IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi bariyemeje gutsimbataza amahoro

Abakenyezi bariyemeje gutsimbataza amahoro

mercredi 16 Nzero 2013

Urunani rw’abakenyezi bishinze gutsimbataza amahoro rubifashijwemwo na International Alert,Afrabu,Cafob hamwe na Dushirehamwe rwaratunganije uruganda ku rwego rw’igihugu kuva kw’igenekerezo rya 15 gushika kw’igenekerezo rya 17 Nzero,ico kiganiro kikaba gishingiye ku twigoro two gusubiza hamwe no gukomeza imibano,bikaba vyatunganijwe bishigikiwe na reta ya Norvege.

Kubwa Pascasie Barampama icegera c’uwurongoye urunani rw’abakenyezi bishinze gutsimbataza amahoro,ngo intumbero y’urwo ruganda ngo ni iyo guhanahana ivyiyumviro ku twigoro twogirwa kugira amahoro atsimbatare hongere habe imibano myiza mu gihe hakirindiriwe ishirwaho ry’umurwi wo kuvugana ukuri no gusubiza hamwe.

Muri ivyo bikorwa rero bizomara imyaka 3,ayo mashirahamwe agomba guhimiriza abanywanyi babo ari nabo ba mbere bakorwako n’intambara,n’abarundi bose muri rusangi kugirango bakore mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro hamwe no gufashanya hagati yabo,no kwubahuka kuvuga biciye mukuri iyvabaye mu gihe c’intambara zabaye mu gihugu.

Abakenyezi bari muri ayo mashirahamwe rero bagomba gutanga intererano yabo mu bijanye n’umugambi wo gusubiza hamwe no gutsimbataza amahoro mu kwibutsa abarundi ko bose bakeneraniye ku rwego bariko rwose.

Kubwa Zenon Manirakiza aserukira International Alert avuga ko ishirahamwe aserukira rishima utwo twigoro twerekana urugero abakenyezi b’abarundi bagezeko mu gikorwa co gusubiza hamwe abarundi.Yamenyesheje kandi ko igikorwa cabo ari ngira kamaro mu ntwaro ibereye y’igihugu.

Nkuko umukuru w’igihugu yamenyesheje ko umurwi wo kuvugana ukuri no gusubiza hamwe ugiye kujaho vuba,Zenon Manirakiza yabahamagariye kuguma bitanga mu bikorwa vyo gusubiza hamwe.

Twobamenyesha ko urwo ruganda rwari rwitabwe n’abari bavuye mu ntara zine arizo Cibitoke,Gitega,Muyinga na Rutana,bakaba basabwe guterera mu bikorwa vyo gusubiza hamwe kugirango babere akarorero abandi.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.