Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi binjiza ibidandazwa bivuye hanze bakwiye kumenya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abakenyezi binjiza ibidandazwa bivuye hanze bakwiye kumenya (...)

Abakenyezi binjiza ibidandazwa bivuye hanze bakwiye kumenya amategeko

mercredi 2 Gitugutu 2013

Abakora urudandazwa rw’ivyinjira biciye ku mipaka bakwiye kumenya n’ukwigishwa amategeko agenga urwo rudandazwa, gutyo barekane n’ingendo yo gicisha ibidandazwa mu kinyegero, kuko yaba Leta canke abo badandaza ata n’umwe ahungukira.

Ibidandazwa vyinjira mu Burundi bitunze imiryango myinshi mu Burundi. Muri iyo miryango, abarenga ibice 74 kw’ijana ni abakenyezi. Abo bakenyezi ntibazi amategeko agenga urwo rudandazwa, kenshi mbere ugasanga ntibananditswe mu bakora urwo rudandaza. Iyo ivyo baranguye vyibwe, bagira ikibazo co kugira uwo bokwitura kuko baba batazwi. Ni muri iyo ntumbero, ubushikiranganji bw’ubudandaji bufadikanije na ONU FEMMES bateguye icigwa co kuraba ingene urwo rudandazwa rwo ku mbibe z’igihugu kandi rw’abantu bato rwotezwa imbere kugira bakore borohewe, biciye mu mategeko, bareke kwama bikinga ibisaka mu kwinjiza mu gihugu ivyo baranguye mu bihugu bibanyi.

Umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi, Victoire Ndikumana yari yaje gutanguza uruganda rw’iminsi ibiri rwatanguye kuri uyu wa gatatu, rwo kurabira hamwe ivyavuye muri ico cigwa cakozwe, bagitosore bongere bacemeze yamenyesheje ko abakenyezi barangurira mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko bozohatorera akoyokwe mu bikorwa vyabo. Abo bakenyezi b’abadandaza, nk’uko vyamenyeshejwe na Victoire Ndikumana, umushikiranganji w’ubudandaji, bazosangwa ku mipaka, basigurirwe ivyokorwa kugira bakorere ku mugaragaro kandi bunguka.

Victoire Ndikumana yamenyesheje ko inganda nk’izo zo kwigisha amategeko abadandaza zizoshobora gutorera inyishu ibibazo vy’ukutumvikana hagati y’abatoza amakori n’abadandaza, nk’ibimaze iminsi ku badandaza ibitenge bo kw’isoko kwa Siyoni.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.