Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi bo muri Frodebu barababajwe n’ibikorerwa abakenyezi badandaza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abakenyezi bo muri Frodebu barababajwe n’ibikorerwa abakenyezi badandaza (...)

Abakenyezi bo muri Frodebu barababajwe n’ibikorerwa abakenyezi badandaza ivyamwa

samedi 21 Kigarama 2013

Abakenyezi bo mu mugambwe Sahwanya Frodebu barasohoye itangazo biyamiriza ikubagurwa rimaze iminsi rigirwa abakenyezi badandariza ivyamwa n’imboga mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura.

Muri iryo tangazo ryasohotse kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 20 Kigarama, abo bakenyezi bo mu mugambwe Sahwanya Frodebu basohoye itangazo aho biyamiriza ikubagurwa rimaze iminsi rigirirwa abakenyezi badandariza ivyamwa n’imboga mu mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura. Kuva isoko ihiye igatokombera haribonekeje urudandazwa rwo mw’ibarabara na cane cane urwo ivyamwa n’imboga. Guhera mu ntango z’iyi ndwi, abo badandaza nta gahengwe bigeze baronka kuko igipolisi caguma kiboma inyuma, kizana imiduga kiburiza. Mbere hari umukenyezi yahatswe kuhasiga ubuzima mu gihe yatembagajwe n’umupolisi. Aba polisi bo bavuga ko, iyo ngingo ariya musitanteri wa komine Rohero, abasaba kwirukana abo badandaza ku mvo y’umutekano hamwe n’isuku.

Abatari bake bariyamirije iryo yirukanwa ry’abo badandaza, umupfasoni Epiphanie Bigabo arongoye urunani rw’abakenyezi baharanira demokarasi ishingiye ku gusabikanya (OFESODE) avuga ko abo bakenyezi babajwe n’ibimaze iminsi bishikira abo badandaza b’ivyamwa. Avuga ati :’’ Abo bakenyezi barinze kugurana umutahe kugira basubire kudandaza, none raba n’utwo bihangayikiye bakaronka igipolisi kica kidutwara.

Urwo runani rusaba Reta ko yoreka kubaturatuza mu gihe itarabaronsa ahandi bakorera, kanatsinda ngo nta mudandaza adandariza ahatariho abaguzi. Asaba Reta kandi kubuza igipolisi gukoresha igikenye. Uwo mupfasoni asaba kandi Reta gushumbusha abatwawe utudandazwa twabo, kuko abenshi ni bantahonikora hamwe n’impfuvyi zitunze batoya babo, bigatuma rero baguma binjira mu bukene. Arangiza asaba abo badandaza gufatana mu nda muri bino bihe bitoroshe barimwo.


Floxella Karire

Messages

  • Ndibaza neza ko ivyo bidakwiye gukogwa aho mwokubagura aba mama bacu bariko baronderera kazoza abana tuvukana n’ikibafasha imisi yose. Nimba bakeneye ivyiyumviro bobisaba tukabaterera. S’uBurundi bwonyene bufise abantu badandariza kuri Pavement, eka hose aho tubona ivyo birahari. Ni bige igikenewe, ntibabuze aba mama gukora, ahubwo habe uwubakurikirana umusi ku musi, araba uko isuku rimeze aho bakorera, bishobotse banariha Tax. Nico nobasaba, ahandi ho sinibaza ko hamwe hoba harimwo abapfasoni babarongoye Igisagara bokora ako kazi sinibaza ko bokubagurwamwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.