradyoshe bituma peter nkurunziza abona ukwo atinywa kandi bikamuha inguvu kuko abashobora kwongera kumutora bica biboneka ko ari beshi. umuntu bumva ngo azitoza amampobogo akabatanga imbere.. ngo turagowe p-eter yitoje ntaco tuzohanoba ntimutinye rero nkurunziza amanyagihugu ntibazomutora kuko yatwaye nabi .. nibo nyene bafite ijambo dyanyuma

  • @ Mico. Ico ca Buyoya co uransubije mugabo byari kuba byiza iy’ umbarira nico Buyoya ahurirako nabariya bandi nasanishije na Petero, Har’ ibwirizwa shingiro bakubariye yigeze ahindura muntumbero yokugundir’ubutegetsi 1993? Canke mbere yo guh’ubutegetsi Ndayizeye? Any way kuba ibyo ntibikuraho kuba Buyo ar’ imwe muma Vampire makur’uburundi bufite.

    Sinigeze nkubaz’aho wavukiye nakubajij’imyak’ufite kubera nibazako ibibazo bimwe watubajije bisanzwe bifit’ibisubizo kumuntu wes’areb’ibibera kwisi nuko byama bigenda mumator’aba bamwe barinze guhindu ibwirizwa shingiro.

    Sinigeze ndakubaza kunsobanurir’ Ibya Buyoya na Bagaza kuko naho mbon’undut’imyaka 6 yose ibyabo (Buyoya na Bagaza) ndabizi kuko navukiye kuyindi side yakanyaru ,I kigali nd’impunzi, nitw’umwana wanyakarundi nkuk’umengo papa ntazina yagira. So sinibaza ko ibya history nkeneye kumenya
    byinshyi. Kuko na 1993 nari Bujumbura ndaz’ ibyashitse kuko na papa yariwe nizo vampires 1993.

    Nakubajije igituma wibaz’ ategerezwa kuhatir’ahindura ibwirizwa shingiro mugabo simbon’aho wansubije. Wumva Ategereza kubikora kabone nubwo byokweger’uburundi kuberak’ uva Ntega na Marangara????

    Jewe nakubariy’uko mbon’ibintu kuri perspective yanje nkumunyagihugu sinumva igitum’ unyishura nkurik’arishur’umunyepolitike canke abantu bensyi.
    Kuri 35 years wiyunvira ko har’umunyepolitik’afite time yo kuza kumoka ngaha nkuko jewe nawe tubikora? Byoshoboka kur’umunyepolitike and igituma bigushobokera kuza kumoka ngaha nuk’ur’ umu FDD.

    Nkumunyagihugu numv’ umengo Peter,FDD namwe abagaraza ko agomba guhindur’ibwirizwa shingiro kugira yitoze, mwategerezwa first of all kutubarira why? Mukatwereka EG: mURI 10 years dutwara twakuy’igihugu kuri point A tugitez’imbere kugera kuri point B and now tugomba duhindure ibwirizwa shingiro kugira dugikure kuri point B tugishitse maybe kuri point G. and not ntega na marangara. Jewe kuri perspective yanje mbona muri 10 years ntaco mwakoze and ntimugomba kwirigwa muhatiriza.

    Ariko kandi bivana na angle buri wese areberak’ibintu eg: Nkumuboyi wo kwa Peter kumubarira ko ntac’ubuna cakozwe muri 10 years byokuviramo kwicwa kuber’abirebera kuyindi angle. Sibyiza kwirigwa munduru ngaha and ntanumunyepolike ndumv’akom’amashyi ngo petero ntazitoze mbere nuwobikora nafuta nkikijuju. Muri realisme inzir’imwe yanze haba hari 999x 10^1000 sishobora gukunda.

  • piriggo.. ari ukumoka ndabona wowe ari wowe uriko uramoka .. kuko kuntuka no kunyita umuboyi wa peter ntaco biri bukumarire iciza nukwo wosanga nzabampema mugakura kubutegetsi peter mumugwanije. ivyibwirizwa shingiro kurihindura kugira yitoze nakubajije nti kwitoza bingana gutsi atarivye amajwi ntabwo wanyishuye biboneka ko wowe nabo murikumwe mufite igisharara cubutegetsi jewe nkora utwanje ntamugambwe nimwo ariko ndi umunyagihugu nkabandi.. nakubwiye uwo ndiwe ndakubwira imyaka mfite kugirango umenye neza kandi umenye ko hari ico nzi kuvyabaye ... itonde muturize umutima mureke guhahamuka nakubwiye ko ivyo kunegura bitabuze munegure mwoye gutinya umu candida.. wa cdd-fdd. ivyo ntatakimwe bizobagezako muzohugira kujugumira nokugira ubwoba mubure umwanya wokwitegura nico gituma muzohava mutsindwa .. saba uburenganzira bwanyu muje kurubuga ... musigure amabi ya ba DD hanyuma bavyumve babatore mumutsinde mukoresheje amajwi yabanyagihugu.. ivyubutunzi vya A na B bisigurire abanyagihugu babatore .. nibavyumva jewe sindi aho mudyanira mupfa ubutegetsi jewe nkora ivyanje ivyanyu ntabwo bindaje ishinga wana itonde...

