IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamaratiri b’i Buta barerekanye umutima w’ubumwe bari bafise

Abamaratiri b’i Buta barerekanye umutima w’ubumwe bari bafise

lundi 29 Ndamukiza 2013

Ejo aho bukera kw’igenekerezorya 30 Ndamukiza umwaka w’2013, imyaka cumi n’itandatu izoba irumanye inyuma y’urupfu rwahitanye imikangara 42 yiga mw’iseminari i Buta bishwe n’abarwanyi bitwaje ibigwanisho ba CNDD.

Abaroberi binjiranye aho abanyeshure b’i Buta bari baryamye m’uburaro bwaho ,isaha cumi n’imwe zo mu gitondo.Abo banyeshure bakaba bagire bitegure baje mu gisabisho co mu gitondo nk’uko vyari bihasanzwe, niho baja bumva induru y’abantu babinjiranye batazi iyo baje bava , abo nabo bakaba bari abaroberi bari baje bafise ishavu ryinshi kugira bice abanyeshure bava mu bwoko bw’abatutsi.Baca batangura kurasa amasasu menshi kugira n’abari bakiryamye bose bavyuke.

JPEG - 32.4 ko

Muri ako kanya , baca bumva ijwi risemerera cane gusumvya ayandi , ry’umukeneyezi avuga mururimi rw’ikinyarwanda. Uwo nawe akaba yava mu bwoko bw’abahutu bacitse kw’icumu , yagirizwa kandi ihonyanbwoko ryo mu 1994, mu Rwanda. Aca atanga itegeko kuri abo banyeshure bo muri ubwo buraro bw’ i Buta kwicamwo imirwi ibiri,abahutu m’uruhande rumwe, abatutsi mu rundi ruhande kugira hicwe gusa abari mu bwoko bw’abatutsi.

Abo banyeshure b’i Buta ntibemeye kwitandukanya, bagumye hamwe bose bafatanye mu nda.Abo bagizi ba nabi baca babasukamwo amasasu, babicira hamwe ata kinya. Mu gihe atari bose bari bwapfe, abari bakiriko baranihira , baciye biyandaza batangura gusubiramwo amajambo ya Yezu yavuze ari k’imusaraba ngo « Mukama, babarire kuko batazi ico bakora ».

Inyuma y’imyaka ibiri bibaye, mu gihe umuhisi Papa Yahani Paulo wa kabiri yari yasavye gushigikira ibirori vyo gusozera imyaka 100 ekleziya gatorika ibayeho i Bujumbura, uwahoze ari musenyeri w’ i Paris mu gihugu c’Ubufaransa, umu cardinale Jean- Marie Lustiger yaciye avuga mu majambo yiwe , kuri iyo mikangangara yo mw’iseminari , ko ekleziya gatorika y’ i Burundi ifise ibakwe ryo kugira abana nk’abo bazoguma ari akarorero mu mwete, mu rukundo no mu mibano nyakuri n’abandi mu kugaragaza ukwitanga gukomeye.


Egide Nduwimana

Messages

  • nkivyo cnnd -fdd ntanico ibivugako??je hari ibintu bintangaza ivyo bavuga vyoose vyomu 72 nivyo baze barabishiramwo nivyinshi ivyo nivyo muzi amarorerwa yakoze na cnnd fdd ntavurwa!!je nari mfise imyaka itarenga icenda aho natangura kurara mwishamba misi yoose tukamana intekera kumutwe amashule twigamwo isengero baratutira inka zabatutsi zoose baratema izindi bararya nubu ntibarazidusubiza,abantu birirwa bica umenga ntibarahaga kwica!!uwo ndakugarika ngo siwe yararongoye ico gitero ga yemwe cishe ivyo bibondo ntiyidengevya ubuho ntiyirwa cica!!mbega iryo shano ryumukecuru yarahejeje kwica inzirakarengane murwanda amaraso yabatutsi yaramaze gusesa ntiyari bwayahage???ubu wosanga ari muntwaro mugihugu c,uburundi kitari niciwabo aho mwomurungitse u Rwanda rukamuhana kuvyo yakoze!!Uburundi bwaragowe Imana niyo izokura mucobo burimwo!!!

  • dusabe umutima wo gukunda bagenzi bacu nkabo banyamikangara b’umukama

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.