IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bahimbaje umusi mpuzamakungu w’ubwigenge mu kumenyesha (...)

Abamenyeshamakuru bahimbaje umusi mpuzamakungu w’ubwigenge mu kumenyesha amakuru

vendredi 3 Rusama 2013

Uko umwaka utashe, kw’isi yose barahimbaza kw’igenekerezo rya 3 Rusama umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge mu kumenyesha amakuru. Mu Burundi ihimbazwa ry’uwo musi mukuru ryatanguwe n’urugendo rw’abamenyeshamakuru, bava mu kibanza citiriwe ukwikukira gushika ku kigo c’abamenyeshamakuru.

JPEG - 45.9 ko

Urwo rugendo rukaba rwabaye mu mutekano ntangere, aho abajejwe umutekano bataburabuje abamenyeshamakuru nk’uko vyaheruka kugaragara. Ku vyandiko bari bafise, uretse icivugo catowe mu Burundi kuri uyu musi, hariko amajambo asaba umukuru w’igihugu ko atotera umukono ku tegeko rigiye kugenga abamenyeshamakuru ritaratosorwa ngo ryisunge ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko n’amasezerano uburundi bwateyeko igikumu.

Ibirori nyamukuru vyabereye mu kigo c’abamenyeshamakuru, hakaba hategekanijwe guhanahana ivyiyumviro hagati y’abari batumiwe harimwo uwasarukiye umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru, abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu nka UNESCO na BNUB, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, umukuru w’urwego rugenzura itangazamakuru mu Burundi, abaserukiye amashirahamwe ataho yegamiye muvya politike.

JPEG - 44.1 ko

Bisunze ko ata kazoza igihugu kiba gifise iyo abamenyeshamakuru badahawe ubwigenge mu kurangura umwuga wabo, bahava barabira hamwe uruhara rw’abamenyeshamakuru mu gutsimbataza intwaro rusangi, amahoro, umutekano, n’intwaro ibereye.

JPEG - 39.5 ko

Uwurongoye urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi, Alexandre Niyungeko amenyesha ko uwo musi ushitse mu gihe agateka k’abamenyeshamakuru katubahirijwe muri rusangi, ivyo bikunyurwa n’itegeko rigenga umwuga wo kumenyeshamakuru ryatowe n’abashingamateka n’abakenguzamateka. Akizera ko Kizigenza Nyenicubahiro umukuru w’igihugu atazotora iryo tegeko ryiyamirizwa n’abarundi n’amakungu.

JPEG - 42.6 ko

Umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru watangujwe n’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, muri Kigarama umwaka w’1993, inyuma y’inyigisho zari zatanzwe zijanye n’iterambere ry’ukumenyesha amakuru muri Afrika, mu bwigenge. Izo nyigisho zabereye i Windhoek mu gihugu ca Namibie mu mwaka w’1991.

Amasezerano ya Windhoek ategekanya gushiraho no kwubahiriza umwuga wo kumenyesha makuru uhurikiyemwo ibinyamakuru vyinshi harimwo n’ivyigenga kandi akerekana akamaro k’itangazamakuru ryigenga kandi riteye imbere mu kubungabunga demokarasi muma Leta. Uwo musi mpuzamakungu w’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru uhimbazwa uko umwaka utashe igenekerezo rya 3 Rusama, ari nawo musi ayo masezerano ya Winndhoek yatereweko igikumu.

Uwo musi mukuru wamaze kuba nk’umugenzo wo kumenyesha abao vyega ibijanye n’ihohoterwa ry’agateka k’umumenyeshamakuru, kw’isi yose, mu kwibutsa abamenyeshamakuru benshi bahakwa kugandagurwa canke bagatabwa mu mvuto iyo bari ku kazi kabo ko gutanga inkuru.
Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bukaba bugereranywa n’ibuye ry’umushinge mw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, n’ingwati ko ayandi mateka ashobora kwubahirizwa.

JPEG - 40.2 ko

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.