Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi bo muri Sahwanya FRODEBU bariyamiriza ipfungwa rya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abakenyezi bo muri Sahwanya FRODEBU bariyamiriza ipfungwa rya (...)

Abakenyezi bo muri Sahwanya FRODEBU bariyamiriza ipfungwa rya Bamvuginyumvira

mercredi 18 Kigarama 2013

Abakenyezi bo mu mugambwe Sahwanya FRODEBU basaba ko Ferederiko Bamvinyumvira, yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ubu akaba ari icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU, ko yorekurwa, kuko ataco ariko aragirizwa, atari irementanya.

Mw’itangazo basohoye ku munsi w’ejo kuwa kabiri, abakenyezi bahurikiye mu mugambwe Sahwanya FRODEBU bamenyesha ko bafata ivyashikiye Ferederiko Bamvuginyumvira nk’inyuruzwa ryakurikiwe n’ipfungwa. Nk’uko tubimenyeshwa na Joselyne Murekatete, icegera c’uwurongoye abakenyezi mu mugambwe Sahwanya FRODEBU, ipfungwa rya Ferederiko Bamvuginyumvira ryazanye icuka kibi muvya poritike. Abo bakenyezi bo muri Sahwanya FRODEBU bamenyesha kandi ko biyamirije ingendo igayitse y’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi yo gukoresha inguvu kugira ushike ku nyungu zawo, ivyo navyo bikaba bitosekaza intwaro rusangi.

Abo bakenyezi basaba Reta y’Uburundi kurekura umushingamateka Ferederiko Bamvuginyumvira ata na kimwe kirinze gusabwa, guhagarika amarementanya ata na kimwe agamije atari ugusinzikaza agateka ka zina muntu n’ugushikana bamwe ku nyungu zinyegeje, gusubiza umuryango wa Ferederiko Bamvuginyumvira amafaranga n’ibintu vyose yatwawe igihe afatwa n’abajejwe umutekano.

Barangiza basaba inzego zo kwivuna abansi, abajejwe umutekano n’urwego rw’ubutungane kwirinda kuba ibikoresho vy’ubutegetsi, amakungu nayo agasabwa gukurikiranira hafi ibibazo vya poritike y’Uburundi, cane cane muri kino kiringo igihugu kigira cinjire mu matora, kugira amabi yahitiye mu myaka iheze ntasubire kwibonekeza mu Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.