IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi bakora umwuga wo kumenyeshamakuru ntibaserukiwe bikwiye mu (...)

Abakenyezi bakora umwuga wo kumenyeshamakuru ntibaserukiwe bikwiye mu nzego

mardi 29 Nyakanga 2015

Abakenyezi bakora umwuga wo kumenyesha amakuru mu karere k’ibiyaga binini bamenyesha ko imwe mu ngorane ibahanze ari uko abakenyezi badaserukiwe bihagije mu nzego zifata ingingo mu bimenyeshamakuru.

Mu nama yahuje abakenyezi bakora umwuga wo kumenyesha amakuru mu karere k’ibiyaga binini,umukuru w’ishirahamwe ry’abakenyezi bakora umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi AFJO Agathonique Barakukuza yavuze ko abakenyezi bafise ingorane yo kudaserukirwa mu buyobozi bw’ibinyamakuru.

Muri iyo nama umukuru w’ishirahamwe Search For Common Ground Floride Ahitungiye yavuze ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira amaradiyo yaturiwe asubire kwugururwa.

Mwomenya ko iyo nama yari yatewe iteka n’umushikiranganji ajejwe ibimenyesha makuru,gutumatumanako amakuru n’ubuhinga bwa none.


Van Naris Mugisha

Messages

  • ariko ivy’ubu biragoye pé! mbega abo bakenyezi barajwe ishinga n’uguserukirwa mu mwuga utakibaho muri kino gihugu, nibaza ko ababajijwe ari bamwe ba nyakuri tumenyereye ahandi ho icihutirwa mu Burundi kubijanye n’ugufata ingingo muvyo kumenyesha amakuru atari uguserukirwa, ahubwo n’uko umwuga wosubizwa itega wambuwe n’ubutegetsi butunya ko ivyo buriko burakora bimenyekena bigaca vyerekana neza n’akaranga ka mwe n’ivyo bikorwa biberwa n’ikinyegero!
    ariko kandi, ku bijanye n’ubuserukizi hari ivyadutse muri ino myaka ya mondialisation: iyo bavuga ko umurwi wose w’abantu woserukirwa uko witwa binasigura ko uwinjiye muri izo nzego aba yiserukiye wenyene. ubu ngo abana badaserukiwe, abavyeyi ntibakibaserukira ngo bibe bikweye,abagabo badashobora duserukira abagore n’abagore nyene burya ntibazoba baserukiye abagore bose! murazobiraba neza.

  • ahubw bonyar
    utsa kugurura ayomaradiyo ,kuko har benshi bahamereye nabi.

  • Aba putchistes baragize neza kudukurako za nzogera z’imbwa ziri mw’ishamba ngo ni ama radio,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.