  • piriggo.. ari ukumoka ndabona wowe ari wowe uriko uramoka .. kuko kuntuka no kunyita umuboyi wa peter ntaco biri bukumarire iciza nukwo wosanga nzabampema mugakura kubutegetsi peter mumugwanije. ivyibwirizwa shingiro kurihindura kugira yitoze nakubajije nti kwitoza bingana gutsi atarivye amajwi ntabwo wanyishuye biboneka ko wowe nabo murikumwe mufite igisharara cubutegetsi jewe nkora utwanje ntamugambwe nimwo ariko ndi umunyagihugu nkabandi.. nakubwiye uwo ndiwe ndakubwira imyaka mfite kugirango umenye neza kandi umenye ko hari ico nzi kuvyabaye ... itonde muturize umutima mureke guhahamuka nakubwiye ko ivyo kunegura bitabuze munegure mwoye gutinya umu candida.. wa cdd-fdd. ivyo ntatakimwe bizobagezako muzohugira kujugumira nokugira ubwoba mubure umwanya wokwitegura nico gituma muzohava mutsindwa .. saba uburenganzira bwanyu muje kurubuga ... musigure amabi ya ba DD hanyuma bavyumve babatore mumutsinde mukoresheje amajwi yabanyagihugu.. ivyubutunzi vya A na B bisigurire abanyagihugu babatore .. nibavyumva jewe sindi aho mudyanira mupfa ubutegetsi jewe nkora ivyanje ivyanyu ntabwo bindaje ishinga wana itonde...

  • mbere ahubwo ugize ico unyibutsa nsigurira akarambaraye mwamiza mukanwa ico gasigura? nidyahonyabwoko mwandika musigurira onu? canke? mbega ako karambaraye ninde azokarambika. guhindura ibwirizwa shingiro nikimwe kwitoza kwa petero nikindi... niba mubona mutohiganwa nawe ngo mumutsinde... ni kazi kanyu niba ababangamiri akababuza gusigurira abanyagihugu ububi bwa ba DD genda mumuburanye mumwitwarire canke mumugwanye bigaragare... priggo ndakubwiye ndakurahiye ivyo gutukana nukuranza imitsi ntaco bizobashikanako..

  • ndababaze abo ba dd est ce que mwagwaniye démocratie canke mwagwaniye gutwara ubuzima bwanyu bwose. niba mwa gwaniye democratie ni mureke rero kurega amategeko muya kurikize nko muri democratie nico gituma peter ataburegazira afise bwo kwitoza niba mwagwaniye democratie naho abanyagihungu bo mukunda bagashikayo muri democratie abwirizwa kubahiriza ibwirizwa shingiro bisigura ko atafise uburegazira bwo kwitoza niba naho mwagwaniye kuguma kubutegetsi niya dictature mwagwaniye, nugusubira rero kurubuga gwo kurondera democratie

  • Nyakwubahwa Petero Nkurunziza Jewe Ukondavyumva Woguma Udutwara Mpaka AhuBwo Ico Hinduka Nuko Woca Ukura. Kuvyara. KuvuZa .Kwiga .Kubuntu Bagatanga Amahera Nubundi Mbona Abo Wahaye Ibivyiza Aribo Bariko Barakurwanya Kandi Wari Wadukuye Aho Umurimyi Yakuye Inyoni Ayo Mamiriyoni Namamiriyoni Yoteza Igihugu Imbe Biciye Muyindi Migambi Kubwanje Nzogutora Mpaka..........................Kiretse Mfuye

  • amatati arimubanyeporitike nibareke kuyashira mubanyagihugu batobato kandi imigambwe yindi nibarekekwitwaza manda yaga3 gusa nibaje hamwe ntikibuzakobazotsinda imigambwe 42 ntiyotsindwa numugambwumwe?je simbonicobariko barapfa inyishiribonekeza twebwabanyagihugu nitwe tuzoburubanza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.