IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahuye n’ivyago vya wa mwuzurira basaba Reta gushitsa ivyo yiyemeje

Abahuye n’ivyago vya wa mwuzurira basaba Reta gushitsa ivyo yiyemeje

mercredi 25 Ruheshi 2014

Abahuye n’ivyago vya wa mwuzurira wo kuwa 9 na 10 Ruhuhuma bituye umuhuza w’abarundi basaba ko Reta yoshitsa ivyo yiyemeje igihe ibakura aho bari bahungiye, inyuma y’ivyago vyabashikiye.

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yakiriye kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 24 Ruheshi abaserukira abahuye n’ivyago vy’imyuzurira yo kuwa 9 na 10 Ruhuhuma 2014. Abaserukira abahuye n’ivyago baramutse bagendera umuhuza w’abarundi bamusaba ko yobashikanira ikibazo cabo muri Reta.

Nk’uko bivugwa na Juma Rukumbi, icegera c’umuvugizi w’umuhuza w’abarundi, abahuye n’ivyago bo mu Gatunguru barituye urwego rw’’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, bamusaba ko yobasabira muri Reta bakubahiriza ivyo biyemeje kubakorera.
Juma Rukumbi avuga ko Reta yari yemeje igihe yabakura mu mahema barimwo, ko izobaha imfashanyo igizwe n’imfungurwa zizomara amezi atatu, ama matelas, amafaranga yo gutanguza urudandazwa ruto ruto hamwe n’uburyo bwo kuganduka ku miryango yabo baburiye muri irya mvura y’isegenya.

Umuyobozi mukuru w’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda, agateka ka zina muntu yari aho muri uwo mubonano yishuye ko Reta yabahaye ivyo ishoboye kuronka. Abo bahuye n’ivyago, Reta ikaba yari yabahaye imfashanyo igizwe n’imfungurwa hamwe n’ibahasha igizwe n’amafranga 150000 vy’amarundi ku muryango umwe wose.
Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yaciye abasaba kuzana urwandiko ruriko ivyo basaba, hanyuma aheze arurungike nawe mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda. Yabemereye kandi ko ivyo bamushikirije agiye kuvyigira hamwe n’abandi basanzwe bakorana.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.