IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bariko barahabwa inyigisho zijanye n’ukurwanya (...)

Abamenyeshamakuru bariko barahabwa inyigisho zijanye n’ukurwanya igiturire

mardi 19 Myandagaro 2014

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ rifadikanije n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, kuva kuwa 18 gushika kuwa 19 Myandagaro, ryaratunganije inyigisho ku bamenyeshamakuru zijanye no kurondera amakuru ajanye n’ibiturire.

Muri izo nyigisho zizomara iminsi ibiri, abafashe amajambo bose, barasavye cane ko abamenyeshamakuru bofata umwanya uhagije mu gukora amakuru ajanye n’ibiturire. Umukuru w’ishirahamwe UBJ , Alexandre Niyungeko yamenyesheje ko kurondera amakuru ajanye n’igiturire ari ikintu kitoroshe, kandi gifise ingingo ngenderwako ziyagenga, ariko ugasanga mu binyamakuru vyinshi vyo mu Burundi nta makuru nkayo bakunze gukora. Kugira umuntu ashobore gukora amakuru nkayo, n’uko rero aba afise umwanya ukwiye hamwe n’uburyo bukwiye.

Alexandre Niyungeko yamenyesheje ko ishirahanmwe arongoye UBJ, ryateguye izo nyigisho ku vyerekeye kurondera inkuru zijanye no kurwanya igiturire kugira abamenyeshamakuru bagire ubumenyi bukwiye ku bitari bike bijanye n’igiturire. N’akaryo rero kw’ishirahamwe UBJ ryo gutera akamo ku basanzwe babafasha kugira bashigikire ibinyamakuru mu kazi kavyo ka minsi yose, ko kumenyeshamakuru. Yasavye amashirahamwe asanzwe akorera mu gisata c’intwaro ibereye muri rusangi hamwe no kurwanya igiturire vy’umwihariko, gukorana n’abamenyeshamakuru mu gutanga inkuru zikwiye ku vyerekeye kurwanya igiturire.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo kumenyeshamakuru hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka Fréderic Sigejeje, yamenyesheje ko ubushikiranganji bushimishwa n’ico gikorwa ca UBJ co gutanga inyigisho ku bamenyeshamakuru ku giturire, kuko vyagaragaye ko abamenyeshamakuru bo mu Burundi bakora akenshi amakuru ajanye n’igiturire mu buryo bwo hejuru batinjiye cane mu mizi. Kuri ubwo ,yamenyesheje ko ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bwiyemeje gushigikira ibikorwa nk’ivyo bijanye no kwongereza ubushobozi bw’abamenyeshamakuru, na cane cane iyo ari ibintu bikomeye bijanye no kurwanya igiturire.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.