IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bahimbaje umunsi mukuru wabo bapfutse iminwa

Abamenyeshamakuru bahimbaje umunsi mukuru wabo bapfutse iminwa

dimanche 3 Rusama 2015

Umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwingenge bw’ukumenyesha amakuru, wahimbajwe mu Burundi, uwo munsi ukaba washitse ibinyamakuru n’abamenyeshamakuru batorohewe.

Uwo munsi wama uhimbazwa ku wa 3 Rusama, ukaba washitse nk’uko Antoine Kaburahe arongoye ikinyamakuru IWACU abivuga, amwe mu maradiyo adashobora kwumvirizwa hagati mu gihugu, RPA yarugawe, ayandi maradiyo nayo yaraciriwe imirngo ya terefone. Ariko nk’uko Antoine Kaburahe abandanya abimenyesha, naho uwo munsi wahimbajwe hari umubabaro, n’umunezero urahari, aho avuga ko abarundi n’amakungu bashigikiye abamenyeshamakuru nayo umushikiranganji wo kwivuna abansi, yaraye avuze ko hategerezwa kwubahirizwa amasezerano y’Arusha n’ibwirizwa nshingiro.

Abamenyeshamakuru b’abarundi rero bakaba bahimbaje uwo munsi bambaye udupira twirabura, bapfutse n’iminwa vyerekana ko bari mu kigandaro. Abo bamenyeshamakuru, bakaba bavuga ko uwu munsi ushitse, mu gihe bamwe bakubagurwa, iradiyo RPA yarugawe, ayandi nayo nka Bonesha, n’Isanganiro zishobora kwumvikana hagati mu gihugu.


IGIHE

Messages

  • abamenyeshamakuru ni bihangane natwe turi kumw namw kko mwebwe bababujije kuvuga natw batubujije kumviriza ariko agatek nitw tukironderra nahacu ho guhaguruka

  • Bapfutse ku munwa,kabisa,iyo baba baciwe indimi niho bari kumenyako bakubagurwa abo batutsi bagumura igihugu n’amaradio bakuye mu vyo batunyaze!!!

  • Bapfutse ku munwa,kabisa,iyo baba baciwe indimi niho bari kumenyako bakubagurwa abo batutsi bagumura igihugu n’amaradio bakuye mu vyo batunyaze!!!

  • Ahubwo abatwara sindabumva, numvirije ibintu i radio RPA yashikiriza buri musi nahora niba nti mbega uburundi ntamategeko akibaho, ntibukigira ababutwara canke ni ubwoba ? Ahubwo bari baratevye kuyugara. Niba ibintu biri uko biri unomusi, RPA yarabigizemwo uruhara runini cane, ahubwo ba responsables bayo bategerezwa kuja imbere y’ubutungane.

  • Birababaje kubona rpa yugarwa ariyo abanyagihugy

  • Mbega Vuganeza uwomara abatutsi ugira woca utunga? Ihangane naho ari bake ntibazohera. Iyo ngwara y’amacakubiri yagufashe uraja kuyisengera.

  • bamenyeshamakuru nimureme natwe abanyagihugu turabafashe mumugongo kuko nimwe jisho ryacu

  • Je m’adresse àtoi Niyibitanga Gabriel. Ndagusigurire neza R.P.A. Ni iradiyo itarya umunwa ishikiriza amakuru y’ukuri aba yatanzwe n’abenegihugu (sur terrain). Ivyiyumviro vyawe birerekana uwo uriwe naho ubwenge bwawe bugera. Inkuru tureka kuzikura Kuri R.P.A kandi ibiriko biraba tukabironka umunota ku munota. Nta wunyegeza umwotsi....ivya abatutsi n’abahutu womenya ko ubu abarundi ari bamwe. None mwatwaye muri abahutu,bene wanyu mwabamariye? Abenshi bishwe abandi mubakanyuruza ntibaba ari bene wanyu b’abahutu? Iryo perereza ryagirizwa amabi angana iki? Icecekere uronse umutsima wirire gusa ivya politique ubirekere bene vyo.

  • nibe namwe babafungishije udutambaro ahandi babashyiraho ingufuri.

  • ivyo bavugaga vyari ibiki!!?? bimwe vyatumye abantu bata amago yabo bakajya kwangara!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.