IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahoze badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura bemeye kwimukira kuri (...)

Abahoze badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura bemeye kwimukira kuri COTEBU

jeudi 7 Ruhuhuma 2013

Abadandaza bahora bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura batevye baremera kwimukira aho Reta iriko irategura ikibanza bazoba barakoreramwo, ico naco kikaba kiri ku kibuga c’ahahoze ihinguriro ry’impuzu COTEBU.

Ingingo yo kwemera kwimikira muri ico kibanza ikaba yafatiwe mu nama yahuje abahora badandariza muri iyo soko yari irongowe n’umukuru wa sendika y’abadandaza, Audace Bizabishaka.

Ivyo bikaba bibaye inyuma y’aho abadandaza bari barahiye bararengwa ko badashobora kuja kuri COTEBU batinya ko botakaza ibibanza vyabo hageze ko bagaruka kw’isoko nkuru ya Bujumbura.

Ariko n’aho biri gutyo abo badandaza bavuga yuko imbere yo kwimuka babanza kugiriranira amasezerano na Reta yemeza ko bazosubizwa ibibanza vyabo igihe isoko izoba yahejeje gusubigwamwo.

Abo badandaza barashima ingingo ya Reta yo gushiraho ikigega co gutororokanya infashanyo yabo, ariko bipfuza yuko hobaho ikindi kigega cokwegeranya uburyo buzokoreshwa mu gusubiramwo isoko nkuru ya Bujumbura. Ikindi basaba n’uko boshirwa mu mugwi w’abazoba bajejwe gukurikirana ikoreshwa ry’ico kigega.

Umuvugizi wa Reta Philipe Nzobonariba akaba yabishuye ko ata ntambamyi abibona mwo, ariko ngo vyose bizobanza kwemezwa n’umugwi udasanzwe ujejwe gukurikirana ico kibazo, uwo nawo ukaba urongowe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri.


Marie Claire Ingabire

Messages

  • mwihangane mukomeze kwizera imana niyo nkuru igikuru nubuzima akatara amagara baragasuma iteza inzara itera naho bazahaha mubike ubutunzi bwanyu aho umujura n’ imungu mutibagiye nubugesera bwumuriro
    IMANA ibazigame murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.