IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakuru b’imigambwe basaba kwongerwa ikiringo c’ugutanga impapuro (...)

Abakuru b’imigambwe basaba kwongerwa ikiringo c’ugutanga impapuro zikenewe

mercredi 8 Ndamukiza 2015, par Egide N

Abaserukira imigambwe bamenyesha ko batigeze boroherezwa n’abajejwe intwaro mu kuronswa impapuro zisabwa n’umurwi CENI ku bazokwitoza mu matora y’abajenama b’amakomine hamwe n’ay’abashingamateka. Basaba ko bokwongerwa ikiringo.

Umurwi utegura amatora CENI umenyesha ko utararonka amadosiye y’abazitoza mu matora y’abajenama ba komine, umuvugizi w’uwo murwi akamenyesha ko abo bakeneye kuzokwitoza bavuga ko vyabagoye kuronka urupapuro rwemeza ko baba muri iyo komine, mu ntambamyi bahuye nazo, abo bakeneye kuzokwitoza bakavuga nk’iminsi y’akaruhuko yaheruka, hamwe n’abasitanteri bataboneka mu biro kugira batere imikono kuri izo mpapuro zikenewe. Abakuru b’iyo migambwe bagasaba ko ikiringo cokwongerezwa, canke bareke abitoza bazane ivyo bamaze kuronka, mu kurindira ibindi.

Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa CENI avuga ko umurwi CENI uzokwiga ikibazo c’ukwongereza ikiringo mu gihe vyokenerwa, akamenyesha ko muri CENI barindiriye kuri uwu wa gatatu inyuma ya sasita, akaba ariho bizeye ko intonde zihava zizanwa.

JPEG - 20.7 ko
Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa CENI

Ntahorwamiye Prosper akavuga ko umwanya uturahera, kuko umusi wa nyuma ari kuri uwu wa gatatu mu ntara zose.

Tubibutse ko umurwi CENI waheruka kugabanya impapuro zisabwa abitoza, igipapuro ca "Bonne conduite, vie et moeurs", hamwe n’ica "Aptitude physique" cemeza ko umuntu akomeye akaba arizo umurwi CENI wabaye urakuramwo, ariko muri CENI bakazoca bazisaba inyuma y’amatora ya mbere, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’umurwi CENI.
Tubamenyeshe kandi ko intonde mfatakibanza z’abiyandikishije mu muce wa kabiri zamanitswe kuva kuri uwu wa kabiri, abanyagihugu bagasabwa kuja kuziraba, abatisanzeko bakaba bafise imisi itatu yo kwitura CENI.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.